Accueil > Amakuru > umutekano > Kidum yarungikiwe ubutumwa bumubwira ko niyagaruka mu Burundi (...)
Kidum yarungikiwe ubutumwa bumubwira ko niyagaruka mu Burundi azokwicwa
mardi 16 Myandagaro 2016, par
Umuririmvyi rurangiranwa muri Afrika y’Ubuseruko, Nimbona Jean Pierre [Kidum Kibido Kibuganizo] yatewe ubwoba n’abantu bataramenyekana bamumenyesha ko niyasubira mu Burundi azoca yicwa.
Kidum yanditse ubutumwa kuri Facebook yiwe amenyesha abakunzi biwe ko yiteguye gusubira mu Burundi kuhakorera igiteramo ku butumire bw’ubuserukizi bwa Kenya mu Burundi.
Imbere y’uko aronka ubwo butumwa bw’uko azokwica niyaza mu Burundi, yabanje kwandika ati : "Niteguriye kuja mu Burundi kw’igenekerezo rya mbere 3 Nyakanga, mw’ihayanishwa-gurisha ryateguwe n’ubuserukizi bwa Kemya mu Burundi. Mbanje gushimira uwuserukira Kenya mu Burundi."

Amaze kwandika avuga ko agiye gusubira mu Burundi, abantu bataramenyekana bamurungikiye ubutumwa bamumenyesha ko niyahirahira agahonyoza ikirenge mu Burundi bazoca bamwica, ariko akaba avuga ko ko iterabwoba bamugizeko ritazomuca intege zo gusubira mu gihugu ciwe.
Yagize ati : "Muntu woba uriko utegura kwica Kibido Kibuganizo hanyuma ukantega imitego kuri Facebook wiyita amazina y’abantu baba bafitaniye ibibazo na Reta y’Uburundi, jewe sindi umunyabwoba ku buryo wotuma ntinya kuza iwacu."
Yongeye agira ati : "Nzoshika i Bujumbura kw’igenekerezo rya 1 z’ukwezi kw’icenda, tegura neza uko uzonyica rero kuko ntegerezwa kuza mu gihugu canje c’amavuka. Uzoba umfashije kuko nzoba mpfiriye mu gihugu ca sogokuru wanje."

Kidum amenyesha ko abantu bamwandikiye bamumenyesha ko niyasubira mu Burundi azicwa, ko bakoresha amazina y’abanyeporitike barwanya Reta y’Uburundi, ariko akavuga ko ata bwoba bimuteye kuko "atunzwe n’umuziki, ndetse ko ata hantu na hamwe ahuriye na poritike". Abo bamwandikira yababwiye ati : "Bitegure neza, ndaje ikiba kibe!"
Nimbona Jean Pierre batazira Kidum yaheruka mu Burundi mu mwaka w’2013.
IGIHE
Messages
16 Myandagaro 2016, 13:07, par Kabango
Kidumu aramenye aba dd ntamikino bagira
16 Myandagaro 2016, 13:44, par MISAGO MISHERI
CHAURINYANKAMUGAYOPE NBEWOHIGWANANDE INGO MUGIHUGUCAWE ABONIBAMWE BANKUBURUNDI BAZOGWAMUGAHINGABONYE ABANYAGIHUGU TURAKWITEZE
16 Myandagaro 2016, 14:06, par Kanyosha
Niza mujeri nyene kuko kuva ahozitanguriye gucikamwo ibice zisigaye zankana urunuka amabarara zahorazambika reta ubuzirayambikana atacozinona, ariko nanje ushobora kwemezako izo mujeri zateye ubwoba Kidumu nizishigikiwe na Kagame kuko niwe adashaka nivyiza bibera muburundi ariko hariho izindi mujeri zisa nizahinyuye amayeri nubugambanyi bwakagame izo burikumusi utashe zigenda zirasezera kubamumurwi wubumujeri ahorero basezera kuba abajeri nibobashobora gushirwa mwubwobutumwa bwogutera ubwoba Kidumu bikozwe nakakarwi kizi mujeri gakora ibinezereza Kagame gusa apana kunezereza abarundi.
16 Myandagaro 2016, 14:08, par philbert
Kaze kidumu mugihugu cawe amahoro niyose iterabwoba nibihuha urabimenyereye uwukwanka yimanike
16 Myandagaro 2016, 14:33, par Alain Nyabenda
None ko yari umuririmvyi w’umugambwe cndd-fdd. Bashobora Kuba bariko baramwishuza nimba atubahirije amasezerano yagiraniye n’inkona baramurigata peee . Nomuhanura guhunga imiduga fumées ya SNR sinon inzuzi z’u Burundi zahindutse cimetières .
16 Myandagaro 2016, 14:43, par NYAMITWE
ABO BAMUTERUBWOBA NI BANYAMITWE NTABANDI.AHUBWO NIYIGUMIRE MURI KENYA NAKARE IBURUNDI HARACANUKA AMARASO.
16 Myandagaro 2016, 14:45, par Proud to be rwandan
Bazakumesa sha abarundi nta mukino
16 Myandagaro 2016, 15:26, par Lili
Abo bamwandikiye bamutera ubwoba ni Sinduhije cg Nininahazwe. Kidumu ni umugabo . Nibakomeze bayerere iyo mumahanga abo bicanyi. Gusa ruriye abandi nabo rutabibagiwe
16 Myandagaro 2016, 16:00, par ROBAT
NTIBAGUTERE UBWOBA WEWE INGO MUGIHUGU CAMAVUKIRO ABO NABAGUTERA UMBWOBA
16 Myandagaro 2016, 16:59, par CAMWA
KIDUMU INGO UTURIRIMBIRE TWARI TUGUKUMBUYE UREKANE NIZOMBWA MUJERI ZIGUTERA UBWOBA AHA MUBURUNDI MUJERI ZARAGUMUTSE ZIRICA ABANTU ARIKO UBU TWARAZIVUGUTIYE UMUTI ZIRASUBIRA KUMURONGO. KAZE RERO NTACO UZOBA
16 Myandagaro 2016, 17:00, par CAMWA
KIDUMU INGO UTURIRIMBIRE TWARI TUGUKUMBUYE UREKANE NIZOMBWA MUJERI ZIGUTERA UBWOBA AHA MUBURUNDI MUJERI ZARAGUMUTSE ZIRICA ABANTU ARIKO UBU TWARAZIVUGUTIYE UMUTI ZIRASUBIRA KUMURONGO. KAZE RERO NTACO UZOBA
16 Myandagaro 2016, 18:54, par BICAMUMPAKA Jules Prosper
Umugabo ntatinya gupfa.kidumu ndamwemeye kweli,harya ntawuhunga urupfu rwaje.niyo mpamvu yorema ntawohindura ico Imana yamwanditseko.nareme mu burundi sibabi na beza baruzuye.p6
16 Myandagaro 2016, 19:11, par Privat
Abobaguteraubwobanabadashakakowogarukamugihugucawe Nimihimbiri Nimbwa
16 Myandagaro 2016, 19:19, par Yesunkiza
Kidumu,ingo uteramishe abarundi twari tugukumbuye,ivyiterabwoba rya mujeri turabizi, nimba muziko aba dd atamikino,muzobimenya igihe kagome azobasuka ngo mutere u Burundi.
16 Myandagaro 2016, 20:34, par RUKUNDO
kidumu,kidumu,kidumu uruwambere muri afrika kandi ukaba uva mu burundi,hariho abatanezegwa nukubona muburundi hari amahoro nacane cane nkawewe uje ngaha,mutama wacu twarabanye mu KINAMA ndazi ko ukunda Uburundi rero karibu abo bakwandikiye usanga kimwe ari mubaririmvyi baririmvye indirimbo zisambura,nka YOYA, MUKOMBOZI !abo ninyanka burundi murazi uko bitwaye bakiri ino ,karibu vrement kubwabanyakinama tuzopfuma tubwira umushikiranganji wumutekano azotange abakurinda bakwiye,hama ndagukunze kukuntu wabwiye iyombwa yarihejeje kukwandikira ivyo wayibwiye uti"ndaje tegura ningoga"urumugabo ahubwo nuze bamaramare witahire amahoro kandi vyiza twokorana urugendo rwamahoro,mugisagara turikumwe na maire de la ville woba ukoze! nkuko twabikoze turikumwe naba miss Burundi.
16 Myandagaro 2016, 21:08, par ZEN
NIWIYIZIRE UTURIRIMBIRE IRYOTERABWOBA RIHAGARARE TUZOGUCUNGERA NONOHO UBURUNDI NINYABAGENDWA MUJERI NIWIYIZIRE UTURIRIMBIRE IRYOTERABWOBA RIHAGARARE TUZOGUCUNGERA NONOHO UBURUNDI NINYABAGENDWA MUJERI ZAROMOTS
16 Myandagaro 2016, 23:06, par Njahuro
Urikureba Kidumu Kidumu Ikirabika Burunji! Asaneza Naprezident Nkurunziza! Gitufu Mumwagare Burunji Abobagara Kumukorera Bubi Mubavume Gatonda Ntakabah,imere Enjaribarume Namwe Musanyuka Ningo!Ye Igitambura Mumase Mugire Empela Ndungi Namukamagatonda! Musureburungi Basebo Nabakazi Nayanga Nabanyabo Yari Njahuro Kampala
16 Myandagaro 2016, 23:12, par Njahuro
Urikureba Kidumu Kidumu Ikirabika Burunji! Asaneza Naprezident Nkurunziza! Gitufu Mumwagare Burunji Abobagara Kumukorera Bubi Mubavume Gatonda Ntakabah,imere Enjaribarume Namwe Musanyuka Ningo!Ye Igitambura Mumase Mugire Empela Ndungi Namukamagatonda! Musureburungi Basebo Nabakazi Nayanga Nabanyabo Yari Njahuro Kampala
17 Myandagaro 2016, 00:41, par chance
ayo mazina abantu basigaye bita abandi mbe nibiki.nasize mu burundi hari abitwa iboro ubu naho ngo nimujeri.ayo mazina yose ateye isesemwe.je nzi ko basukuru bahasize abarundi.abahutu,abatutsi abatwa.mbe mujeri na boro n,ubundi bwoko buri iwacu.erega muraza muratumenyesha twe tudahari tumenye niba havutse ubundi bwoko kuko tuzohava twisanga twarabaye abandi.barundi,inzankano naho zizodushikana.ukwihorana ntaho kuzodushitsa.twese abari bazima ubu ntanumwe azoba ahari muri 2100.turi 2016 nukuvugako mu myaka 84 iri imbere ntanumwe yoduza urutoki yiyemere ko azoba ahari.yanini kuuwana jamani?uhoraho tuzomubwiriki?aba bantu bosha abandi kwica hari ico bazogufasha imbere y,Imana ko ibitabo bitubwira ko umuntu wese uzoba afise umutwaro wiwe?ubwo burundi tumaraniramwo mbe muzi ko hari abandi bapfuye bakabusiga?ese uhoraho yorandura abahutu n,abatutsi b,imitima mibi!! ese isi yokwasama ikabamira tukiberaho mu mahoro n,iterambere.
17 Myandagaro 2016, 06:14, par EGIDE SIN
KAZE MWENEWACU KU MAVUKIRO YAWE, UMWANSI NAWE AGUCIRA ICOBO IMANA IZOGUCIRA ICANZO
17 Myandagaro 2016, 08:21, par ntaconzoba cleophas
ntibaguc integ! abo ni ababon ico uzohakur.ahubwo ingo udusabir primusic ko yosubir gutanguzw
17 Myandagaro 2016, 11:07, par Gakozi emmanuel
Nta mwansi afise mu burundi Kidumu. Naze baramukumbuye. Abajejwe umutekano bazomukingira ko bamaze kubimenya hakiri kare. Karibu muhira.
17 Myandagaro 2016, 16:06, par Ndayishimiye Vénuste
Ebana Ukuza Kwany Kuzodushimisha Abo Nabo Bagutinyisha Ni Abadashak Ak Gasha
17 Myandagaro 2016, 16:49, par justin
Vrt inkozi zikibi ntizibura mugihugu c uburundi
Tuguhaye ikaze iwacu iburundi
17 Myandagaro 2016, 16:49, par justin
Vrt inkozi zikibi ntizibura mugihugu c uburundi
Tuguhaye ikaze iwacu iburundi
17 Myandagaro 2016, 21:24, par Ntunzwenimana Moise
Imana yakuremye niyo ifise ubushobozi bwo kugukura kur’iyi SI,abo n’imburakimazi babuze ico bakora.kaze imuhira tuguhaye ikaze.
17 Myandagaro 2016, 21:53, par yvan
ntugire ubwoba
18 Myandagaro 2016, 09:13
Go!!!! KIBIDO, uwukwanka y’imene
18 Myandagaro 2016, 23:08, par Kinama
Ikibwirwa n’icumva icerekwa n’ikibona, uraramuka ugeze mu Burundi kwaheli Ndugu,tuzohurira mw’ijuru
19 Myandagaro 2016, 21:21, par Citegetse Amos
Naho Kibid Bomwica Boba Bihoy Ubusa Kuko Mumuzki W’iburund Yaragz Ico Amara Twomwibk!
20 Myandagaro 2016, 03:41, par bit?nitwa nibitanga sébatien
NIyu mvira y’uko wosubira mugihugu cuburundi
20 Myandagaro 2016, 04:30, par sébatien
kumukunz . wigihugu c uburundi kidum. kuko uziy’uko’ imana izakurema umunt yamaze Kumute Gurira ukuntu . azobaho, nukunt azopfa nushire . umutima munda,ugaruke. uturiri mbire . kuko jewe. nta co nogufa sha atari amashengesho. shira umutima munda ugaruke ugire ijoro ryiza . urakoze!
21 Myandagaro 2016, 22:12, par Mussa Al Islam
Nibarekekumuterubwoba Kuko Numurundi Nazekugirumuzikiw iburundi Nawo Uterimbere Abobamuterubwobanabo Nibateshwebate Kuk Allah Aramubona. Niwavugikintungobakikaba Yaramukiw Nokwiyotariki Niyatoz iburundi Yopfa
31 Kigarama 2016, 21:09, par Célestin
Karibu Mugihugucamavukiro Ariko Ugendugaba
6 Nzero 2017, 20:04, par Medrick Sanga
Nibareke Kumutera Iterabwoba