IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibiro vy’umukuru w’igihugu biriyamiriza ivyo bimaze imisi vyagirizwa

Ibiro vy’umukuru w’igihugu biriyamiriza ivyo bimaze imisi vyagirizwa

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Jean De Dieu

1. Ibiro vya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu biramenyesheje ko hariho inkozi z’ikibi ataco zibanga zimaze imisi zisohora inzandiko, aho mbere zigana n’umukono w’Umukuru w’Igihugu, zikaremeka inteba ishushe ibiro vya Nyen’Icubahiro Umukuru w’Igihugu mbere n’Umukuru w’Igihugu ubwiwe.

2. Ibiro vya Nyen’Icubahiro Umukuru w’Igihugu biriyamirije izo nzandiko zamaze kuba akamenyero k’abatovyi bamwe-bamwe, atakindi kibaraje ishinga atari ukwambika ibara n’ugurtyoza Urwego rw’umukuru W’Igihugu.

3. Ibiro vya Nyen’Icubahiro Umukuru w’Igihugu biramenyesheje ko atari ubwa mbere inzandiko nkizo zifatwa, aho usanga hari abashira umukono ku nzandiko biyandikiye bonyene, mbere bakiha n’uturusho bakabesha ko ari ingingo yafashwe na Nyen’Icubahiro Umukuru w’Igihugu, aruko gusa biganye urupapuro rwo mu biro vy’Umukuru w’Igihugu, mbere bakanigana umukono wiwe.

4. Ibiro vya Nyen’Icubahiro Umukuru w’Ihihugu birateye ivyatsi mwene izo nkozi z’ikibi aho mbere usanga zihuvya n’abashitsi bagendeye Uburundi, bakazihereza bene izo nzandiko zitirirwa Umukuru w’igihugu, kandi ikibabaje n’uko abo bashitsi bamwe-bamwe bazakira uko bazihawe n’izo nkozi z’ikibi nyene, ntibaheze ngo batohoze ngo bamenye ko ari irementanya, ukwanguha n’ugurtyoza Umukuru w’Igihugu n’Uburundi.

JPEG - 52.7 ko
Urwandiko rwari rumaze iminsi ruhanahanwa, ruteweko umukono n’umukuru w’igihugu

5. Kuboba batabizi, Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu biramenyesheje ko ataho ryakabonetse ngo Umukuru w’Igihugu yandikire ikete umuntu asanzwe, naho yoba ajejwe amabanga ameze gute. Umukuru w’Igihugu nta n’Umushikiranganji yandikira kuko uwo n’umurimo w’abayobozi bishikira bo mu bisata bitandukanye vyo mu biro vy’Umukuru w’Igihugu. Vyumvikana rero ko Umukuru w’Igihugu, atandikira n’umushikiranganji, atokwandikira umuntu asanzwe.

6. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu biramenyesheje ko izo nzandiko atakindi zigamije, atari ukujuragiza abenegihugu n’ugushaka kubatungura umutima bababuze kwitegurira amatora batekanye, mbere banadebukirwe mu bikorwa vyabo vya misi yose.

7. Izo nkozi z’ikibi zigana zikongera zigakwiragiza izo nzandiko n’abansi b’igihugu bakwiye guhanwa hakurikijwe amategeko. Nibo babo nyene bakwiragiza urukurukuru ngo ibigwanisho biriko biratangwa, ngo ingwano igiye gusutama mu Burundi, n’ibindi binyoma nk’ivyo atakindi bigamije atari ukurya umutima abarundi mbere n’abanyamahanga baba mu Burundi.

8. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu rero birasavye bishimitse abajejwe intwaro, abajejwe gutohoza mu gipolisi, hamwe n’abajejwe ubutungane, guhiga izo nkozi z’ikibi aho ziri hose ziheze zihanwe hakurikijwe amategeko y’Igihugu.

9. Ibiro vy’umukuru w’Igihugu biboneyeho gusubira guhumuriza Abarundi n’ababa mu Burundi bose ko ata nzu iriko irasha, ko umutekano ari wose , ko uwuzohirahira akarondera kuwuhungabanya azokwibonerako.

10. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bisavye kandi Umwenegihugu ahari hose, mu ntara zose, mu ma komine yose, mu ma zone yose, mu mitumba yose no mu ducimbiri twose ko bokwama barikanuye, ntihagire uwubononera umutekano, baronse babanje kubira akuya.

11. Mu kurangiza, Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu bisavye abenegihugu n’abandi baba mu Burundi kwitondera cane inzandiko n’amasanamu bimaze imisi bikwiragizwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru nka Facebook, Whatsapp, Twitter n’ibindi. Biramaze kugaragara ko imburakimazi zibukoresha cane mu kubesha, kwiba, kugumura, guhuvya n’ayandi mabi atawoyadondagura ngo ayamare.


IGIHE

Messages

  • Muze nitwe twagutoye ariko twibahiriza arusha

  • ibindi baravyiyamiruza mbe iyohapfuyumuntu kwarakamizwe n ingoma!!! baravurwa?? reka turinde kazoza

  • Yeeemwe! ibintu birakomeye abarundi tusab,imana itufashe kuko ibihe ntivyoroshe nagato igipolisi gifise akazi katoroshe

  • Murakoze.cane ntacobazoshikako mutama.

  • Ark ibirwanisho vyaratanzwe naho mubihakana. Ubu hageze naho baja gutora ibiri mu makambi ya gisirikare, bitanzwe nabajejwe kubicungera. Mukubihoyahoya bavuze ko hazimiye uniforme.zigisoda. journal igihe muzodutohoreze ivyabaye i Nyanza-lac

  • None nta birwanisho nwatanze mu MBONERAKURE? Ubuho mubikura mu makambi ya gisirikare, eka na uniforme mukiremeka izuba riva atacamira. Journal igihe dutohoreze ivyabaye Nyanza-lac.

  • KOMERA MUTAMA UWUKWANKA AKWANDUREKO. IZO MBURAKIMAZI UMUTI WAZO UZOVUGUTWA RINDIRA BURAKEYE NTIBURIND’IMPESHI.

  • Guma kur Vala nyakubahwa president ntibazoducarukana.

  • Komera mutamz murakoze kuri uwo mucobabo ni abangushi ntaco bazodhikako

  • MANA TABAR U BURUNDI ub niw usigaj gukor nah abatwar wanduhay babay basumir inda ntibacibuk ic twagwaniy tugases amaras ya ben wac atac dupf nah turik tusabir bo sh ab ny politique twarabahinyuy twarabony ni nda gus ntakind gus turaba savy mugir ivyany muhez ntimundusubiz mugwan ham muz mutoboran inda mwenyen aben gihug mutubabarir mubiherez iwany muturek twenyen twikorer ham mupf ivy bit vyany merci

  • kuvya mandat ya 3 gute?
    abo bashitsi nabo hahaha nabo s’abana barazi kumenya inkuru yo niyitariyo.mwebwe rema kabisa.
    jew ico nsavy umukuru w’igihugu sikindi ni muve murako gacerere muturemeshe.ehe iminsi iriko iragenda.vuga aho muhagaze kubibazo bitwubakiye.

  • Mwakoze cane kuduha umuco twebwe abenegihugu isinzi turi inyuma yawe kandi tuzogutora uri indongozi ya ksrotorero

  • mubavire hasi muherey kuwoba yabishiz kuri fb kuk wew usanga yorosh gufata hama abakwanka bakwandureko

  • OYA NTACO AVUZE !!!IKIBAZO KO AGIKWEPA CA MANDAT??AREKE KWITEZA UTUNYONI AKURE IBIRWANISHO NA BAMENJA BA ADOLPHE KANDI ARABIZI

  • Nyakubahwa twebwe turashima ivyo mwadukoreye ivya mandat ya kabiri uwo bazoduha niwo tuzotora kandi nta ntambara twiteze

  • Iyaba HABYALIMANA yarafise numero zawe za telefone yoguteye akamo ngo ukize amagara yawe kuko nawene yibazako ahenda amakungu. pauvre Burundi

  • abantu babesha nkamenibibintu,baronderw bahanwe.guma kwivola mtama abagumiza mandat mandat mukanwa uzobabwirj hageze ari regime izobavyibusha

  • komera mutama turinyuma yawe

  • nukubasengera, bazobiheba.

  • N’ukuri ntaho vyakabonets aho abantu basigay biha kwigana umukono w’Umukuru w’Igihugu! Nukuri hamwe basi hogira uwo inzego zifata, turasavye muzomuhane kand mumutwereke kur Radio n’Imboneshakure vy’Igihugu bishobotse bamushire mu modoka bamucishe mw’ibarabara bose bamubone!
    Ahasigaye; murakoze kuturemesha mur ibi bihe bamw bamw bihaye intumbero yo gutera ubwoba abenegihugu bakoreshej ububeshi, ibihuha, .......

  • Nyakubawa ,twebwe twari twabibonye kera ko ari inzomburakimazi zifise akazi ko gushaka gucanishamwo abarundi.Rema tugushigikiye turi benshi.abashaka gusubiza igihugu mu ngorane ntaco bazoshikako.

  • Jewe mbona wobanza mutama ukagabanya ibi bihuha biriho kandi namwe mutomore neza ko muzitoza muvuge na 3 ème mandat,kukj mubiravye ubwoba nibwinshi mugihugu mutwara

  • Ibihuha? Ba babikira muheruka gukerera vyari ibihuha? Babana mwahenda mugaca mubicira i Cibitoke vyari ibihuha? Iyo ndege ivugwa mwariye, n’igihuha? Reka Nyamitwe na Shobuja kuba mwiyambika izera imbere naho muri amabingira!

  • Wihende witoze ubugira gatatu hari ico uzobona. Ibirwanisho ntimwabitanze none? Ingorane ni wewe nyene uzitera.

  • Wewe wategerezwa kumenya abanyamabanga bawe ingene mukorana mudacanamwo,ahandihoho,Ibintu biyangaye ahonyene ntimushobore gu controlant abanyabanga banyu,bicabigora ingene mushobora kumenya abanyagu murongoye

  • Hari hakwiye umutahe wokurondeza abangushi bandika inyandiko bakigana n’umukono w’umukuru wigihugu. Twisunze ubuhinga bwanone birashoboka ko uwavyanditse afatwa agashika imbere y’ubutungana. Twifashishije ibihugu ducuditse nka Afrika yepfo ayo makete yose yarakwiyw kwegeranirizwa hamwe akaba examiner vyanke bikunde ntihashobora kubura nikete narimwe jyoba ritarakogwako n’abantu bose atari nyene kurikwiragiza. muti mbe examination iba gute. Letter scanner muri machine biometrique bagaca babona finger print jy’uwayanditse hanyuma haca habaho numeration ariyo ica itanga ifoto yuwanditse canke uwa distribuer iyo tract ubwambere.

  • Ahubwo muratwenza,gute abanyamahanga batokwemera ukuri kwanyu? Muragebe isi irabagiye ari nini!

  • Umukuru w’igihugu uretse icubahiro uhabwa nabanyagihugu, urumuntu nkabandi kandi umeny ko aho wicaye hahoze hicaye abandi naw uzotinda uhave! Mbge ikirngo ca3 kwataco ibivugako? Uraturuhije nukure meza ukinjure! Wamariy iki abanyagihugu? Atari kubapfunga, kubica nayandi mabi anuka yose! Twaraguhinyuye...!

  • emwe IMANA Idufashe none ntanakimwe kivugwa arico?mbese kwatamatohoza yahabaye bafatira kuki mukubeshuza ko ababivuga bo batanga uburorero.!muraraba neza

  • Ahaaa, ivyo bintu c’est suspect, kandi nta nicemeza ko ari ukuri kuko ata rwandiko na rumwe mwaduhaye ngo turabe ivyarivyo kugira tumenye n’ingene twovyirinda. Baca umugani mu kinyarwanda ngo umutego mutindi wica nyirawo!

  • Uguma kuri vorant nkande ?Reka abandi bajeho kuko mwese nukuraba uko mwobaho.MBE KUTINYA GUTANGAZA AHO UHENGAMIYE WANKA KUBONA IBINTU BIMEZE NKA ROUGE MUGIHUGU COSE?

  • Mutama murarabe neza. abo bandika ivyo ntaho bataniye na bamwe batera amazirantoke president Ntibantunganya.Murabe maso inkoni ya kubise mukeba... kandi mwibuke kakaririmbo ngo "nta murundi wumutima yovyibagira kiretse ikijuju gusa"

  • je sinokwemeza ko abiyitirira imbonerakure bose bera. ariko twikebuke gatoyi. mbe ibi bigwanisho vyafatanwe umu MSD hirya yeho mu Gihosha, aya ma bombe yafatanwe um FNL yitwa Athansase mu Gakungwe kabezi,ibi vyafatanwe um MSD mu Rumonge vyo babihawe nimbonerakure?ahubwo ababijejwe muromnderere hose na cane mu ma quartier ya Bujumbura ntihera muri iyi misi

  • Umwanya mugifise iyo pouvoir nimwisigure mutange amategeko mugabo uwigize urujo bamuyoza ivu,mbega mweho vya vyigo vyanyu ngo "Mvako"iyo ni language ihumuriza? mbega vya bipurizo mwaturitsa hirya no hino muri irya manifestation harya vyari hymne nationale? mwariko mutanga message iyihe?mbega impunzi zunvise muturitsa birya bipurizo mubona bogira umutima woguhunguka?sigaho sigaho abarundi babarabirako nimutekereze, ubu mu Burundi hari akajagari kenshi haba muri Leta canke mubatavuga rumwe,aho bizotugeza Imana niyo ihazi.

  • mutama hangama turakubona nahoharabashaka gukamisha intambara turababona koaribo bamaze kuyitegura bahwirabantu ngiintambara izotera mwitoje nibobayiteguye kuko ntibazoja meobarabara twihangane icigihe umunyagihungu azoja mwibarabara ixobiyanguye kandi izohera kumunyagihugu azibayagiyeyo urumvantibizoroha hazirwa umunyagihugumutoyi rero mpanure abenegihugu nibareke gukwegerwa mumabarabara ntarukiza bazokurayo atari mumpekure abonyene babikeneye barazojeyo nabana babo mugabo abanyagihugu turyaturushe turabihakanye abanyagihugu ntituzobitaba nkuko twabigize ahaheruka barijane

  • Ivyo ntagitangaje kirimwo systeeme DD yaruhije aba DD ubwabo none uracakora iki kuntebe y’umukuru w’igihugu ko abo mwasangiye gutwaro ubu muhigana nkinyabu n’imbeba aho ntiwota ukomoka ntuzi ko ata wusomera induru ivuga ariko usenge kugira Imana iguhe ubuhungiro.

  • eeeeh,ni generation CNDD FDD irimw’ibarabara yiyamiriza mandat ya 3,wabuze kubivuga hakiri kare ko utazitoza none hazogera aho bitazoba bigikundako uvuga EGO canke OYA

  • GUMA UTUYOBORE TUKURINYUMA NTUKANGWE N’IBIVUGWA KUKO N’AMABOMPA YO MUKIBIRA NTIWAYATINYE,UDUKIZA ABADUKATA AMAJOSI NGO TURI ABANYAKAMENGE N’INYANKA BURUNDI,TUZIRA UBWOKO TUTATOYE TUJYA KUVUKA.

  • Ariko c mwagiye mwibaha abayobozi uzi ukuntu basuzugura umukuru wigihugu?bagiye mumatora hama bakamurusha ubu ntimubona kwarukumutinya?

  • Petero nkurunziza ngo yavumereye ngo abatanshaka nzotanguza ingwano iwabo iherere iwabo, uwuzokarisha ruzomumwa, amatora azoba mu muhaoro na nyuma yaho, abahunga nabo sindamenya ico bahunga uretse impuha hhahaha, wosetsa nuwuvuye guhamba nyina, mu Gwanda hamaze gushika abarundi ibihumbi umunani (8’000) naho Firipo nzobonarigwa nako nzobona riba ngo ni majana umunani hahaha Petero we yobora ndabe.

  • jewe.icombon.anuko.yoherez.aabandi.kuko.inguvu,sizozubaka,igihugu.kandi,amenyeko,uwaguhaye,inka,ariwe,ayikwaka.navyura,intamba,azamenyeko,igihugu,ciwe,kizohomba,kandi,nawe,ubwiwe,azohomba.:elic,hakza,prôv kdo comm bni. kididiri sawa mubdi mukomeze,muryane,muva.ind.aimwe.

  • Ndabaramukije Nagira Mpanure Reta Yuno Muyi Yikubitagashi Isejere Neja Kubona Abagumya Banga Bahindutse Abamenabanga Ico Nobwira Umukuru Wingihungu Navugishukuri Nahandi Amaraso Agiye Guseseka Vuba.Ibirwanisho Biriho Ryaratajwe Mubangagihungu Bimbonerakure Iyi Reta Mumisi Mike Mumeji Make Ingiye Kuba Leta Yifata Kibaja Isubireko Buyoya Nije Ndabibabwiye Kuko Ndabibona Igeje Habi.Pierre Nkurunziza Ivyobamushingiye Baramuhenze Yamara Yitoza Yareka Ndabonamaraso Aseseka Hono Muburundi.

  • AHUBWO ABO BIGANA AMA SIGNATURE MUGERAGEZE BAFATWE KUGIRE NGO BAHASHWE KUKO BARENZE IHANIRO...KANDI TWEBWE ABANYAGIHUGU URAGUSHIGIKIYE MUTAMA WACU PETERO NKURUNZIZA.

  • emwe niba koko petero asenga Imana y’ukuri natange kuko iyo mana irazirana n’ikinyoma ubujuju,ugusahura na kwigungirako

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.