IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kiriri : Ahegereye ikirimba c’umukuru w’igihugu haguye ibisasu (...)

Kiriri : Ahegereye ikirimba c’umukuru w’igihugu haguye ibisasu bibiri

vendredi 20 Munyonyo 2015, par egide

Ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa obus vyaguye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu i Kiriri mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe hari abamaze kwemera ko aribo babiteye, mu giporisi c’Uburundi barahana ayo makuru, bakavuga ko ari ububeshi.

Mw’ijoro ryo ku munsi wa gatatu rishira umunsi wa kane, harumvikanye i Kiriri urwamo rw’ibisasu bibiri vyaguye i Kiriri hafi y’ahsanzwe haba abaserukizi babiri b’ibihugu vyabo mu Burundi, basanzwe baba iruhande y’ikirimba c’umukuru w’igihugu. Ayo makuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP amenyesha ko ivyo bisasu ata kintu na kimwe vyononye.

Ku mihoro ngurukanabumenyi y’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ry’uwo munsi wa gatatu, haraciyeko amakuru yavuga urwamo rw’ibisasu bibiri rwumvikanye, ariko bakaba batamenye aho bitewe.
Umwe mu baserukira ibihugu vyabo atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye AFP ko ivyo bisasu vyaguye iruhande y’ikirimba c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Amakuru dukesha AFP amenyesha ko abafashe ibirwanisho biyamiriza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bamaze kwiyemerera ko aribo bateye ivyo bisasu bari mu misozi yo muri Bujumbura rural, bakemeza kandi ko ikirimba c’umukuru w’igihugu arico cariko kiraronderwa.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ayo makuru ari ibinyoma. Uwo avugira igiporisi c’uburundi yabwiye AFP ko ayo makuru mu giporisi bayumvise, baca baja kuyatohoza, ariko bakaba basanze ari ibinyoma.


IGIHE

Messages

  • Iyo nindamukanyo akari inyuma karahinda,uno musi mwijoro nkurumbi turamutera ibindi 5,ico bita mu giswahili "LALA SALAMA"

  • ndabona nkurunziza ashobora gupfa urwa kadaffi natareba neza abamurwanya bafite impamvu zikomeye zogutsinda amahanga yose yamuvanyeho ikizere

  • IBITEKEREZO NIMUTAMBUTSA

  • NKURIKIYE ivyo avuga ntagitangaza kirimo kuko buri gihe niko avuga turamumenyereye mumajambo yiwe niyo abantu bapfuye we avuga ko atabapfuye ntanubwo yemera ko mu Burundi harimwo intambara buri gihe aba yifyinira ngo nabasuma ahandi naho ngo nabagizi ba nabi urumvako ibi vyovyo atovyemera kuko abanyagihugu bo mumitumba bocya bamenya ko i Burundi bikomeye ariko umunsi rwamugezeho azovyemera atawe abimubajije azobaze PRIME niwe abizi ko mu Burundi hatari inkozi z ibibi ahubwo hari intambara inakomeye cyane.......ese Nkurikiye ndakwibarize ko uvuga ko ntantambara iri i burundi amasase avuga buri munsi ,ibikoho binini binini bya buri munsi ,rocket za buri munsi ,abantu bapfa buri munsi bava hehe? Iyo uvuze ko nyiri urugo yapfuye ntabwo ari wowe uba wamwishe nawe niwemere ntawuzogutweka kuko isi yose irazi ko mu Burundi hari intamabara

  • Mbega abo bashaka ko Uburundi busubira mw’ihumbi ntiboba bararindiye gushika muri 2020 kobahiganwa mu matora ni bibuke ivyo Ndadaye yababwiye ko bazica Ndadaye mugabo ko batazokwica ba Ndadaye kandi niko vyagenze gushika ubu.
    Ubu ibirwasho sivyo bizobaha ubutegetsi.

  • Uwo NKURIKIYE avuga uko kugira ntiyisesere ubufu muriyi misi.Narindire bari munzira bashigikiwe ,bazobamesera hamwe na sebuja.Kazima bamaze gukwira igihugu cose,ivyo baraye babonye kukirimba nintango ibiri nyuma birahinda.Bankurikiye bamenye ko intango y’amasoso k’ar’ubuhanza.

  • Uwo NKURIKIYE avuga uko kugira ntiyisesere ubufu muriyi misi.Narindire bari munzira bashigikiwe ,bazobamesera hamwe na sebuja.Kazima bamaze gukwira igihugu cose,ivyo baraye babonye kukirimba nintango ibiri nyuma birahinda.Bankurikiye bamenye ko intango y’amasoso k’ar’ubuhanza.

  • Kabisa mumukubite bya kweli kweli agasuzuguro n’ubugome izo nkora maraso zigite zibure aho zihungira muzigotere iburundi ubundi bumve umuriro

  • amaherezo y’inzira ni murugo ( muhira) ejo bateye bibiri noneho uyu munsi baratera icumi reka nkurikiye tube turamwihoreye tubanze nkurunziza ahubwo vyiza narabe ahantu ahungira ntapfe nka kadafi ICO nzi co ntabonane ( bonne annee) azarya ndabimubwiye ndi numusirikare wiwe ndabivuze nkabimubwira banyica ntazabure ubwenge

  • amaherezo y’inzira ni murugo ( muhira) ejo bateye bibiri noneho uyu munsi baratera icumi reka nkurikiye tube turamwihoreye tubanze nkurunziza ahubwo vyiza narabe ahantu ahungira ntapfe nka kadafi ICO nzi co ntabonane ( bonne annee) azarya ndabimubwiye ndi numusirikare wiwe ndabivuze nkabimubwira banyica ntazabure ubwenge

  • amaherezo y’inzira ni murugo ( muhira) ejo bateye bibiri noneho uyu munsi baratera icumi reka nkurikiye tube turamwihoreye tubanze nkurunziza ahubwo vyiza narabe ahantu ahungira ntapfe nka kadafi ICO nzi co ntabonane ( bonne annee) azarya ndabimubwiye ndi numusirikare wiwe ndabivuze nkabimubwira banyica ntazabure ubwenge

  • amaherezo y’inzira ni murugo ( muhira) ejo bateye bibiri noneho uyu munsi baratera icumi reka nkurikiye tube turamwihoreye tubanze nkurunziza ahubwo vyiza narabe ahantu ahungira ntapfe nka kadafi ICO nzi co ntabonane ( bonne annee) azarya ndabimubwiye ndi numusirikare wiwe ndabivuze nkabimubwira banyica ntazabure ubwenge

  • nta obus yatewe kandi naho yotegwa ntaco bitubwiye kuko nizo twatewe is billions of obus zimwe twarasama ntaco zadutwaye ahubwo twiteguriye guhamba inkozi yikibi yose ubutakigaruka kwisi.

  • Yemwe tureke gukokeza ariko dushire imbere ibiganiro kuko yaba abagwanya leta bokironka hama abayivuyeko nabo bagasubira kugira nkuko vyogenda gute?enda yemwe yaba leta yaba abayigwanya mureke gusesa amaraso yabene burundi kuko Imana izoyababaza kandi uwicisha inkota azokwicishwa iyindi,bahutu Adorofe arihe?batutsi bikomagu arihe?hagarika vuba kuko gihonomu casamye kirindiriye abicanyi bose,ariko imbere yaco bazobanza kuribw’inyama namadayimoni.

  • IVYO MUBURUNDI BIRAGOYE N’UKURI!

  • Yemw Niyo Vyob Arivy Ntaco Bazochikako.U Burundi Butwagwa Namategek Mbeg Batera Barek Nkuk Président Yavumerey Nta Ntambar Izogaruka Mu Burundi.Uwuzoyiter Ab Az Ko Izohera Iwe Igaherer Iwe.Vyos Imana Irabibona.

  • ivyo uburundi biragoye wumva aba na bariya ngobagwanira agateka kazina muntu naho birongerer inyungu zabo.bose bavùga uko.nibagisambure abandi bokubaka barahari.

  • UWIYUMVIKO YOKWATSA UMURIRO KUMURWANYA NISEGUNDA

  • UWIYUMVIKO YOKWATSA UMURIRO KUMURWANYA NISEGUNDA

  • UWIYUMVIKO YOKWATSA UMURIRO KUMURWANYA NISEGUNDA

  • Eeeeh!!!Mbega Ayo Makungu Asumba Imana Yaremye Nyenicubahiro Umukuru W’igihugu C’uburundi?

    Mbega Mwumvise Ngo Lybia Ubu Ifise Amahoro Ko Kadaffi Yapfuye?

    None Ka Banyakwubahwa Barundi N’amakungu Mubona Igandagurwa Rya Nyenecubahiro Mélchior Ndadaye Yari Yitorewe N’abarundi Isinzi Ryatuzaniye Amahoro Canke Ryatuzaniye Amarira Adahera?

    Amakungu Yararafashije Mukugandagura Kizigenza Wa Lybia Na Afrika Muri Rusangi Kadaffi Biheze Baciye Bigira Bahejeje Kuronka Inyungu Zabo Uy’umusi Ababa Muri Ico Gihugu Bugarijwe N’ubukene,inzara,amarira N’amaganya!

    Barundi Benewacu Dukunde Igihugu Cacu Twongere Dukundane Hagati Yacu Uko Amoko Yacu Ari Atakuryana Kuko Twese Turi Bene Burundi!

    Uburundi Ni Impetso Ya Twese Niyatubukuruka Twese Tuzotibuka Kandi Tuzicuza!

    Mana Dufashe Dukundane!

  • Barundi Burya Ntimubona Ko Shetani Yateye Mubantu Twagiretwisununure None Hariho Abate Bashetani Ba Temera Ko Twiteza Imbere Ingo Tuve Hasi Tubagwanirize Hamwe Kuko Tutabagwanije Ntitwotera Imbere Bishobotse Tubamese Kuk Kudahana Imbwa Byorora Imesega Imisega Nayo Igwiza Imbaragasa Nazo Zagufashe Ntutora Agatiro

  • BARUNDI BARUNDIKAZI
    Mu Rwanda turavuga ngo AKARENZE UMUNWA KARUSHYA IHAMAGARA
    Hashize ibyumweru bibiri KAGAMEyivugiye yuko yabuze NKURUNZIZA PETERO
    amushakaho iki? Ko ategeka u RWANDA, NKURUNZIZA akayobora u BURUNDI
    U BURUNDI ni igihugu kigituranyi. Murabona yuko ibyo KAGAME yavuze bitangiye gusohora.
    Nkunda u RWANDA,nkunda kandi u BURUNDI ariko sinkunda INTAMBARA,AMACAKUBIRI N’UBWICANYI
    Mumenye yuko hano kw’isi nta mirwano hagati Y’IBIHUGU ishobora kuba hatari ABANYAGIHUGU cyangwa AMAKUNGU abyivanzemo
    Akarorero:
    MUSEVENI yateye i BUGANDA ashigikiwe na NYERERE na HABYALIMANA hanyuma akuraho MILTON OBOTE
    FPR ya KAGAME yateye U RWANDA ishyigikiwe na UGANDA , USA na ENGLAND bakuraho HABYALIMANA wari ushyigikiwe na FRANCE.
    DESIRE KABILA yateye ZAIRE(CONGO) ishyigikiwe n’U RWANDA, UGANDA, USA NA ENGLAND bakuraho MOBUTU SESE SEKO WAZABANGA
    M23 yateye CONGO ishyigikiwe na KAGAME NA MUSEVENI ngo bakurehoJOSEPH KABILA ariko JACOB ZUMA NA KIKWETE babashubije inyuma.
    CNDD FDD yateye i BURUNDI imyaka icumi ishyigikiwe na TANZANIA na AFRIKA Y’EPFO bakuraho ba BUYOYA
    ABATERA u BURUNDI muri iyi minsi ni ABARUNDI bari mu runani CENARED, U RWANDA rwa KAGAME hamwe na BELGIQUE bifuza gukuraho NKURUNZIZA
    Ibyo niko ibintu biri ntabwo tugomba KWIGIRA IMPUMYI NGO TUTABONA UKURI.
    Ndi UMUTUTSI w’ i RWANDA ariko FPR ya KAGAME niyo yamariye umuryango wanjye. Utanze ibitekerezo hano ntabwo ari INTERAHAMWE kuko mu RWANDA uvuze ukuri cyangwa ibitekerezo bitajyanye nuko FPR yifuza babwita INTERAHAMWE. FPR ya KAGAME yarishe BATUTSI N’ABAHUTU itarobanuye nkuko INTERAHAMWE nazo zishe. FPR cyangwa INKOTANYI ntabwo ari ABERANDA kandi batera u RWANDA ntabwo baje bavuga ISHAPULE MU NTOKI nabo abari bafite INTWARO. IZO ntwaro ntabwo zarobanuraga ABAHUTU CYANGWA ABATUTSI. Ntabwo mpakanira INTERAHAMWE yuko zishe ariko njywe ndi UMUHAMYA yibyo niboneye UMURYANGO WANJYE NI INKOTANYI ZAWUMAZE ZIWICA. I BURUNDI turatanga ibitekerezo bakabyerekana kubera yuko bakunda UKURI kuturusha mu RWANDA siko bimeze
    ABATUTSI babarakare mu RWANDA tumaze kuba benshi
    RWIGARA ASINAPOLO wafashije FPR yishwe se ejo bundi NI INTERAHAMWE?
    COL KAREGEYA wiciwe mu buhungiro ni INTERAHAMWE zamwivuganye uwamwishe ntiyivugiye kuri RADIO RWANDA yuko yamaze?
    Ninde urusha umuhanzi KIZITO MIHIGO kurata FPR na KAGAME ntari mu gihone!!! Ejo bundi Capitene DAVID KABUYE yongeye gufungwa kubera yuko avuga yuko ari umuhamya mu mirambo yoherejwe mu kiyaga cya RWERU iturutatse i RWANDA. ABO BOSE se si ABATUTSI bazanye na FPR kandibayishyigikiye. AGATSIKO K’ABATUTSI BATURUTSE I BUGANDE nibo BAGASHOZANTAMBARA muri AFRIQUE CENTRALE .Hanyuma se MAHORO FPR yatuzaniye niyo guhoza mu NTAMBARA MU BIHUGU DUTURANYE, NGABO MURI CONGO, NGABO GUTUKA NA TANZANIYA NONE BAGEZE MU BURUNDI....

  • IYO MIHIMBIRI YASONZEYE MUKIBIRA NIBEMERE IBIGANIRO KOKO IYOBAMENYA KURASA BARIGUTSINDA URUGAMBA NKA KAGAME

  • Ndaguhaye pore sana Nyakubahwa Nkurunziza peter,kuvyashitse ngaho kukirimba. ndanagukebura kugira ugire agatima mpebera wibuke ya myaka wa hora wi rirwa uratera amabombe kubanya gihugu, urikurarondera icoja munda peter Buyoya ya raguhaye kugira ico wa gomba ukironke, none nawe biraguhindukiriye nuko wo kwi baza nawe uti niki kiriko kiratuma ibivyose biba? Kwisiyose ntamugabo atibaza iyogaramye, nawe garama wibaze ntu rye guce wigira mumagodoro ngo wiboterere, wi care ureke nugusinzira urabe uburyo woshobora gutorera inyishi yi bibazo bihanzu Burundi, niho zoburumuhinga vyukuri ntiwemere imparo mbi abobakwegereye baguhanura, Ndazineza, nkakizigenza wigihugu ingingo wofata iyariyose yo gukura mukaga igihugu yo shikikirwa nabeshi. ukore hasi nehejuru izongorane ntazuzoheza kubwumuheto. ico ziheza nucibaze nawe urumugabo, na yu bundi uzoza kwibuka ku yora wa shesheee.

  • Igiporisi C’uburundi Kocitemera Dufatiki Kotuziko Muburundintamahoro

  • Nn Mugiporisi Bazokwemera Kwarukuri Ryari Kobavuga Ngonibinyoma Botubwira Ababiteye? Ahubwo Nibarikanure Baramaze Kwinjiranwa Ntibabona Kobatewe Birabasha Nibagumebasamara

  • Ivyo Bintu Nivyo Kuk Nanj Naraziyumviy Isasu

  • IBIVYOSE DUKORA IMANAIZODUHANA KANDI? IZODUHONYA IBIDUPFA BIZORYA ABO IZOREMAMUNYUMA

  • AHOKWIRIRWAGUSENGABAGUMABACUMUZWANIVYISIBIHERANZOBARIRAIMANAIDUSUBIZEIYOYADUKUYEIZANEABANDIBASHASHABASIGAREBARABIRYABATABIRYANIRAMWO MURAKOZE

  • ndababwirukuri, baba abarundi canke abany amahanga! umuntu wese afise umugambi wokwica mwenewabo nigipfu, kuko ibi vyose biba numugambi wa satani, kuko mutahure ko aribihe vyiherezo satani wewe aneze rwa namaraso yabantu ucusavye wewe akwereka ko ukironka wishe abantu none ivyasatani kwar ivyakanya gato duhe ndwe tubona? imana yamaze kugabanya imyaka kubera ivyaha dukora! ati ubikuye he? mubantu ijana mworonka 20 bafise 85? ibuka kuri cami bajana abantu mumy onga, ibuka murwanda abantu muri kanyaru no muyindi myonga, ibuka muburundi uko vyagenze abo twabuz kumugambi wasatani? ibaze iti nkoriki? naho dukenye YESU ARATABARA. izerima na ureke guhendwa na banye portique. soma umusiguzi 6-3jusq6) (imigani27-14) (ivyahishuriwe yohana _22-14jusq21 (20-4 ) (16-5) (9-3jusp11.usoma name nye atahure kuko najewe ndumuntu nkaba umusore ariko fise agahinda kumuti ma kuko atacaha naki mwe ntakoze ariko ntanyungu vyampaye! umkuzi W IMANA WESE, ubonye iyi msg usengere usabire kurangiza nza muzo ba mukoze, YESU NINYISHU.

  • noe inkuru y,ukuri twoyimenya duciy kuhe muhora.

  • ingabozuburundi barabamaso izonyankaburundi n’tiziduhekur

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.