Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kimwe mu birangaminsi vyo mu mwaka w’2014 giteye ubwoba abantu
Kimwe mu birangaminsi vyo mu mwaka w’2014 giteye ubwoba abantu
lundi 2 Kigarama 2013
Umwaka ugira urangire. Abandaza canke abikorera ivyabo bariko bakora ibirangaminsi vy’umwaka w’2014. Inyuma y’ikirangaminsi kiriko ifoto ya Carmen Electra (umukinyi w’amareresi kandi n’umuririmvyi), canke iyiriko inkumi n’imisore beza kuruta abandi, iya sohotse ivuye mu gihugu ca Pologne y’umudandaza Lindner w’amasandugu bahambamwo abantu iratangaje.
Uwo mudandaza w’ama sandugu (cerceuils), yahitanye abakobwa bambaye izuba, abaryamika hejuru y’amasandugu yiwe, hanyuma akabafata amasanamu. Ivyo yama abikora ukwo umwaka utashe. Mu mwaka uheze, ishengero rya Katorika ryo mu gihugu ca Pologne ryararengewe n’ukuntu Lindner (umudandaza) afata abantu bazima bambaye izuba, akabaryamika mw’isandugu nk’abapfuye. Iryo sengero ribona ko Lindner yashatse kuvuga ko umuntu yemera kwifotoza yambaye ubusa yogereranywa n’uwapfuye.

Nyene urwo ruganda yabisiguye avuga ati: « Abantu biyumvira isandugu (cercueils) ukutarikwo, ego irababaje itwawemwo uwawe, ariko naho itobaho, abantu bopfa kandi bagahambwa mu kintu bokwita ukundi. Nagize ibi, kugira abantu bareke kuyitinya, bayiyumvemwo nk’ibindi bikoresho bishobora gutunga ababikoresha, nk’igitanda umuntu aryamako. Vyongeye, si ikimenyetso Rukristo. Kuki none abantu batinya isandugu, ariko ntibatinye birya bintu bisiga, impuzu bambara canke ibindi?
Abo bakobwa bemera ko bafatwa amasanamu bicaye canke baryamye kuri izo sandugu bambaye izuba, bababariko baca amahera kuko iryo shirahamwe riraheza rikabahemba.



Cherif Nkeshimana
Messages
3 Kigarama 2013, 12:18, par luka
Murabivuze. Koko umuntu yerekana ubwambure bwiwe nicokimwe n’uwuri mw’isandugu. Abo bakobwa bo baca amahera, ariko kugira uyo muntu azane abakobwa kandi bari gusa, murumva ko ar’ibintu vy’amadayimoni akoresha.
3 Kigarama 2013, 21:40, par nw
eregabosebarapfuye bahisha umunukogusa kukontawiyamburakumutaga atagwayemumutwe canke ngwabe aryamye