Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kanyosha : Kigwati yazindutse irasakwa n’abaporisi batari bake - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Kigwati yazindutse irasakwa n’abaporisi batari bake

Kanyosha : Kigwati yazindutse irasakwa n’abaporisi batari bake

dimanche 21 Ruheshi 2015

Muri komine ya Kanyosha quartier ya Kirwati, abahaba bikanguye basanga bakikujwe n’abaporisi isinzi, abo nabo, bari baje gusaka ibirwanisho.

Amakuru twahawe n’abanyagihugu baba muri ako gace, igihe c’isaha icumi n’imwe z’ubuca, abaporisi bari bamaze kuhashika, abaho bakaba bari bafise ubwoba ko boba baje gufata bamwe mu banyagihugu baho, mu gihe ako gace abaporisi bari bamaze igihe bashaka kukinjira ariko ntivyorohe. Kigwati rero ikaba yasatswe, mu gihe mw’ijoro ryo ku wa kane rishira uwa gatanu igenekerezo rya 19 Ruheshi, abaho batewe amagrenade menshi, ndetse harumvikana n’inkoho.

Muri iryo sakwa ryakozwe, abanyagihugu bo mu kirwati bavuga ko hafashwe abantu babiri, muri abo umwe n’umukenyezi yafatanywe inzoga ya Kanyanga, n’uwundi azwi kw’izina rya Vondoro yafatanywe ibendera ry’igihugu. Ibindi vyafashwe akaba ari itopito hamwe n’amabiye atari make.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.