Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umugabo wa mbere kw’isi yatanguye amashuri ashaje yakejwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Umugabo wa mbere kw’isi yatanguye amashuri ashaje yakejwe na (...)

Kenya : Umugabo wa mbere kw’isi yatanguye amashuri ashaje yakejwe na Google

mercredi 14 Nzero 2015

Umugabo wa mbere wo muri Kenya yatanguye amashuri y’intango akuze yashizwe mu gitabo c’abantu bagize ibintu bisangije kw’isi. Ku rupapuro rwa mbere ry’uruhome rwa Google muri Kenya hariko igicapo c’umutama Kimani Maruge ari kumwe n’abuzukuru bigana mu mashure y’intango.

JPEG - 20.3 ko
Kimani Maruge yigana n’abanyeshure bangana n’inzukuruza ziwe

Ico gicapo kiri kuri urwo rupapuro rwa Google cashizweko igihe bibuka imyaka 11 iheze Kimani Maruge agiye kw’ishuri. Uwo mutama Kimani Maruge yiyandikishije kw’ishuri Eldoret kw’igenekerezo rya 12 Nzero 2004, ico gihe yari afise imyaka 84.

Kimani Maruge yatanguye ishure y’intango kuri iyo myaka kuko yipfuza kwiga gusoma ivyanditse muri Bibiliya hamwe no kumenya guharura. Nta rupapuro rwemeza aho yavukiye ariko wenyene yavuga ko yatanguye kuja kw’ishuri afise imyaka 84.

JPEG - 91.1 ko
Kimani Maruge ibiharuro bimurembeje mw’isomero

Google iciye k’uwujejwe kumenyesha amakuru yo mu karere k’ubuseruko mu bihugu bikoresha igifaransa, Dorothy Ooky, amenyesha ko kugira Google ishire iyo shusho ku rupapuro rya mbere ari kubera Kimani Maruge yabaye umuntu wa mbere rurangiranwa kw’isi mu kwerekana akamaro ko kwiga.

Igitabo ca Guiness candikwamwo abantu babaye rurangiranwa kw’isi, Kimani yashizwemwo nk’umuntu wa mbere yatanguye amashure y’intango afise imyaka myinshi.

Mwomenya ko Kimani ashimira igihugu ca Kenya ko kidakumira ku myaka mu bijanye n’uburenganzira bwo kwiga, eka n’umukuru w’igihugu ca Kenya w’ico gihe Mwai Kibaki yaragendeye umutama Kimani Maruge.

Uwo munyeshuri wa mbere akuze ntiyashoboye kumara amashuri yiwe kuko yitavye Imana amaze imyaka itanu gusa yiga, yahitanywe n’indwara ya cancer yo mu mushishito.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.