Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > KINA MUSIC bishuye ku bibazo vy’abamenyeshamakuru
KINA MUSIC bishuye ku bibazo vy’abamenyeshamakuru
jeudi 25 Kigarama 2014
Umurwi w’abaririmvyi bo mu Rwanda bari muri KINA MUSIC batanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku bijanye n’ibikorwa vy’abo mu murwi hamwe n’ibijanye n’igiteramo bahava bagirisha.
- foto: Afrifame. Abagirishije ikiganiro
Abaririmvyi knowless BUTERA, Christopher, Tom Close, TMC na Platini bagize KINA MUSIC baraye bashitse mu Burundi, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru bashimye cane ubwiza bw’Uburundi. Bamwe muri bo nka Knowless na Christopher bwari ubwa mbere bahashika. Knowless ariko arasigura ko Uburundi n’Urwanda ari bimwe, ati:" sinigeze menya ko navuye mu rwanda kuko sinigeze mbindura ururirimi kandi n’ikirere kimeze kumwe". Muri ico kiganiro, abo baririmvyi bari baherekejwe n’uwurongoye Volcano hamwe na Clement arongoye inzu y’ubuhinyanyzi KINA MUSIC.
Uwaserukiye Volcano amenyeshako ibiteramo bigiye kugwizwa hagati y’Uburundi n’Urwanda kugira akaranga k’umuziki hamwe no gukomeza ubucuti vyiganze muri ivyo bihugu. Nayo ku kibazo c’uko umuziki w’Uburundi woba utavuzwa cane mu Rwanda, Clement yishura ko umuziki uvuzwa ariko atarugero yotanga kuko arumva indirimbo za Fariouz, Yoya, Sat B n’abandi. Arongera ati:" kugira ururirimbo ruvuzwe bivana n’uko umuriririmvyi wenyene yarukoze kuko ntawo bwiriza umuntu ntavuze ururirimbo kndi arukunda".
Mu giteramo co kuri Musee Vivant baza kujamwo igihe c’isaha icenda, bavuza umuziki"semi Live", kandi barangije bemera ko gukorana n’Abarundi babitanguye kera n’ubu bakibandanya. Tom Close wewe avuga ko kugira igiteramo mu Burundi babigize bateba kuko Abarundi bama mu biteramo mu Rwanda, avuga nka Kidum, fariouz, Yoya n’abandi ati:" Reka natwe tubigane".

Mwomenya ko KINA MUSIC iza kwakirwa na Rally Jo, Happy Famba, Lolilo, Black G abo bazogumana no mu biteramo bazogirisha mu ntara za Ngozi na Gitega mu mpera z’iyi ndwi.
Umviriza ururirimbo Twaribohoye na KINA MUSIC
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Kigarama 2014, 10:26, par claire
igiteramo cari fake, playback gusa??? wapi ntamiziki iri ngaho.