Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > JELIM: Abashaka abo bakundana bahawe akaryo keza
JELIM: Abashaka abo bakundana bahawe akaryo keza
lundi 2 Ruhuhuma 2015
Umunsi mukuru wahariwe abakundana uteguwemwo igiteramo c’agakura cataziriwe "nomukura he". Ibitangaza bitari bike hamwe n’amatombola birategekanijwe kuri uwo munsi.
- Olivier Hakizimana azotanga icigwa kuri "Nomukura he"
Umunsi mukuru wa "Saint Valentin" canke umunsi w’abakundana uriko utegurwa mu buryo budasanzwe n’ishirahamwe "JELIM PREMIER EVENTS". Ibirori vy’uwo munsi w’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2015, bizoba birimwo abaririmvyi karuhariwe mu ndirimbo mpimbazamana bo mu Burundi no mu karere, abo ni: umurwi Redemption uzwi mu rukurkirane rw’indirimbo YUGURUYE NTAWUGARA, umuririmvyi wo mu Buganda Kanji amaze kuririmbana na Kidum hamwe na Amani azwi mu mudiho wa Jazz.
Nk’uko bivugwa na Natacha, iruhande y’abaririmmvyi hazoba hari Reynolds Butari azwi cane mu kiganiro "nomukura he"na Olivier Hazikimana bazosobanurira abazoba bagize amahigwe yo gushika muri ico giteramo uko umuntu ashobora kuronka umuhungu canke umukobwa yipfuza. Kri ivyo hazoba hari bibazo aho uwuzobitora azohabwa amahigwe yo gufungura ico bashaka muri Hotel Outlook iri i Kiriri(uwutowe ikibazo azojana muri iyo Hotel n’uwo bakundanye).
- Hotel Outlook aho abazotora ibibazo bazofungura no kuryama
Abaririmvyi bagendera muri Limousine izobakura iyo bazoba bashikiye, eka n’abubakanye canke abakundanye bazoba baguze ama tike kare iyo Limousine izoja kubatora iyo bazoba bari.
Natacha avuga ko gishasha kiri muri ico giteramo amahera yo kwinjira azoba arimwo ico kunywa n’ico kurya ayo nayo angana amarundi 10.000. Ico giteramo mbonekarimwe kizoba ari kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma mw’i Hotel Pearl iri imbere y’ikibuga ca Tempete.



Cherif Nkeshimana
Messages
3 Ruhuhuma 2015, 13:43, par Mukunzi
Mico giteramo bazoriha angahe ko mutavuze ayo kuriha
3 Ruhuhuma 2015, 16:13, par kiki
ico giteramo ndumv ar special,main tuzoriha combien??
3 Ruhuhuma 2015, 16:29, par NAHISHAKIYE
none tuzoriha angahe?none GILBERT we ko mutamuvuze siho azobari be numudamu wiwe DIANE?
3 Ruhuhuma 2015, 17:40, par MBIMBI
Ndumva bizoba biryohe umubiri kweli!! Muga ikintangaje nuko azoba ari uruvange rw’Imana n’ivyi Si!! Kandi BIBILIYA inavuga ko abapfu dukwiye kubareka bakihambanira bonyene!!
4 Ruhuhuma 2015, 09:49, par countryman
kwinjira ni 10 milles
10 Ruhuhuma 2017, 20:20, par Ndayiragije Jean Marie
Ubunahomwaduteguriye Iki?kuri Severantair