Accueil > Amakuru > umutekano > Kibago : Umunywanyi wa MSD yatawe muri yompi
Kibago : Umunywanyi wa MSD yatawe muri yompi
mardi 22 Ntwarante 2016, par
Inyuma y’urupfu rw’umwe muri batanu batowe ku musozi Mbizi muri komine Kibago, intara ya Makamba, abantu babandanya gufatwa. Mu ndwi iheze hafashwe abagera kuri 12, ubu uwatawe muri yompi akaba ari Arcade NKURUNZIZA, umunywanyi wa MSD yahagaritswe na Samuel Bapfumukeko ajejwe igendereza mu ntara ya Makamba.
Uwo munywanyi w’umugambwe MSD bamufashe bamusanze ku musozi Mbizi, komine Kibago, ahangandaguwe Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe kuri uwo musozi.
Buramatari w’intara ya Makamba yari yamenyesheje ko abantu bo ku mutumba wa Mbizi bigize akagaramaruganda, kuko ku bwiwe, no mu ntango z’ukwezi kw’icenda bishe umukuru wa Zone Kibago.
Gad NIYUKURI yari yamenyesheje ko ari kumwe n’abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’ubutungane, bagiye gufata ingingo ruhasha ku banyagihugu bo kuri uwu mutumba, babahagurukire bimwe biboneka, bakagirizwa ko bashaka gusubiza inyuma intara ya Makamba.
Buramatari w’intara ya Makamba yamenyesheje kandi ko amatohoza yamaze gutangura ku rupfu rwa Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku musozi Mbizi muri komine Kibago.
IGIHE
Messages
22 Ntwarante 2016, 09:47, par tari
MSD yo kuri nkurumbi wogira Ngo nubumera bw’Imana yariye none ko bamubeshera ngwafise abarwanyi none niba abafise yoba arinziki ko atabakomanda ngwaje gutabara abanywanyi biwe
22 Ntwarante 2016, 12:36, par Rusakumba
Erega TARI, umugiziwanabi nta mugambwe afise. Uwukoze icaha agihanirwa ku gatwe kiwe. Naho yoba nde ashatse guhungabanya umutekano w’abanyagihugu ni ngombwa afatwe kandi ahanwe. Reka rero nawe bamunyare.
22 Ntwarante 2016, 20:05, par e.ndikumwenayo@yahoo.com
aho nisawa zemurafata abo bicanyi bafise agatima ko kwica abahutu .piter nkuru nziza ntako Atari yagize kugirango abatutsi babeho neza ariko hariho intashima .
22 Ntwarante 2016, 20:05, par e.ndikumwenayo@yahoo.com
aho nisawa zemurafata abo bicanyi bafise agatima ko kwica abahutu .piter nkuru nziza ntako Atari yagize kugirango abatutsi babeho neza ariko hariho intashima .
22 Ntwarante 2016, 20:05, par e.ndikumwenayo@yahoo.com
aho nisawa zemurafata abo bicanyi bafise agatima ko kwica abahutu .piter nkuru nziza ntako Atari yagize kugirango abatutsi babeho neza ariko hariho intashima .
22 Ntwarante 2016, 20:10, par gezaho
aho nisawa zemurafata abobicanyi bafise agatima ko kwica abahutu , nkurunziz ntako Atari yagize kugirango abatutsi babeho neza ariko hariho intashima .
25 Ntwarante 2016, 00:13
nonekobmiziyitovye kuvurugaumutekano mukubikainkozikibi emweducatubonakoarimigambibagizenakagame umukuruwigihugucugwanda ewekagameigambiyaweimanayayifashemnonekobmiziyitovye kuvurugaumutekano mukubikainkozikibi emweducatubonakoarimigambibagizenakagame umukuruwigihugucugwanda ewekagameigambiyaweimanayayifashempiri
25 Ntwarante 2016, 08:43, par Gatutsi Keza@
Jewe Ndumunyarubimba@ Ndavye Ubwicanyi Bukorwa Nabanyembizi Buteye Ubwoba.Reka Dufatire Hafi Gusa,.1#umukozi Wampitabakana Bakubise Agafuni Agacikanira Mubitaro Imakamba 2#mayirosi Urwaruka Rwabanyeshure Bamukubise Inko 1OO Imana Igakinga 3#yagayaga Mwiciye Mwisoko Kumbizi 4#umugabo Wokumunyika Mwakereye 5# Wamwana Yajana Nuwundi Mwana Kuragira Akamukerererayo 6#cefu Dozone Waha Kurubimba Mwagandaguye 7#kazungu Mwajanjaguye Mukica Agashinyaguro,nabandi Benshi Rusoko Yiciye Harya Mubitoke Inyuma Yurusengero Gwapatiri Kumbizi,nabandi Rusoko Yakubita Ubufuni Babanje Kwiyimbira Imva,akarorero#UMUGABO RUSOKO YISHE UMUGORE WANYAMUGABO AFISE INDA Abanje Kwiyimbira Imva Iruhande Yakajwari.Ubu Akaba Yacuwe Na Yozefu Batazira KABAMA.Abobose Rusoko Yafadikanya Na,....! None Abodasangiye Ubwoko Tucatubica?Ntitwishinge Ivyo Gaciyubwe Aherutse Gutangaza,nimuze twitezimbere Ntimubonako Mbizi-rubimba Kwari Mugisaka,Tukarara Mumase Kandi Harabantu Bincabenge Turambaye Ikidari Cubwicanyi Pe!!
25 Ntwarante 2016, 11:47, par GatutsiKazi
Jewe Mvuka Ahakurubimba,mugabo Ubwicanyi Bukorerwa Aho Mbizi-rubimba Buteye Ubwoba,dufatiye Hagufi 1#umukozi Wampitabakana Yamudandariza Akabare Yakubiswe Agafuni Agacikanira Mubitaro Makamba 2#mayirosi Yakubiswe Inkoni 1OO Nurwaruka Rwa Ba Sans Echeque(abanyeshure) Imana Ikamuzura 3#yagayaga Yicishijwe Ibibando Mwisoko Kumbizi,4#uwakererewe Hariya Kumunyika,5#cefu Dozone Wahakurubimba Yagandaguriwe Mubana 6#kazungu Yajanjaguwe Umutwe Nkimpene! 7#uwaraye Ahatswe Ikavumu, Tutibagiye Nabandi Benshi Rusoko Yishe Barunze Harya Mubitoke Inyumayurusengero Rwapatiri Kumbizi! Nabo Rusoko Nabarikumwe Bishe Babanje Kubategeka Kwiyimbira Imva Bagacababakubita Ubufuni! Akarorero Umugabo Umugore Wiwe Yarafisinda Rusoko Yishe Abanje Kwiyimbira Iruhande Yakajwari Kumbizi Muramwibuka, None Uwomudahuje Ubwoko Nukumwica?Nimuze Twiteze Imbere Tureke Birya Gaciyubwenge Yavuze Vyokwica Abahutu, Eheraba Ingene Mbizi,rubimba Tubamubisaka Tukararamumase Kandi Dufse Incabwenge, Raba Ingene Turara Mumwonga Dutinya Ivyotwakoze,