Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Karusi : Uwagirizwa uburozi yishwe n’ikiziga ciwe kiraturirwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Uwagirizwa uburozi yishwe n’ikiziga ciwe kiraturirwa

Karusi : Uwagirizwa uburozi yishwe n’ikiziga ciwe kiraturirwa

vendredi 2 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

NSEKAMBABAYE Jean, umunyagihugu wo ku musozi Mugoboka, komine Bugenyuzi, mu ntara ya Karusi, yishwe n’ababanyi biwe. Abamwishe babanje kumutemagura, mu nyuma ikiziga ciwe baragiturira.

Uwo yishwe yari amaze ukwezi kurenga yahungiye ku kirindiro c’igiporisi muri komine Bugenyuzi iyo ntara ya Karusi, akaba yari yahunze ku mvo z’umutekano wiwe, aho akaba ari inyuma y’aho hari abashaka kumwica bamwagiriza uburozi.

NSEKAMBABAYE Jean atashe muhira iwe, ababanyi biwe bamwagiriza ubwo burozi baciye bamusangaho, baramutemagura gushika aho apfa, n’ikiziga ciwe baca baragiturira imbere y’abanyagihugu bari bashengereye.

Abajejwe umutekano bashitse muri ico kibanza basanga abo babanyi biwe bamaze guhunga, kuri uwo musozi wa Mugoboka akaba ata mugab n’umwe yari akiharangwa, kiretse incuti z’uwo yagandaguwe.

Abajejwe intwaro bariyamiriza iyo ngendo y’abanyagihugu y’ukwihanira, bakabasaba ko boreka kwemera ibintazi vy’ibirozi, kandi boza baritura ubutungane mu gihe boba bafise ico bagiriza umunyagihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.