Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Uwagirizwa uburozi yishwe n’ikiziga ciwe kiraturirwa
Karusi : Uwagirizwa uburozi yishwe n’ikiziga ciwe kiraturirwa
vendredi 2 Nyakanga 2016, par
NSEKAMBABAYE Jean, umunyagihugu wo ku musozi Mugoboka, komine Bugenyuzi, mu ntara ya Karusi, yishwe n’ababanyi biwe. Abamwishe babanje kumutemagura, mu nyuma ikiziga ciwe baragiturira.
Uwo yishwe yari amaze ukwezi kurenga yahungiye ku kirindiro c’igiporisi muri komine Bugenyuzi iyo ntara ya Karusi, akaba yari yahunze ku mvo z’umutekano wiwe, aho akaba ari inyuma y’aho hari abashaka kumwica bamwagiriza uburozi.
NSEKAMBABAYE Jean atashe muhira iwe, ababanyi biwe bamwagiriza ubwo burozi baciye bamusangaho, baramutemagura gushika aho apfa, n’ikiziga ciwe baca baragiturira imbere y’abanyagihugu bari bashengereye.
Abajejwe umutekano bashitse muri ico kibanza basanga abo babanyi biwe bamaze guhunga, kuri uwo musozi wa Mugoboka akaba ata mugab n’umwe yari akiharangwa, kiretse incuti z’uwo yagandaguwe.
Abajejwe intwaro bariyamiriza iyo ngendo y’abanyagihugu y’ukwihanira, bakabasaba ko boreka kwemera ibintazi vy’ibirozi, kandi boza baritura ubutungane mu gihe boba bafise ico bagiriza umunyagihugu.
IGIHE
Messages
2 Nyakanga 2016, 21:09, par kanyomvya abdoul
iyonkuru irababajecane
3 Nyakanga 2016, 06:33, par IBIVURWA NUKURI
AHUBWO BIBIRIYA IREREKANA KWABAROZI BARIHO.IVYAHISHUWE YNHANA 21:8 HAVUGWAKO BATAZOGERA MWIJURU ;NIBAMENYE IBI BAKWIYE KWIZERA IMANA BAKAZANA IGIRWAMANA VYABO BIGATURIRWA NABIZERA ABADIYAKONI BAFISE MPWEMU YERA MWIZINA RYA YESU CRISTO NTAMAHERA CANKE IKINTU NAKIMWE BATSWE NIKUBUNTU AMEN NAYAHANDI UMUNYAVYAHA AZOPFA NATIHANA
3 Nyakanga 2016, 06:35, par IBIVURWA NUKURI
AHUBWO BIBIRIYA IREREKANA KWABAROZI BARIHO.IVYAHISHUWE YNHANA 21:8 HAVUGWAKO BATAZOGERA MWIJURU ;NIBAMENYE IBI BAKWIYE KWIZERA IMANA BAKAZANA IGIRWAMANA VYABO BIGATURIRWA NABIZERA ABADIYAKONI BAFISE MPWEMU YERA MWIZINA RYA YESU CRISTO NTAMAHERA CANKE IKINTU NAKIMWE BATSWE NIKUBUNTU AMEN NAYAHANDI UMUNYAVYAHA AZOPFA NATIHANA
3 Nyakanga 2016, 07:47, par Mavyandira
Ego Mama
3 Nyakanga 2016, 11:14, par DONATIEN
BIRABABAJ IMANA IBAHARIR NTIBAZI ICO BAKORA
3 Nyakanga 2016, 20:07, par Pontien Ndayizeye
Intabwirwa Ibwirwa Nuk Amaso Atukuye. Umuryango Niwihangane!
5 Nyakanga 2016, 18:19, par alia
none bamu fatanye itonga canke yaravyiyemereye ko umurozi ata nuka?! nubwo barikuba bafise icemezo birahanwa abo babikoze nibaba rondere bashirizwe ubutungane
6 Nyakanga 2016, 10:44, par JOSE
UBUTUNGANE HAHAHAAAA
6 Nyakanga 2016, 21:11, par Ndahari
Uwutamuzi ntamuzi ndizerako kuva 2005 yari no mubakuru bishirahamwe rivuza imiti yikirundi kuri commune bugenyuzi kandi jewe ndamuzi guhera 1992 yarasanzwe akora akazi kubupfumu.
8 Nyakanga 2016, 10:03, par Clovis
NDASHIGIKIYE ICIYUNVIRO DONATIEN IMANA IBABARIRE GUKO NTIBAZI ICO BAKORA IVYO BIRI MWIJANBO RYIMANA MURAKOZE
9 Nyakanga 2016, 07:53, par Nzeyimana
Nibihangane benewe, abaporisi nabo ntibari bakwiye kumwemerera kwasubirayo. noneho rwari rwamubijije ugifise ubwenge ntiwosubira aho wahakiwe kwicwa, ibisigaye abantu baramaze kubibirara kwicumuntu bisigaye aribisazwe, kuko umwera uvibukuru ugakwira igihugu coseeee!.
12 Nyakanga 2016, 16:36, par dieugo
iryo nibara yemwe kwica ikiremwa cimana!ntanuwuz kwivyo yagirizwa arivyukuri