IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Amabati y’inzu niyo yazize

Kirundo : Amabati y’inzu niyo yazize

mercredi 14 Rusama 2014

Umugabo w’imyaka irenga 30 niwe yagandaguwe, ku musozi wa Rugero ya mbere muri komine n’intara ya Kirundo, inyuma y’aho afatiwe ku nzu ariko yiba amabati.

Uwo yishwe akaba yafashwe ariko yiba amabati y’inzu itari bwahere kwubakwa, niko gukubitwa mpaka akitaba Imana kuri uyu wa 14 Rusama mu gatondo ku musozi na zone ya Rugero, n’abantu batashotse bamenyekana abo aribo.

Abishe uyo mugabo bakaba baciye bayanyaga ntibafatwa, ariko bakaba bariko baronderwa. Mukamenya ko mu barongoye intwaro aho mu Kirundo basaba abanyagihugu kutihanira, uyo wese afashwe mw’ikosa akabwirizwa gushikirizwa ubutungane kugira acibwe urubanza. Igiporisi aho mu Kirundo kikaba kiriko kirakora amatohoza kugira abishe uyo muntu bamenyekane.


Aristide Nizigire

Messages

  • Yoooo ewe Burundi urabaje kabisa. None uburundi nuko bimeze?

  • Ingendo yo kwihanira iva ku kudahana abakoze amakosa bikorwa nama sentare. Leta isabwa kwigisha abarundi amategeko abagenga.

  • Yari yambaye ibotine? Erega leta niyo ibituma muzorabe aha mu gisagara ca bujumbura mu ma 10h abasuma biba aba polices babaraba ukuri kwamye umenga barakorana

  • Yishwe kubera reta itahana ivya sentare nizikebu nkakarorero kubitire muri murikomine gisuru murabe uwitazira osama ntasibamumpimba ariko nahoyofatwa ntarenza ukwezi

  • NDI UMUVYEYI ARIKO NUMVA NTATEWE IMBABAZI NURWO RUPFU KUKO IYO NI LETA YA NKURUNZIZA ISHINGIRA IMPIGI ABASUMA KUKO BAVA HEJURU..NONE UMUNTU YIBA ABANDI MUSHAKA ABEHO,,,NTACO BIMAZE AMEZE MKUWICA TUBIMENYERE...NABIBA MU MIRIMA NIBABICE JKUGIRA BAMENYERE GUKORA ..MU KIRUNDO ABO BANTU NI BENSHI...

  • je mbona atakibi nakimwe bakoze barakamwica.iyo yaba yariko yiba indya twavyita gusonza,noneho naho barikumushikiriza igipolisi caca kimurekura,abantu nkabo nukubihanira niho bohaha.

  • je mbona atakibi nakimwe bakoze barakamwica.iyo yaba yariko yiba indya twavyita gusonza,noneho naho barikumushikiriza igipolisi caca kimurekura,abantu nkabo nukubihanira niho bohaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.