IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinama - Kamenge : Gerenade zitatu zatewe zikomeretsa abantu (...)

Kinama - Kamenge : Gerenade zitatu zatewe zikomeretsa abantu 11

samedi 5 Ntwarante 2016, par egide

Amagerenade atatu yatewe mu Kinama na Kamenge mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu yakomerekeje abantu 11, yonona n’imodoka imwe yo mu bwoko bwa bus yunguruza abantu.

Muri zone ya Kinama, muri karitiye ya Ruyigi, kw’ibarabara rya 14, abantu bari mu modoka barateye gerenade ku bantu bariko boza imiduga. Iyo gerenade yakorekeje abantu cumi, hakaba harimwo abagera kuri batatu bakomeretse cane.

Amakuru yatanzwe n’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko muri zone ya Kamenge naho, ku gituro c’imiduga (Bus) yunguruza abantu ibakura mu gisagara ca Bujumbura, abantu bataramenyekana bari mu muduga wo mu bwoko bwa Probox, bateye gerenade yakomerekeje umuntu umwe, yonona n’imodoka yo mu bwoko bwa bus yunguruza abantu.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Iyindi gerenade igira gatatu yatewe aho nyene mu Kamenge, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, muri karitiye ya Twinyoni, ariko akaba ataco yononye, nk’uko bimenyeshwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.