Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Kigwati yazindutse irasakwa n’abaporisi batari bake
Kanyosha : Kigwati yazindutse irasakwa n’abaporisi batari bake
dimanche 21 Ruheshi 2015
Muri komine ya Kanyosha quartier ya Kirwati, abahaba bikanguye basanga bakikujwe n’abaporisi isinzi, abo nabo, bari baje gusaka ibirwanisho.
Amakuru twahawe n’abanyagihugu baba muri ako gace, igihe c’isaha icumi n’imwe z’ubuca, abaporisi bari bamaze kuhashika, abaho bakaba bari bafise ubwoba ko boba baje gufata bamwe mu banyagihugu baho, mu gihe ako gace abaporisi bari bamaze igihe bashaka kukinjira ariko ntivyorohe. Kigwati rero ikaba yasatswe, mu gihe mw’ijoro ryo ku wa kane rishira uwa gatanu igenekerezo rya 19 Ruheshi, abaho batewe amagrenade menshi, ndetse harumvikana n’inkoho.

Muri iryo sakwa ryakozwe, abanyagihugu bo mu kirwati bavuga ko hafashwe abantu babiri, muri abo umwe n’umukenyezi yafatanywe inzoga ya Kanyanga, n’uwundi azwi kw’izina rya Vondoro yafatanywe ibendera ry’igihugu. Ibindi vyafashwe akaba ari itopito hamwe n’amabiye atari make.
IGIHE
Messages
21 Ruheshi 2015, 12:55, par 27614416810
Mbe ivyo bagira barafita ubwenge mbe bose babaye ibijuju nka pita imbonerakure ko zidafatwa ntituzizi ko zifise inkoho ariko barihenda kuko uburundi bugiye kuva mumwiza vuba amenye na buyoya yaremejwe kuko abarundi turazi nanye vyanka kuneza bije mumigere kandi ndaziko bizokunda kuko pita wewe urakaraya gahoze kuko vuze agashushe woteba ariko agahoze niguvyonda kweri
21 Ruheshi 2015, 13:03, par nestor niyimbona
Abarundi tumenyeko igihugu ari icacu kandiko tugisambuye ejo tuzikwicuza kukibona ukwo cahora.Mana fasha uburundi nababubamwo!
21 Ruheshi 2015, 13:25, par Bucumi
Nukwitoza utunyoni none kobabasaka nagira basaka imbonerakure bahaye inkoho none basaka abanyagihugu atankoho babahaye?
21 Ruheshi 2015, 13:49, par VITAL
NIBABAJINYIKIRE IZOMBURAKIMAZI
21 Ruheshi 2015, 13:53, par JEAN
UKWO NUKWICUGWEHE NGO BEREKANE KO ZIRYA GRENADE NINKOHO ATARIBO BABIRASHE IVYABO TURABIZI NONE HOHO BAHATOYINGANA GUTE? EWE MANA URAKWIYE KUTUGARUKIRA ABARUNDI TURARUSHE
21 Ruheshi 2015, 14:00, par nyandwi
iyokanyanga niyoyatumye uburundi bubura umutekanomuke niyoyatumwe abarundibahunga iyokanyanga niyoyishe ababikira niyoyatumye amabiyose akorwanikanyanga
21 Ruheshi 2015, 14:16, par emma
emma
mwakoze mwanyakubahwa ego igikogwa mwakoze nico. abobantu bafatanywe itopito namabiye nimuribabandi bagumuka kuko beshi muribo bari babifise nivyo barasisha imodoka wakanyanga nosabako mwomurekura wewe ntaco, yariko ararondera ubuzima
21 Ruheshi 2015, 15:18, par Ntawe
Mubironde Ahandi Kuki? Imbonerakure Zabihawe Ntimuzi Aho Ziba? Mwagiye Kuraba Aho Chritophe Yahora Aba?Ugira Yarafise Irya Imwe Yamuhitanye Gusa? Muhena Nde?
21 Ruheshi 2015, 15:40, par kaka2
Hahahaaa abanyamakuru baragwira hafashwe itopito n’ama biye!!? Mwavuganye nu umuvugizi wa Police se!?
21 Ruheshi 2015, 20:43, par faucon
amabiye nitopito?information bari bayironse nabi!
21 Ruheshi 2015, 23:05, par komezamahoro
ego kweli bazindutse pe kubona batora itopito irasa inyoni!nibirekere ntavyo bashoboye barekera abasirikare mpuzamakungu.
22 Ruheshi 2015, 00:16, par muhanuzi
Abo bapolisi sibo benshi muribo ntibazi ivyatwenawe. Ntamvura idahita ababakoresha bazorya ivyatsi abandi bangare kuko nivyo bategura ariko batabizi
22 Ruheshi 2015, 05:41, par BJ
Igipolice c’Uburundi
cateyimbere ko gisigaye gifata itopito mugishingo cinkoho.ye we barize pe.eeeeee!!!!!!!!ndabahaye amanita ya (F)
22 Ruheshi 2015, 08:35, par NIYU8
UKO NUGUHUMA AMASO AMAKUNGU.AMATOPITO NIYO NIYO BATOYE AHO GUTORA INKOHO.IMANA ITABARE ABARUNDI.
22 Ruheshi 2015, 09:26, par MINANI Béatrice
MBEGA AMABUYE BAFATA ABA AMEZE GUTE? ARAHO HOH NTAWE BATAZOYAFATANA KUKO AKWIYE HOSE NIBAKOVYE BAYORAGURE.
22 Ruheshi 2015, 10:57, par gaspard
ni hatware ababishoboye , abatabishoboye nabo batange imihoho
22 Ruheshi 2015, 14:21, par Noé Neyo
Rek Abajejw Umutekn Bawukor Atah Bahengamiy Knd Atanuw Bariy Urwar,nkabahanur K Borek Gukoreshw Nkibitaz Mugufat Bimw Mubirwanish Bafis Bavyagriz Umunyaghug Kk Nah Bimez Uk Ndaz Kabarr Baras Ar Murab Nyn Ba2m Gusak Ing Zaband!
22 Ruheshi 2015, 16:21, par mutabazi
Imyiyerekano irabananiye noneho abo banywa maraso batangiye gutera grenade. Ingwano bashaka nibayitangure
Gusa nibo izabanza guhitana mugihe ba Pacifique hamwe n’abandi banywarumogi bibera i kigali muri Villa