IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kaminuza y’Uburundi : Ikigo c’i Kiriri casatswe n’igiporisi

Kaminuza y’Uburundi : Ikigo c’i Kiriri casatswe n’igiporisi

lundi 21 Ntwarante 2016, par egide

Abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi mu kigo c’i Kiriri batewe amakenga n’igikorwa c’igiporisi cazindutse kirasaka muri ico kigo mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Mu giporisi bamenyesheje ko bariko barondera ababa muri ico kigo badakwije ivya ngombwa.

N’aho bamwe mu banyeshure bo muri ico kigo bamenyesheje ko ico gikorwa coba gihishije iyindi ntumbero, nta munyeshure n’umwe yafashwe, ico gikorwa kikaba cakozwe n’abaporisi baherekejwe n’abajejwe intwaro muri ico kigo c’i Kiriri.

Iryo sakwa ryabaye mu gihe abajejwe gucungera umutekano muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga baheruka gufata ingingo z’ugukomeza umutekano muri ico kigo, inyuma y’aho abantu bitwaje ibirwanisho binjiriye kabiri kose muri ico kigo mw’ijoro, bakiba mu banyeshure amaterefone ngendanwa, mudasobwa (Ordinateurs), amafaranga hamwe n’ibindi.

Mu ngingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, n’uko umuntu wese azoba akeneye kwinjira muri ico kigo azotegerezwa kuba yidondoye agatanga n’ibimuranga. Ku banyeshure nabo, imbere y’ukwinjira muri ico kigo bagasabwa kwerekana ikarata y’ishure ibaranga. Abakozi nabo bakorera aho muri ico kigo, mu kwinjira bagategerezwa kwerekana amakarata y’akazi abaranga (Badges).


IGIHE

Messages

  • Nibahasake Sabamarayika Gusa Babaho No Mubana Ba Yobu Aho Bari Bakoraniye Shetani Yarahashitse Harageze Naho Yoba Umugenzi Wawe Ukunva Umutima Wawe Ukangutse Ntuwugabire Na Samsoni Yishwe Numugore Wiwe

  • Jewe ntamakenga mnona mwakono gikorwa ikibinuko vyarikuba vyakozwe nabantu batazwi nayo abobo nicogituma twemera tukikokora kugira bahembwe nukugira bagumebashika ahohosetwebwe tutokwishikira . None abajejwe umutekano wigihugu bisigura iki? Utemeye ivyobakoze ntahubutandukaniye numwansi wabo!?.

  • haribenshi mubanyeshure boba bakorana ninkozizikibi inzego zumutekano turazishigikiye komera kwibanga mutuze izo njavyi

  • Nigikorwa Cabo Mubareke Bimaramazinda.Nibananirwa Imana Nayo Izoca Ikora Kuko Kenshi Ikora Kumunota Wanyuma Mugihe Abantu Bihebuye.

  • Nibateshwe bate iryosaka nibarihere harya babitanze kuko kuko abobabihaye barabazi nubu birirwa barabigendana kumutaga Riva mbere baba barikumwe ijoro numurango nibavyake abonyene kuko ivyo bariko barakora nugusamaza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.