Umuhingamo wo kuri uwu wa kane waranzwe n’umutekano muke utewe n’amasasu menshi yumvikanye inyuma ya gerenade yatewe iruhande y’ahakorera Interbank, ishami ryo kw’i Jabe.
Umwe mu banyagihugu badandariza mw’isoko ya Jabe amenyesha ko kubera ayo masasu na gerenade vyumvikanye nk’igihe c’isaha icenda, ibikorwa muri iyo soko ya Jabe vyaciye bihagarara.
Uwo munyagihugu avuga ko yiboneye abantu babiri harimwo umuporisi, bari bapfuye, akavuga ko boba bahitanwe n’iyo gerenade yatewe n’abantu batamenyekanye.
Igiporisi ntikiramenyesha ivyononekariye muri ayo masasu yumvikanye, n’iyo gerenade yatewe. Abantu batamenyekana igitigiri bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
Muragabe Mwigumye Natwe Turinyuma Tuzomutsinda Vyanka Vyakunda Mwihangane