IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Abatandukanye baremeza ko musitanteri bamwiboneye ateye (...)

Kanyosha : Abatandukanye baremeza ko musitanteri bamwiboneye ateye grenade

jeudi 7 Rusama 2015

Musitanteri wa komine ya Kanyosha Abdou Abraham Bampoye ararahira akarengwa ko atigeze atera amagrenade mu bo arongoye.

Mu myiyerekano yiriwe irabera muri komine ya Kanyosha, Abdou Abraham Bampoye musitanteri w’iyo komine, aragirizwa n’abanyagihugu ko bamwiboneye, wenyene, ariko atera izo grenade. Abo banyagihugu bakibaza ingene bazosubira kumwizera, mu gihe bamubonye, ariko abatera amagrenade, kandi, ariwe mutware wabo. Abdou Abraham Bampoye musitanteri w’iyo komine, arahira, akanana ko atigeze atera izo grenade muri iyo quartier ya Kajiji. Ico yemera, ni uko, hari abanyagihugu baje kwugurura amabarabara yari azibiye ku Muco, aho nyene muri komine ya Kanyosha.

Abdou Abraham Bampoye musitanteri w'iyo komine

Abdou Abraham Bampoye akavuga ko abamwagiriza ivyo, ari indwano ya Munwa. Ariko naho arahira akarengwa ko atigeze atera izo grenade, amakuru ikinyamakuru IGIHE.bi gifise kandi yo kwizera, ni uko, uwo musitanteri yari afise grenade zibiri, imwe yarayiteye ubwiwe mu banyagihugu, iyindi nayo amaze kubona ko abanyagihugu bamubonye na bamwe mu bamenyeshamakuru, akaba yaciye ayiha umuntu yari yambaye impuzu za giporisi.

Tukabibutsako, muri ico gitero cagizwe n’Imbonerakure za CNDD FDD mu Kajiji muri komine ya Kanyosha, hatewe grenade icenda, haca hakomereka abantu batatu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.