Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Kidumu na Kitoko mu giteramo kidasanzwe i Bujumbura
Kidumu na Kitoko mu giteramo kidasanzwe i Bujumbura
vendredi 3 Gitugutu 2014
Ishirahamwe BRARUDI ryasohoye urupapuro rutangaza igenekerezo ry’umunsi mukuru wahariwe ikinyobwa ca Amstel. Haba ku ruhande rw’abaririmvyi no ku binyobwa, haraboneka ivyahindutse.

Umuririmvyi Kidum atari aherutse kuboneka mu biteramo vyo mu Burundi yatowe kuzoteramisha abantu mu giteramo "Amstel Beer Fest" categuriwe ikinyobwa ca Amstel. Azoba ari kumwe n’umuririmvyi Kitoko wo mu gihugu c’Urwanda. Ikiboneka ku rupapuro ntangazagiteramo, kwinjira azoba ari amahera ibihumbi cumi vy’amarundi, uwinjiye akazohabwa ibinyobwa bibiri n’ico kurya. Tugereranije no mu mwaka uheze dusanga kwinjira atacahindutse ariko ibinyobwa vyaragabanutse, bigaburwamwo kubiri. Bisigura ko uwuzoba ari mu giteramo azoba arekuriwe ibinyobwa 2 n’ico kurya.
Ku ncuro ya kabiri y’igiteramo citiriwe ikinyobwa ca Amstel "Amstel Beer Fest", ikibanza nticahindutse ni "Cercle Helenique", azoba ari kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, gushika isaha zitatu z’ijoro (De 18h à 21h).

Tubibutse ko ku ncuro ya mbere bamwe mu bamenyeshamakuru bakumiriwe kwinjira ata nsiguro ihagijje itanzwe, zimwe mu nsiguro zatangwa n’abateguye igiteramo bavuga ko hinjira uwufise ubutumire ariko hari ababuhabwa bahashitse abandi bagasubizwa inyuma. Hari amadidane y’uko ubutumire bwatanzwe.
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Gitugutu 2014, 17:09, par Niyomugabo evariste
Bizoba bishushe pee!emwe niho nzoba ndi.mbega yemwe amatick bazoyagurira he?
11 Gitugutu 2014, 09:27, par MUNYANEZA YVONNE
Igiteramo categuwe na BRARUDI cari giteguwe neza.cari ikirori gikwiye no kuza kiragirirwa mu ntara zo hagati nabo bumve umunezero. umuziki watey imbere cane.ahantu n umusaza yaryohewe.uwutaryohewe ntakimuryohera pe.Bravo a la BRARUDI
17 Nyakanga 2016, 18:07, par FREDINANT
N O N E M U R IC O G I T ER A M O N INDE YABICIY BIRACIKA
8 Kigarama 2016, 20:28, par NSAGUYE INNOCENT
Amahoro Nibibuke Ni Muyinga Turabategereje