Accueil > Amakuru > umutekano > Kinama : Abari mu myiyerekano bahavuye batana mu mitwe n’abafise (...)
Kinama : Abari mu myiyerekano bahavuye batana mu mitwe n’abafise amahiri
lundi 25 Rusama 2015
Muri komine ya Kinama abariko bagira imyiyerekano bava muri komine ya Cibitoke na Buterere ntiborohewe, kuko basanze hari abafise ibihiri, abo bari mu myiyerekano bakavuga ko ari Imbonerakure za CNDD FDD.

Muri iyo komine ya Kinama rero, umwe mu miduga wamenaguwe ibiyo, abari bafise amahiri nabo, bakavuga ko bari baje kubuza abagirira imyiyerekano muri komine yabo. Abafise amahiri, bacungerewe n’abaporisi, basavye abagira imyiyerekano gutaha mu mihana iwabo. Muri iyo komine ya Kinama, bikavugwa ko umwe mu barongoye quartier yakomeretse. Abaho mu Kinama bavuga ko batemera ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bakaba bari biyunze n’abo muri komine ya Cibitoke na Buterere, mu myiyerekano.
Twobamenyesha ko igiporisi cinjiye no muri komine ya Cibitoke, aho abantu babiri bafashwe.

Aristide Nizigire
Messages
25 Rusama 2015, 18:26, par MUTAMA
izo mbonerakure zitagir itwe mbega iyo manda ya gatatu iriko iratabagaz uburundi bobo ntakibazo yobatera
25 Rusama 2015, 18:48, par mutama
izo mbonerakure ntamitwe zifise mbe iyo manda ya gatatu ihonyang amasezerano y arusha n ibwirizwa shingiro bobo ntaco bibabarira n imburabwenge koko
25 Rusama 2015, 19:38, par mahoro
Izo nkandagitara gitabo zirigwa mumyigaragamvyo ibwirizwa shingiro rivugako umukuru wigihugu agomba gutogwa 2 n, abanyagihugu.ntusarire kumbonera kure ahubwo subira kwishure wige gusoma.
25 Rusama 2015, 20:10, par rwasa
Mbaga ko mutabaza peter bilan yiwe. Ubwo imyaka 10 amaze atwara yarashitse ku nyota abarundi?
25 Rusama 2015, 20:59, par mutabazi
Reka birukane iyo mihirimbiri nibyiza kuyisubiza ku musaga. Erega abo batutsi ntibajya bavana amaboko mumumpuzu. Bamenyereye ko abahutu bakora bo bakarya. Izo mboramukoro zirabeshya ibyazo byaramenyekanye
25 Rusama 2015, 21:03, par jean pierre
Abanyakinama turazi iyo twavuye! Iyo myiyerekano nigume mu ngagara na cibitoki bo batigeze bahunga bandanye biyugarirako natwe batureke twihigire ubuzima!
25 Rusama 2015, 23:34, par buzokira b nkurunziza
NUWUFISE INKOHO ARAFPA NDEKE UBUHIRI MBE NTAMARASOBAVA BOBO NTIBOPFA NUKUBIGIRA UMUKENYURO. BAGENDA BARATORA UTWO NKURU AKOROYE NIYOMOKA NTANA VISA BIGIRIRA NKURA YICARANYE VISA.HEEEEE.IHANURE MISORE ATABWENGE .IKIBAZO:NINDE YOMBARIRA IYO ABA SANS ECHECE BAHEREYE...............NIMUNYINHURE NTIMUTINYE.
25 Rusama 2015, 23:39, par vuganeza
@Rwasa
Bilan ya peter,adolphe,bunyoni,ndakugarika ni positif,ta pige?Abo batutsi b’i bujumbura gusa nibo batamushaka nabo ntawobishinga co kimwe nabo kwa gwasa.Nohanura n’ayandi ma communes kwirarira uwuzoza aje kwifatanya nabo muri quartier kugumura abandi muzobankire bazoce bajana,murumva ako kagayo,nibazikorere mu ma komine i wabo,aho mwosanga ata n’inkoni nimwe mwabakubise,vunagura iyo mihimbiri baturira abahutu mu ma pine bakica n’abapolisi bacu.
Hari inkuru nshasha,muze murabigiza kure ntibabazanire cholera,urumva ngo abatutsi bo mu cibitoki na mutakura ngo bapakuruye za wc bashira ama kaka kuri za barricades,rero havugwako colera na dysenterie vyoba vyadutse yo,nta restaurant nimwe icuguruye,mucunge ama quartiers yanyu ntibabazanire cholera n’amacinya,abo barozi haraho mwari bwabone umuntu yiyugaranira mu ma kaka,ndabarahiye mwicunge avac beaucoup de serieux uwuvuye hariya aje gusuma i wanyu mumwirukane,na nyakabiga na musaga bivugwako naho babikora ngo kugira abapoilisi ntibakure za barricades,abo muri buja rural bo kwa gwasa nibo barungika gusumira abanyamusa,mwicuge mwongere mwirarire amacinya na kolera barabibazanira,tangirira kure!!!
26 Rusama 2015, 00:02, par ntiwihebure
ko bamwe baja mumyiyerekano, ni ibisanzwe muri democratie ko bashikiriza akabari kumutima. ko abandi banka kuyijamwo, nabo nyene ni uburengamzira bwabo kandi mubisanzwe bategerezwa kwubahiriwa kuko niko babibona. ariko nokwibutsa abo bantu bose ibintu bibiri bikomeye. icambere nuko ubuzima bw’umuntu ari katihabwa, ko ayandi mateka yose aza inyuma y’ubuzima. uwuciye kubiri n’ivyo, usivye ko ashobora kubura n’ivyo bindi yarondera, aba ariko arikwegera kurinda ahenuka yicuza. icakabiri nuko ibibazo vy’uburundi biraba abarundi. abo banyarwanda nguma mbona bakokeza, mumenye ko ataciza bazobaronderera atari kutugarukanamwo yangwara mbi vyabananiye gukira ’’umugera w’amacakubiri y’amoko’’ uwoba yarabatumiye canke acuditse nabo, amenye ko ari nk’ikara mubushambara. hagati y’abarundi, ivya manda canke ibiki ntibizobura inyishu, ariko ivy’abo banyarwanda impera n’imperuka muzobibona, abana n’abuzukuru banyu bazobavuma.
26 Rusama 2015, 03:26, par Diomade
Vyatanguriye iwabo reka biherere iwabo, bahaye biyononera itunga mwi commune yabo , ejo bazoriro.
Iyobapfuma basaba amakungu akazohagarikira amatora hanyuma bakavyerekanira mumatora, ariko nahonyene bamenye ko atari bose banka ko president yitoza muba candidat, guko yaba ari bose bavyanka baba barashitse kumugambi mubi bagomba gukora , Igihe bica Ndadaye bagirango barahambaye twarabahinyuye. Nibasubire turabe, babonye umuntu yiyibagije kahise bacabiyumvirango twibagira ningoga nkuko bamye bavyiyumvira, kuva 1952 gushika 1972 no kugeza 1993, ONU ntayariho canke ntabazungu bariho kobagumye bareka ubwoko bumwe bukaguma butsinyizwa, ubutwarabahinyuye vyarabatekurukanye bobo bakora Business kuntambara.
Nibawucane barawota ubuturikwisi yose , sinko hambere hajayo ubwoko bumwe gusa.
26 Rusama 2015, 03:51
Birababaje kubona mukinjana 21 hakiriho abantu bemera kunyagwa ivyabo babona!
burya kutiga biragatsindwa.Mbe kuki babita imbonerakure?Ariko mubona barenzakumazuru yabo!!!Mbebarazi ko ibwirizwa nshingiro nayo masezerano ya Arusha iriyo yabahaye ivyo bafise,nimba baribarahunze ko ariyo yabagarukanye mugihugi?
26 Rusama 2015, 04:10, par Diomade
Muvuga ngo amacakubiri yaraheze mu Burundi, kunko ramabi za Zangandaguye Melchoir Ndadaye, iyaba mwarimuzi umugambi" Jean Marie Ndayambaje former deputy CDF, Burundi Army" bafise bitwaje interahamwe , aribo bamye bakora amaraso " Mwomenye ikiri muriyo myiyerekano, ahubona abanyagihugu barahendwa abobose bajamwibarabara, batize naho ubutegetsi bwohinduka bazo guma arabakoreshwa bomwibarabara.
26 Rusama 2015, 06:02, par BJ
Twirinde cane gutukana ntaco bimaze yaba umuhutu cable umututsi n’umutwa Bose Bava amaraso.kimwe uwicisha in kota azokwicishwa iyindi;ingero ugeramwo niyo uzogeregwa.mbega ugo wifuriza bene so gogushikira wonezegwa?
26 Rusama 2015, 06:43, par emma
emma, yemwe bantu mugumuka mumenye ko twese turabarundi muvuga ko muriko mugwanira igihugu ariko je ntavyombona ahubwo muriko muragisambura muturira amabarabara imiduga abantu ataco mwinona. musaga cibitoke ngagara mutakura nahandi mugumuka gezaho
26 Rusama 2015, 06:49, par olivier
Vuganeza urimbwa itagirumurizo iyaba wavuga abarundi bamaze kurashwa mugabo ukavuga umuntumwe yaturiwe none barya barenga 20 bobo nabaki ntiwumva kurikibogerabere subira konka nimba wacutse utararihagaha ibindi ubireke abamenye gutora ubukoratse bose ntabwenge piere abahenda mumene ko tuzasigarana nawe uzawunwa nakurahiye
26 Rusama 2015, 07:12, par rosa hakizimana
Turashimira abanyagihugu ba kinama ubwitonzi bagira ba nya cibitoki ni mubahe amahoro
26 Rusama 2015, 09:22, par valenties
mwese mukorera ubusa ubwo mwe murazi iyo twavuye?mwikebuke!
26 Rusama 2015, 10:52, par muvyeyi
ni mwitonde vyobafasha. uwitonze amira ibinoze. abantu mugeze kwiyahurisha cholera na dysentérie, ejo nimwahonera rimwe muzovuga ngo ni lete nya nkurunziza ibahoneje. mutakura n’igisagara cose murazi k choléra itabagera umutwe, atamwaka w’ijana mutayigwaye, bndanya! akataretse kaba gasema
26 Rusama 2015, 13:53, par MIRENGUKO.ALFRED
NONE KUBERIKI BOTOJA MUMATORA KUGIRA BITORERE UWOBAGOMBA UBWO SIPITIKE YOGUSAMAZA
26 Rusama 2015, 14:56, par Chacha
Mana tabara abarundi n,uburundi.jewe icombona ntakandi kamanda nakamwe turi bumuhe,kuko tukamwongeye noneho twopfa gusumba abariko baricwa ubu.igihugu cacu yarakiriye hasigaye kamarira ama contra yandikiraniye nabanyamahanga,so none wewe akunda abarundi n,uburundi kuki atotanga ubutegetsi?icokintu arondera ataronce mu myaka cumi nikihe?aba dd bamwe bamwe ninkabakozi ico barakumarira wa mu cdd mutomuto nikihe?atarukugusahura nutwo wirondereye.manifestation nayo tuzoyigumamwo mpaka batumaze twese.
26 Rusama 2015, 15:49, par ndayikengurutse joseph
Giramakenga Mwikebuke Murekekwihamenyo Yabatwenzi. Abatama Nimbacabananiye, Mugih Abana Nabobigeragereze! Musigaye Mutukana Nkabungere!
26 Rusama 2015, 16:01, par babwire
Ntimubeshere mandat ya gatatu. Ivyo mushaka turabizi. Iyaba mwarondera mandat, abantu ntibaba baturigwa. Izotangurira iwanyu iherere iwanyu nyene.
27 Rusama 2015, 08:19, par becléesysy
muporisi musoda kuva nakera tucaruka twumva KO muri abantu bajejwe gkingira umunyagihugu wese ico ari cose,none Ubu mubiraramo ncuti sinsigikiye abiyerekana kandi sinshigkiyeko uwo wese yifuza ico asaba mwoca mumuhonya oya,mwebwe mwibuke yuko ataho mwategerezwa guhengamira mwari gucunga abo banyagihugu,kuko iryango yanyu mwibukeko banana nano,none ejo niwapfa warishe nkumubanyi wawe madame waw cnk umwana waw azofatwa gt mukibano kweli!murazi ubwenge reka guhendwa mubona kuko inzaba niyavuga ntuzishura Yezu ngo barampenze,namba!gerageza puce ubwenge nimba ucunze umukuru wigihugu rikanure ntihahagire IC aba,nawe warungitswe mubanyagihugu bibe uko kuk hagize igipf uwambere azobazw niwew.kora IC mwategerezw gkora ariko nimba mwterezwa kubica nimukore ntakibazo ariko mwibuk k umwe wese impera yiw iriho.
27 Rusama 2015, 11:29, par Boubou
N’ukuri birababaje kubona abantu b’imbura bwenge bashigikiye Président! Intwaro y’igikenye ashaka kuzana i BURUNDI ntaco izomarira uwo wese ariko aramushigikira.We arabaryosharyosha ngo ariko ahabuza abahutu banizwe kuva kera ariko mu vyukuri sivyo .Uguruka amaso mwa bihwiji mwe, mutahure ko atariko ahabuza abahutu , ariko afise umugambi wo kwigumiriza ubutegetsi agaca yitwaza ubwoko bw’abahutu.None abahutu mubona mwaravuye mu bukene muri iyi myaka cumi abatwaye? Mbega gutwarwa n’umuhutu nivyo mushaka canke mushaka gutera imbere? Bigenda gute ngo munezerezwe no gutwarwa n’abicanyi? Muravuga ngo ntaco tuzokwemera atwice kizima ari umuhutu!!!! Heee, n’akumiro mwa bahutu bamwe bamwe mugihumirije? Muzotinda muce ubwenge koko ? Muzotinda muve muri iyo mizana y’amacakubiri yabanyoshe? Sigaho reka kuguma mushigkira uwurenga amasezerano y’abarundi n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu !!!! Abo sindababesha nta neza y’abarundi BOSSE bipfuza. Kandi ikindi mwomenya abahutu ntibazotezwa imbere n’uko mwanse urunuka bene wanyu b’abatutsi canke abahutu batari muri cndd fdd. Oya muzotezwa imbere n’uko muhevye kugendera mu macakubiri mukuva ibuzimu mukaja ibuntu!!! Ni mwige gutora imigambi , kuko igikenye canke ingimba muriko murakoresha uyu musi mugukumira iyindi migambwe no guturira amaradiyo sivyo bizobateza imbere.Ivyo mukora uyu musi muzobizira n’uruvyaro rwanyu kuko uburundi n’ubwa twese si icibare ca ba so ( ndiko mvuga aba dd bitwaza amako).Ndiko ntanga impanuro nta murundi nanka ndi umurundi yipfuza ko twese twokunga ubumwe , imihimbiri , abicanyi , abasuma , .... ntibabe ari bo bahabwa icicaro ngo ni "ama système". Mbega système yo kwigungirako ntimwabonye ico yavyaye 1972 , 1993 , 2010 hamwe n’ubu 2015? Ni kuki akahise katabigisha? Mbega ko muriko murakumira iyindi migambwe , nkubu yoca ifata ibigwanisho nk’uko dd yabigize uwokunguka ni nde mu barundi? N’umuhutu ? N’umututsi ?N’umutwa ? Canke n’umuganwa? Ndababwize ukuri , uwokunguka n’umunyamahanga ariko asoroma ubutare bwa Africa .Kanure mwa dd cane cane imbonerakure z’ibihwiji zitegekwa kwica zigaca zica nk’uko womenga zagizwe utumashini two kwica abarundi.Uburundi busigaye bwacitse "VALLEE DU SANG" kare bwahora bwitwa " Pays du lait et du miel".
Reka abarundi tujandajande!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
28 Rusama 2015, 07:52, par vuganeza
@ buzokira b nkurunziza
Aba sans echecs ni barya nyene bari ku ma barricades,abandi sinduhije yabarungitse mu rwanda no muri congo ,ngo bazogaruke bamara abahutu,ariko ni karibu tumomorane ruce imana!
14 Ruheshi 2015, 22:10, par Ndikumana
Jewe Combona Nukoboreka Nkurunziza Prezida Akitoza Abanyagihugu Nabobakazobacira Urubanza Murabizineza Yukwabanyagihugu,aribobaca Urubanza Jewerero,conobona Nibamureke Yitoze,abanyagihugu Bazobimenya Mugabo,kimwegura Buryabusuma Bwamajwi Bazobukeremwo Babutosoreneza Ok