Accueil > Amakuru > umutekano > Kinindo : Umuduga wari utwaye imikate waturiwe uraherengetera
Kinindo : Umuduga wari utwaye imikate waturiwe uraherengetera
jeudi 7 Rusama 2015
Umuduga wari utwaye imikate mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, waturiwe uraherengetera, ariko abakoze ivyo bakaba bataramenyekana.

Mu gatondo ka kare ko kuri uyu wa 7 Rusama, umuduga wari utwaye imikate mu Bunanuko bw’igisagara ca Bujumbura, wahiye wose, n’ibirimwo biratokombera. Amakuru twakuye aho uwo muduga wahiriye, hafi ya kaminuza Umuco, batubwiye ko abayituriye batarabamenya, kuko n’abakora iyo myiyerekano basanzwe bayigirira mu Kinindo, uhereye ahitwa ku Makara. Ico kibanza cahiriyemwo uwo muduga gicungerewe n’abaporisi benshi, bamwe biyicariye iruhande y’ibanki BCB, abandi bazunguruka umwe umwe.
Uruja n’uruza kuri iryo barabara rukaba rwari rwahagaze, aho n’abarengana, ubona ko bafise ubwoba bw’ivyo vyabaye. Ibarabara rija mu Kinanira, aho bita kw’iseminari ntoya, haracungerewe rwose nahone, mu gihe ako gace gakunze kuberamwo imishamirano y’abaporisi n’abari mu myiyerekano. Uwo muduga uturiwe ukaba ugize kane, inyuma y’imiduga itatu yakoreshwa n’abakorera urwego rw’igendereza.
Bamwe mu bayaze n’ikinyamakuru IGIHE.bi aho mu Kinindo, baribaza uwuzoriha ibiriko birononekara kubera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yanse gukurikiza amategeko, mu kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, n’ibwirizwa nshingiro. Abo twayaze, basaba Se Barundi, gukubitiza agatima mpembero, agaheba ico miringo, kuko imyaka icumi abatwara, atari mike, ko hari n’abatwaye amezi canke umwaka umwe, ariko bagumanye agateka k’abigeze kurongora igihugu. Bamusaba ko yoheba ico kiringo, gurtyo, amahoro yatsimbataje, akayingora kurusha, aho gusiga ayasambuye wenyene.



Aristide Nizigire
Messages
7 Rusama 2015, 10:39, par sinabajije
Birababaje IMANA izoca urubanza rukwiranye nivyo u1u1 wese yakoze harahiriwe uwunvira ijw’idy’I MANA kandi uwudy’irengagiza azovunagugwa giturumbuka atagira gitabara. Sorry
7 Rusama 2015, 11:29, par la paix
Nko guturira imodoka bimaze iki? Imodoka ziragwana? Imodoka nazo zizokwitoza ubugira gatatu? Abariko baragira imyiyerekano bari bakwiye kuyigira mumahoro ariko ntibononere abandi kuko nabo iyo vyoba ari vyabo bobabara, ababikoze bose IMANA ibaharire
7 Rusama 2015, 12:24, par Kundimana
Abo baturira itunga rya bagenzi babo ubwo bazoronka akaryo ko kubasaba ikigongwe? Canke satani azoca abakomantaza imitima bishigikire ngo babaye intwari ngo bikuyeko umwansi. Yooo ndabaririye icompa ivyo mugira Imana ikaduharira kuko tutazi ico dukora, ntaho dutaniye n’ababamvye Yesu, nabo Yesu yarabahariye kuko batari bazi ico bakora. Yesu natwe uduharire kuko tutazi ico dukora.
7 Rusama 2015, 12:53, par Kundimana
Abo baturira itunga rya bagenzi babo ubwo bazoronka akaryo ko kubasaba ikigongwe? Canke satani azoca abakomantaza imitima bishigikire ngo babaye intwari ngo bikuyeko umwansi. Yooo ndabaririye icompa ivyo mugira Imana ikaduharira kuko tutazi ico dukora, ntaho dutaniye n’ababamvye Yesu, nabo Yesu yarabahariye kuko batari bazi ico bakora. Yesu natwe uduharire kuko tutazi ico dukora.
7 Rusama 2015, 13:00, par KAVYINABUSHUSHE
Je nibaza ko mworonderera muri abo bapolisi bbari bahacungereye,koko ivyo ntibukuka vyagizwe nabagomba gutera iceyi abariko bagwanya ikiringo cagatatu kinyuranye n amasezerano ya arusha ndetse nibwirizwa shingiro.Gutwarwa nkibimodoka bitagira amafire turavyiyamirije kandi bihagarare
7 Rusama 2015, 13:06, par Bob
IWACU n’a pas vu comme vous IGIHE:
C’était ce jeudi matin sur la route Rumonge, tous les passants ont cru que ce sont les manifestants qui ont mis le feu à ce véhicule. La plupart des piétons et même des automobilistes commençaient à rebrousser chemin ou à contourner cet obstacle croyant qu’il s’agit d’un acte délibéré des manifestants. Mais après vérification, un court-circuit était à l’origine de cet incident.
Source IWACU
7 Rusama 2015, 13:41, par nd
bandanye basha mukureko ico kijuju kitakimenya guharura IBIRINGO gitwaye
7 Rusama 2015, 16:30, par kiki
Nabo ba police sha mbe bagire kutwica bagire no kutubeshera? OYA NI BAMARAMARIRE HIYO
7 Rusama 2015, 20:34, par NIYONSENGA ERIC
MBE IBINTU BIRKO VYONONEKARA BIRI KU GATW KWA NDE ?
8 Rusama 2015, 10:00, par bucumi severin
nibaza ivyononeka bizoca kugatwe kababikoze ubwambere hama nababatumye., nabo barazwi
8 Rusama 2015, 12:08, par Hamda
Bararaba neza iyo Modoka ntiyaturiwe nabandi nabo nyene bariko biyerekana kuko ntazahora zisha Ikindi kandi kuki imyiyerekano ikaze mu ma Quartiers? ya ba Tutsi harimwo ikibazo
8 Rusama 2015, 14:16, par Frank
Wewe wiyita Bob ntubeshe. Iyo modoka y’imikate mwarayituriye kandi muzobihanirwa. Imihimbiri !!!!
8 Rusama 2015, 17:06, par Désiré
Abo Bantu Bavuga Kwabigaragamvya Ari Abatutsi Gusa Sivyo Nagato!Mbe Leonc,mugwengezo,minani,...Bahinduts Abatutsi Ryari?
9 Rusama 2015, 14:10, par juvenal
Nabagizi banabi bizobazwa pacifiqwe nagatsiko barikumwe bitegure kuvyishura ok
12 Rusama 2015, 12:38, par David
Ndi muri sudani ivyo nibazako vyobazwa se barundi kuko arimuga cerere ibiba vyose arabizi nabihagarike nakare ngo numusenzi yibuke kwimana izobimubaza ok