IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Abasuma bitwaje ibirwanisho barafashwe n’igipolisi

Kinindo : Abasuma bitwaje ibirwanisho barafashwe n’igipolisi

mardi 16 Mukakaro 2013

Umurwi w’abasuma bitwaje ibirwanisho baratanye mu mitwe n’abapolisi ku munsi w’ejo mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira iryo kuwa kabiri mu Kinindo hafi y’ishure ry’igihugu ryigisha ubutegetsi ENA (Ecole Nationale d’Administration).

Muri abo bari bitwaje ibirwanisho, umwe yaritavye Imana ahitanwe n’urusasu rw’abapolisi, batatu barakomereka. Hafi y’aho kuri iryo shure, abantu batatu baciye bafatwa ku mvo z’amatohoza, kw’ibarabara Bujumbura-Rumonge.

Ivyo vyabaye mu gihe c’isaha zine z’ijoro, abapolisi bakaba bahuye n’abo basuma kandi bariko barondera abandi bari biketse ko ari abasuma bitwaje ibirwanisho.
Icatangaje n’uko uwo yapfuye ahitanwe n’urusasu rw’abapolisi ari intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi azwi kw’izina rya Nyabenda Pascal, afise ipete rya capitaine.

Amakuru yo kwizerwa amenyesha ko abo basuma bari biteguriye kwiba amafaranga yari ahejeje gutorwa ku bubiko bwa banki n’umuyobozi ajejwe ivy’ubutunzi kuri Kaminuza y’umwizero ya Afrika (Université Espoir d’Afrique).

Ayo mafaranga nayo akaba yangana n’imiliyoni 20 z’amadolare y’abanyamerika hamwe n’imiliyoni indwi z’amafaranga y’amarundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.