Jabe : Umunyeshure Linka Orly Kabanga yatowe ikiziga

Yanditswe na IGIHE
Kuya 14 octobre 2015 saa 02:51
Yasomwe : 142533
0 0

Ikiziga c’umwigeme catowe muri karitiye ya Jabe, hafi y’aho bita KWA NTEKUMUTWE. Abamugandaguye bakaba bataramenyekana.
Uwo yagandaguwe azwi kw’izina rya Linka Orly KABANGA, akaba yari umunyeshure kw’ishure ry’imyuga ETG (Ecole Technique de Gestion) ryo mu Nyakabiga.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha kandi ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, kw’i Jabe muri zone ya Bwiza, kw’ibarabara rya gatandatu, inyuma ya SETEMU, hari gerenade imwe yatewe, ikaba yahitanye ubuzima bw’umupfasoni (...)

Ikiziga c’umwigeme catowe muri karitiye ya Jabe, hafi y’aho bita KWA NTEKUMUTWE. Abamugandaguye bakaba bataramenyekana.

JPEG - 145.3 ko
Ikiziga ca Linka Orly Kabanga catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu

Uwo yagandaguwe azwi kw’izina rya Linka Orly KABANGA, akaba yari umunyeshure kw’ishure ry’imyuga ETG (Ecole Technique de Gestion) ryo mu Nyakabiga.

JPEG - 38.6 ko
Linka Orly KABANGA yahora ari umunyeshure kw’ishure ry’imyuga ETG (Ecole Technique de Gestion) mu Nyakabiga

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha kandi ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, kw’i Jabe muri zone ya Bwiza, kw’ibarabara rya gatandatu, inyuma ya SETEMU, hari gerenade imwe yatewe, ikaba yahitanye ubuzima bw’umupfasoni umwe.

OP1 NKURIKIYE Pierre, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko no mu Nyakabiga kw’ibarabara rya gatatu, inyuma ya Kaminuza y’Uburundi, hari gerenade zibiri zahatewe ariko ataco zononye, akaba yari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro.

Muri Kanyosha, Kajiji, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, OP1 NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko hari izindi gerenade zibiri zatowe n’abaporisi zinyegejwe mu murima.


Kumenyekanisha

1
Anicet Ntahitangiye 20-10-2015 à 14:05

Uwo Mwigeme Imana Imwakire Mubwami Bwayo.Ew Yemwe Nkabo Bazohanigwah ?Umuryango Wiwe Wihangane.

2
NDADAMWE.COM 19-10-2015 à 17:41

Nakamaramaza kubona ibara riguma rigwa mugihugu citwa ngo carikukiye !none inzego zumutekano ziriko zirakora iki ?

3
izabayo lionel 18-10-2015 à 20:33

umuryango wuwo mukobwa wihangane kandi police nayo ishyireho ingufu zogushaka abagizi banabi.

4
Nshimirimimana.Jotham 17-10-2015 à 20:28

Manayuburunditabara.Ubwokobwawekuko.Igihugukigeze.Ahumwansi.Ashaka.Mana.Giricubwiye.Abasavyibawe.Nugusengera.Igihugucuburundi.Nayahandi.Biragoye

5
fidelite 17-10-2015 à 09:56

Abatutsi bariko barakora ibishoboka vyose ngo amakungu avuze induru ngo ooooh genocide,bariko bica benewabo n’abahutu kugirango bishoboke,iminsi iriko iragenda igitigiri kitarakwira nico gituma bariko barakwakwanya,izo ni plans z’abanyarwanda.

6
dismas 17-10-2015 à 05:52

Emwe, ni igihe co kwisubirako maze tukabana nk abahutu abstwa n abatutsi, uwatow n abenrgihugu agatwarira bose ariko n injavyi zikabimenya !

7
GACA 16-10-2015 à 19:56

nkuwo munyeshure yaziz,iki ?yooo !!Mana garukira uburundi.

8
nkeshiarcade 16-10-2015 à 13:02

Ibi bintu biriko biba vyarengeye uburundi naho bamwe bavuga ngo bazovyimarira ! Abasenga mukovye ! Shetani nta turotse

9
girubuntu 16-10-2015 à 10:35

Fidelite ndakugaye ntakugaraguye ;iyo utaba warumwigeme.wanyereye ntakundi abatutsi nibo bariko bapfa bonyene canke nabamenyereye kunywamaraso bamaze abana kwibubu ibuta no muri bugendana ;teza nahandi nahandi/hakenewe kuvuga ukuri gusa ivyabaye vyarabaye

10
Uzabakiriho 15-10-2015 à 20:01

Twamaganye Ubwicanyinkubwo Muvandimwe Bacu Duturanye.

11
fidelite 15-10-2015 à 18:15

@nkurunziza
None uyo mukobwa sa mbiri z’ijoro yariko akoriki mw’ibarabara ?Ivyo bigwanisho mwishimiriza muzobimarisha abanyu rindira gato,burya aho ntusanga ari umu copin wiwe yayimuteye yamuvanze ?Abatutsi je ndaziko muzomarana.

12
nkurunziza 15-10-2015 à 11:01

leta y u burundi nireke kuvuga ko mu burundi hari umutekeno kuko igihugu kirimo umutekeno abantu ntibapfa buri munsi ntaninkoho zumvikana buri munsi.ibiganiro byonyine niwo muti w u burundi

13
jacko 15-10-2015 à 08:52

barundi ndababwiza ukuri muri munzira yihonyabwoko pe.mwarebeye kuvyabaye mu rwanda.

14
Redempteur 15-10-2015 à 08:45

Ndababwiza ukuri,muri ino minsi Satan yabonye ubuhungiro kwa Nkurumbi. Sinumva ukuntu un president d’une nation aryama agasinzira igihugu kimeze nk’uko uburundi buri muri iyi minsi. C catastrophique kabisa

15
remegie 15-10-2015 à 06:42

NIHATARI UWUCISHA INKOHO NAWE NYENE NIYO IZOMWICA NTAMUHINGA WISI

16
one love 14-10-2015 à 21:59

mana tabara uburundi nkakumwe watabara Daniel ari murwobo rw intambwe

17
doni hakizimana 14-10-2015 à 21:38

mbega igihugu cacu kizohagarika ubwicanyi rya ?

18
Kaga 14-10-2015 à 20:19

Imana nimwakiremubwani bwayo nayo amatohozayo yama yakozwe mugabo ntaco yarashikako rere hari umucemanza mukuru womwijuru gusa niwe twiteze niwe azorenganura atagiturire

19
None ? 14-10-2015 à 19:55

Ariko nkununtu avugako atoshikiriza ikirwanisho abajejwe umutekano ngonimpaka azogite agihitanishije abantu mwumva abakirumuntu ! Jewemwenuwo ndamwita gikoko muntu.kubera abantubeshi ngaha Bujumbura baribaregeranije ibirwanisho kuvakera ububakabababona bagiyekubifatanwa bariko barabikoresha kubwishi ngobibaveko babihitanishije abantu ! Erega bakora nkivyihebe nuko igihugu bifatungingo vyatangajeko ngaha Burundi uwukora ibibibi nkivyivyihebe ariwe ncutiyavyo !.

20
che 14-10-2015 à 17:53

Condoleances a la famille. ni hatari pe, abantu babaye inyamaswa kabisa, mbega nta nubwo mifuse ubwenge bwo kwigira ku vyabaye mu Rwanda, komeza muzibonerako ndabarahiye !

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha