Accueil > Amakuru > umutekano > Karuzi: Ibirwanisho bicira muriro vyaratowe
Karuzi: Ibirwanisho bicira muriro vyaratowe
lundi 5 Myandagaro 2013
Ibirwanisho bicira umuriro bisisgaye vyuzuye mu banyagihugu bo mu ntara ya Karuzi naho amasekeza yo kurwanya ivyo birwanisho bicira umuriro yama yabaye, bimenyeshwa na Gaspard Ntahimpera asanzwe ajejwe umurwi w’igihugu ujejwe kwegeranya ibirwanisho bicira umuriro ku rwego rw’intara.
Ibirwanisho bicira umuriro bitari bike bikaba vyaratowe ku misozi hamwe no mu mashamba n’igipolisi c’igihugu kandi ubusuma bw’bantu bitwaje ibirwanisho busigaye bukunda kuba mu ntara ya karuzi. Nk’akarorero igrenade yaratowe hafi y ‘igikoni c’umukecuru muri komine buhiga, muri ako gace nyene umwana w’imyaka 5 bakaba bamusanze ariko arikinisha n’amasasu.
Ku mashure yo muri komine Bugenyuzi bakaba baratoye amasasu 12 mu murima ama grenade 16, inkoho zitatu hamwe na za mbugita bita ‘’baionnetes’’ zaratowe n’igipolisi c’igihugu hafi mu ma komine yose y’i karuzi.
Floxella Karire