Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo na Kinama nazo mu myiyerekano
Kinindo na Kinama nazo mu myiyerekano
jeudi 30 Ndamukiza 2015
Umutekano mu mabarabara ya Bwiza na Nyakabiga, ucungerewe n’abasirikare, bari kumwe n’abanyagihugu, abaporisi bakaboneka kw’ibarabara ry’injira mu gisagara ca Bujumbura. Nayo kinama na Kinindo nazo zinjiye mu myiyerekano

Muri komine ya Nyakabiga nta bus n’imwe ijayo, abantu nabo nk’abakenyezi ahanini bakaba barahunze hasigaye abagabo n’imisore gusa. Muri iyo komine nta soko eka ubuzima bwarahagaze kuva imyiyerekano itanguye. Amabarabara yinjira hagati muri iyo komine yose azibijwe amabuye, ibisigarira vy’imiduga vyaka umuriro, amabuye arurumba umucanwa n’ibiti nivyo vyazibijwe amabarabara nka yose. Abanyagihugu bo muri iyo komine twayaze, bakaba batumenyesheje ko mw’ijoro naho, baca birarira, kuko abo mu rwego rw’igendereza bari kumwe n’abaporisi n’imbonerakure baca baza gutwara abantu mw’ijoro.

Muri komine ya Kinindo na Kinama nazo zihereje imyiyerekano, mu gihe ari zo zasa n’izitaratandukirwa n’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Guturira amapine, bikaba vyiriwe mu kinindo, aho n’abagira baje mu gisagara ca Bujumbura mu myiyerekano, barashwe, barahundagara, bamwe barakomereka. Mu kinama abari mu myiyerekano, bashamiranye n’Imbonerakure, aho n’umumenyeshamakuru wa Bonesha yakubaguwe, mbere ahabwa gucumitwa imbugita na bamwe mu Mbonerakure.
Abanyagihugu bari mu myiyerekano twayaze, bagasaba umukuru w’igihugu guheba ico kiringo ca gatatu kiriko gitera impari, mbere kigatuma n’abantu bahasiga ubuzima, maze aze yigire mu nama nkenguzamateka ubuzima bwiwe bwose, canke aze agaruke ubwa kabiri bamutore, ariko iki kiringo yagihevye. Abari mu myiyerekano rero, bakaba baguma bavyina ko manda ya mbere bayemera, iya kabiri barayemera, nayo iya gatatu bati :’’ Aze yimenye’’.
Tukabamenyesha ko, amakomine nka yose y’igisagara ca Bujumbura yamaze kwinjira mu myiyerekano, aho abari muri iyo barahira ko batageza kuyiheba.

Aristide Nizigire
Messages
30 Ndamukiza 2015, 16:46, par mugisha
abasenga bose nimusabire Nkurunziza areke gukorana na SATANI kuko abasenga beretswe ko yagiranye amasezerano nayo ko agomba gutanga amaraso yabantu 5000000 yabarundi kugirango atsimbatare kungoma.ninayo mpamvu yiyita pasteur kugirango ntibimenyekane
30 Ndamukiza 2015, 17:53, par Nuwera
Shaka muterure uburundi mubwubike Nkurunziza wacu ategerezwa kwitoza, uvyemera utavyemera, ukindugaramye twaramushizmbere ngwaduserukire mubazokwitoza, twarubahirije ibwirizwashingiro kandi turaryubaha nimbamubona harahitwihenze nimwiture ubutungane noyomugiye mwibarabara nobwomwokwihond’amabuye canke mukaeandura uburundi ntacobihindura twaramushizimbere maze ikivyimba kivyimbe. Icotwemera nubutungane bujejwe ibwirizwashingirogusa, nayokwihondagura mumabarabara tuvyita gukindisha agakomokomo.
30 Ndamukiza 2015, 18:58, par ndereyimana emmanuel
jewe mbonako kwagiriza umukuruwigihugu ivyuko ajikuzimu mukuri ukwonukwambikibara. hanyuma muburundi ikibazosamoko cankamaronko nkukobamwebavyibaza dupfubugabo ariko kubemerabibiriya basome imigani19-11 ntimugwanire ivyomwemerewe mugwanire ivyobagiririkimazi .kumpandezose .murakoze
30 Ndamukiza 2015, 20:00, par URUNGANWE
DUSENGE MU KURI VYOSE BIZOHINDUKA
30 Ndamukiza 2015, 21:09, par URUNGANWE
N UKWIYAMVYA,N UKWIDIGADIGA,ARAHUMBA AZOREKURA.IMBWA NIYO YAHIYE KU MURIZO BATI BURAKEYE TUHEREKE ABAGABO
30 Ndamukiza 2015, 21:43, par fire
non ga kinama nayo niyabahutu?
30 Ndamukiza 2015, 22:21, par Rwamo kraks salomon
Mukomere kumuheto turinyuma yanyu Imana ibazigame.
1er Rusama 2015, 12:38, par Niyonkuru.Jire
Emwe.Nareke.Gutuma.Abene.Gihugu.Bahasiga.Ubuzima.Niyihangane.Eze.Yitoze.2020
1er Rusama 2015, 12:48, par Nduwi
MUSHAKA MUSARE ATEGEREZWA KWITOZA VYANKA VYAKUNDA KUK NAWENYENE SIKIJUJU ABONA ATATEGEK RIBIMUREKURIRA NTIYARI KWIRIRWA ARAVYEMERA NUK YABONYE KWABIREKURIRWA NIBWIRIZWA SHINGIR IKIMBABA ABBOSE BAJ MWIBARABARA NTANUMWEE ARASOMA ERO BWIRIZWA SHINGIRO NIMUKINDE CANKE MUREK AY MAHERA BABAHENDESHA AZOHERA BITANU 5000 KUMUSI MUKORERA,AZITOZA UWANKA YOMOKE. TURABAZI ABATUTSI INZIGO YANYU MWABONYE MUTAZOSUBIRA GUTWARA AT REKA TUGARUKANE AKAJAGARI MUGIHUGU KAGAME MWISHIMIRA ARATUZI MURIKONGO IVYO TWAMUKORERA NINGABO ZIWE AHAHO ARAZA NIMUHIRA AZOTUBONA.
2 Rusama 2015, 10:07, par TEKANE
BAZE UBUTNGANE YEMWE!YAMARA UWUTUKA INZEGO Z’IGIHUGU WESE NI UMWANSI W’UBURUNDI,KUKO PEREZIDA,WOMUKUNDA UTOMUKUNDA,AKIRI KU NGOMA,NI SEBARUNDI.Muhagabire rero ahandi ho impimba iruguruye!
2 Rusama 2015, 20:45, par Elvis Elvis
Pacifique,ka rufyiri nabandi bakokeza imigumuko mukurungika urwaruka mumigumuko kugira mwicire inoti!ni bakomezze kubagira aba stars gose mais amaraso yabo bana azobahumire!!ivyo inda zanyu zidahaga..
3 Rusama 2015, 21:29, par Habimana Samuel Ndi Murwanda
Abarundi Turacari Ibijuju Nimuvanaho Iyomvugo Ngo Umuhutu;umututsi;numutwa Ntakizatuma Mutumvikana Kumvikana se Bisaba Iki? Ni Code Mufite
12 Rusama 2015, 08:44, par Imbonerakure
Nshaka kubona neza ikivyimba
11 Ndamukiza 2016, 22:25, par NAHAYO
ABARUNDI TUZOKUGWA INYUMA
3 Kigarama 2016, 15:59, par Télésphore
Nibareke Kug,iMyiyerekano Kuko Ntaho Vyobageza