IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Iterabwoba rikorerwa abamenyeshamakuru rirabandanya

Iterabwoba rikorerwa abamenyeshamakuru rirabandanya

jeudi 16 Ndamukiza 2015

Iterabwoba rikorerwa bamwe mu bamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru vyigenga rirabandanya, aho umumenyeshamakuru wa Isanganiro yatewe ku muhana iwe, uwa RPA i Muyinga nawe ahabwa umutahe wo kwitaba ubutungane.

Spes Caritas Kabanyana akorera radiyo Isanganiro mu ntara ya Bubanza

Spes Caritas Kabanyana akorera radiyo Isanganiro mu ntara ya Bubanza avuga ko abamuteye baje iwe igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuri uyu wa 15 Ndamukiza, batera ibintu bimeze nk’ivyuma ku mabati, ivyahavuye mbere binayatabura. Uwo mupfasoni akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ariko azira akazi asanzwe akora, aho hari abantu bamutera ubwoba, mbere akavuga ko atinya ko ashobora kunyuruzwa, mu gihe arivyo bisanzwe biharawe i Gihanga, aho asanzwe aba.

Alexis Nimubona akorera RPA mu ntara ya Muyinga

Eka si we gusa, kuko na Alexis Nimubona akorera RPA mu ntara ya Muyinga afise umutahe wo kwitaba Ernest Nduwimana, umushikirizamanza wa Republika muri iyo ntara. Alexis Nimubona rero akaba atashoboye kwitaba uwo mutahe kuri uyu wa 16 Ndamukiza, kuko yari yafatiriwe. Akaba yatumweko ku mvo z’amatohoza nk’uko vyari ku mutahe umuhamagaza. Alexis Nimubona rero avuga ko ariko azira inkuru yatanze y’impapuro zitagira imikono zimaze iminsi zizunguruka mu ntara ya Muyinga, izo nazo zikaba zagabisha abatazotora Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu, ko bazibonerako.

Kuri ivyo bimaze iminsi bikorerwa abamenyeshamakuru, ishirahamwe CAFOB riharanira agateka k’abakenyezi muri rusangi n’akamuntu baratera ivyatsi iryo terabwoba, bagasaba ko abajejwe intwaro n’umutekano bokingira abo bamenyeshamakuru bariko baraturatuzwa, nayo amatohoza kubateye Spes Caritas Kabanyana akaba vuba bwango, kugira abakoze iryo shano bamenyekane, bahanwe hakurikijwe amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abakorera iyo radio babaye nka Sida ivurwa ntikire kugezanaho imititayo yitwa iyogupfupfaza canke kugabanya ubukana bwayo jewe ukondabibona nugugagarika iyorandiyo RPA tukavurwa rimwe kotubangamiye itangazamakuru ariko tukaruhuka kwanatwavuzwe ngo u Burundi bubangamiye itangazamakuru ryaburimusi, ugiraguti ukumvango Bubanza umumenyeshamakuru wa RPA aratotezwa, Muyinga ukwo, Ngozi ukwo, Bujumbura ukwo, Gitega ukwo, muntarazose bakoreramwo ukwo!.

  • ewe birasesemye eka izina niryo muntu wew uvyi Burundi ntavyo uzi!RPA nijwi ryabanyagihugu tutayumvirije ntaco twoba tukimenya

  • @Birasesemye
    Wiyise izina ritari ryiza,ariko ndagushigikiye,aba batutsi bo ku maradiyo amwamwe bashaka kwigira des stars,abakozi ba FBI,ivyo bavuga ngo batotezwa mu ma provinces no mu gihugu cose,ni uguhuma amaso abanyagihugu bacu badasobanukiwe neza ingene ayo ma radio ari akaranda mu gihugu,bakwiye uwubasigurira akabakebura ,bakanka kubaha ibiganiro kuko ivyo bababwiye baca bagenda bakabihinduramwo ivyo aba opposants babatumye,kuyugara gusa ubwo birakwiye?,nuko iyo ntwaro yacu imeze neza iyaba jewe noyisutseko ama bombes ijana nkazoja i lahaye kuvyemanga !!!

  • njye mbona Rpa izira yuko ivuga amagambo yukuri,mwihangane murise wiphubyi nabafakazi nabatishoboye,njyewe mbona mengo RPA itegetse igihugu, harakaramba rpa abamenyesha amakuru murambara kigabo muzatsinda .

  • "@birasesemye na vuganeza" murateye isoni! ubwo murakenyeye mushigikire ko abamenyeshamakuru batotezwa? Erega namwe umusi umwe birashobora kubashikira! vuganeza we, isoko y’amacakubiri yararemuye kera, wahora he? Kiretse niwaba wiyumva canke wiyizi ko uri umuhutu afise ubuhutu kurusha abandi bahutu bose.

  • @Vuganeza ivyo widedembesha rero sha hari gihe woyasuka agahindukirira iwanyu mbaho mwigibiro biteze mwibaza komutava amaraso ivyo mugira vyose biramenyekana kuko mutaribanga kandi ataryo mwigeze,ivyo birwanisho mwishimirije mwirirwa muratanga rindira gato bizohera kuri mwebwe tubaragijisho ntaho mujotujana irahe naho mwitwaza ntaho muzoja kuko ntama burende mwampaye

  • @mc kay
    Ayo macakubiri yaheze ryari,murahenda abanya cendajuru,abo bamenyeshamakuru na société civile nibo bayatsimbataza jewe nimumveko

  • @manzi
    Uracavuga wewe ko abahutu bava amaraso,urabaza nibo bayava bonyene abatutsi bava za cortan na za diamant,mbega ayo mabanga uvuga ni ayahe,aho ibanga namenye ni irihe,navuze nti ari jewe izo radio nozisukako bombes aho namenye irihe banga,ivyo bigwanisho ko arimwe mubifise mushaka kudusamaza ngo imbonerakure nizo zibifise!I la haye muhatubwira iminsi yose muratujanayo hanyuma muhore,nico gituma nsubiyemwo ko iyaba jewe noziranduye na bombes hanyuma mukanjana i la haye muhaya,la bas on mange trois fois par jour,arivyo kudutucungisha ijisho eh ben tuzocungana turabe,wewe uracafyina ,nkubwiye uko wumva iki ivy’uko zohindukirira i wanje ivyo nabitinya kera ubu hakuba imbwa woba imva,nimwigirire ivyo mushaka na Peter yishinga gusenga akibagira amabingira y’abatutsi amukikije!

  • nahimana gusa kuko aho umuntu ntiyoshora twizere ko abajejwe umutekano ko bagiye gukora amatohoza

  • @vuganeza ivyo vyabatutsi tubishire hasi kera narinzi kumwansi wanje arumututsi arico ca natumye njamwishamba ngo ndiko ngwanyumwansi kumbe umwansi yari yaramayeri yinda uwumusi umwansi wanje numuhutu mugenzanje ahubwo kimwe noguhanura worekana utwo tujana bahuhendesha kukurikurya amaraso yabo wavyaye nimbuvyara uragakizwa

  • Je kweli ndabona ko vyahazany kuko aba DD Ntibashaka ko ukuri kuja ahabona kuko bakora ububi bwinshi,ko badutse aba journaliste harabavye mais ntibazobicira rimw amakungu ,ndazi arumva abarundi urwo tugowe ahubwo nabandany adutegurira ubuhungiro baz basigar batwara amavoka n’imyembe batey vyo bitavuga nakare vyovyo birashiriye daaaa!!!

  • barundi bene wacu jewe mpejeje gusoma ivyiyumviro bitandukanye vyanditswe, harimwo ibitutsi vyinshi bishingiye ku moko vyanteye agahinda kubona aho mwotera intambwe muja imbere muyitera muja inyuma , mbega ni nde umuntu yaremye umuhutu canke yaremye umututsi nibaza ko ata numwe wisanze uri umuhutu canke uri umututsi, none Imana yarihenze mukurema umuhutu canke umututsi ? Ko wiyita umunyabwenge woburanya Imana uti warihenze? Mbega uriko uraraba ubu nigihe c’abahutu n’’abatutsi canke ni imigambwe ? Ico rero nico kikwereka ko igituma abarundi bacanamwo basangiye igihugu baremwe n’Imana imwe bavuga ururimi rumwe ari inda zabo bakitwaza ubwoko canke imigambwe kugira bashike kuco bifuza namwe ntimuce ubwenge ngo mubankire kuba ibikoresho vyabo, ntushobora guhonya ubwoko na bumwe kuko siwe waburemye akarorero ni mu rwanda none ubona vyarakunze? ntibishoboka uba uriko wikwegera umuvumo gusa umuti rero ndawukurangire, izere umwami Yesu wihane ivyaha vyose uce ugira urukundo ruva ku Mana rukunda umuntu uwariwe wese ataco urinze kuraba, aho rero uzoca uba umukozi w’Imana uce ureka kuba umukozi w’abanyakibi. Aho rero ivyawe bizogenda neza ugira umugisha, ugire urukundo ku muntu wese n’amahoro mu mutima. Imana ibigushoboze mwene wacu ucicaye mu vyaha hungira muri yesu ntupfe ngo uzuje mu muriro. kandi humura Imana yaturemye iratubona izotuzigama, nturabe canke ngo wumve ibivugwa ahubwo raba yesu ni we azotugwanira intambara tumwizere gusa tumwambaze twejejwe kandi usengere abarundi bose, abaganza n’igihugu aturinde umwansi satani aho yoturuka hose. Yesu akugirire neza. Basenzi,senga Imana irazi ibikwiriye kurusha abantu kuko ariyo izi kuroranya ibintu ntimwibagire ko kuganza kuva ku Mana, senga rero ubarire Imana ico ukeneye nayo izokora ibibereye ku Gihugu cacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.