IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Abagore batatu bishwe n’abagabo babo mu ndwi zibiri (...)

Kirundo : Abagore batatu bishwe n’abagabo babo mu ndwi zibiri gusa

mercredi 17 Mukakaro 2013

Mu ndwi zibiri gusa, abagore batatu nibo bamaze kugandagurwa n’abagabo babo mu ntara ya Kirundo, mu ma komine ya Gitobe, Busoni na Bwambarangwe.

Mw’ijoro rishira uwa 16 Mukakaro ku musozi kivumu zone Baziro, muri komine Gitobe intara ya Kirundo, Nyabenda Gatarina w’imyaka 35 yaragandaguwe n’umugabo wiwe w’imyaka 41. Uyo mugore n’umugabo rero, boba batashe baratongana mu gihe bari bavuye kuramutsa abagenzi babo. Haheze akanya gato, umugabo wa Gatarina Nyabenda, yaciye afata amabuye, ayakubita umugore wiwe, gushika n’aho umutwe awusanzaza.

Alice Mukandanga

Ivyo biri ukwo mu gihe kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro umugore wa mbere ariho yicwa n’umugabo wiwe, inyuma y’indwi imwe gusa uwundi mugore aba aragandaguye, n’uyu Nyabenda Gatarina rero yishwe mw’ijoro ryo ku wa mbere rishira ku wakabiri. Abagabo bose ukwo ari batatu bagirijwe kwica abagore babo baramaze guhagarikwa, ubu bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi. Abo rero basanzeyo abandi batanu bapfunzwe kuva mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka 2013, nk’uko bishikirizwa n’umupfasoni Alice Mukandanga arongoye ihuriro ry’abakenyezi b’abarundikazi baharanira agateka kabo "MWUBAHIRIZE" ( Ligue Burundaise pour la Défense des Droits de la Femme).

Muri iyo ntara ya Kirundo rero nk’uko bibandanya bivurwa n’umupfasoni Mukandanga Alice, ubwicanyi bw’abubakanye ahanini buva ku nzoga abagabo banywa kuva mu gatondo gushika mw’ijoro. Inzoga za kanyanga n’izindi zitemewe n’amategeko zikaba ziri mu zikwega ubwo bw’icanyi mu miryango. Avuga ko n’aho Leta yafashe ingendo yo guhasha izo nzoga, mu ntara ya Kirundo ho, abategetsi bo hasi babifisemwo uruhara na rirya bagirizwa guhabwa ibiturire n’abakora izo nzoga, zikanyobwa ukuri kwamye, ata camira, ndetse zigakorerwa aho abanyagihugu babona, ariko bagahora ku bw’ugutinya ababarongoye mu nzego zo hasi.

Uretse izo nzoga, ikindi naco, ni ukutagira ico abagabo bamwe bamwe bashaka guhereza iminwe. Ubunebwe buri mu bituma abagore bahohoterwa. Umugore agize ngo arabaza igituma umugabo atamufasha, aca aheza akamwikurako, amwishe kugira ace arongora uwundi mugore. Abagabo rero bo muri iyo ntara umugenzo wo guharika n’ubu uracabarimwo nk’uko yabandanije abiyagira ikinyamakuru IGIHE. Abagabo Atari bake, baharika bashaka udukumi tukiri duto, canke bagashaka umugore afise ibintu vy’amatungo.

Alice Mukandanga rero asaba abakenyezi ko batoza baragumiriza ibanga abagabo babo mu gihe bumvise ko umugabo afise umugambi wo kumwica, na cane cane ko gucisha mu kanwa ijambo ngo “No kwica” bihanwa n’’amategeko y’Uburundi. Abagore bakwiye kuja mu mashirahamwe kugira bashobore kuhahurira n’abandi, eka ndetse bagashobora kuvugirayo na bimwe mu bibabakiye.

Ubutegetsi nabwo co kimwe n’ubutungane, abisaba ko vyofata ingingo zindi ruhasha zoshobora kurandurana n’imizi ubwo bw’icanyi bukorerwa abagore. Avuga ko bitangaje kwumva umugabo ashobora kwica umugore bavyaranye abana.Aasaba ko hotunganywa n’inyigisho zohabwa ababana kugira bashobore kwubahirizanya bose mu gateka kabo.

Arashimira ubutungane ukwo bunyarutsa izo manza muri iyi minsi kuko abagabo umunani bagirizwa ubwo bwicanyi bose bapfunzwe, kandi akizera ko bamwe bamwe bahora batorokeshwa n’ababo bizohera, eka nawe nyene co kimwe n’ishirahamwe ryose arongoye bakaba ubu bararikanuye kugira uwagirizwa icaha wese ahanwe bikurikijwe amategeko, eka ndetse ata wandya wangura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.