Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Amabati y’inzu niyo yazize
Kirundo : Amabati y’inzu niyo yazize
mercredi 14 Rusama 2014
Umugabo w’imyaka irenga 30 niwe yagandaguwe, ku musozi wa Rugero ya mbere muri komine n’intara ya Kirundo, inyuma y’aho afatiwe ku nzu ariko yiba amabati.
Uwo yishwe akaba yafashwe ariko yiba amabati y’inzu itari bwahere kwubakwa, niko gukubitwa mpaka akitaba Imana kuri uyu wa 14 Rusama mu gatondo ku musozi na zone ya Rugero, n’abantu batashotse bamenyekana abo aribo.
Abishe uyo mugabo bakaba baciye bayanyaga ntibafatwa, ariko bakaba bariko baronderwa. Mukamenya ko mu barongoye intwaro aho mu Kirundo basaba abanyagihugu kutihanira, uyo wese afashwe mw’ikosa akabwirizwa gushikirizwa ubutungane kugira acibwe urubanza. Igiporisi aho mu Kirundo kikaba kiriko kirakora amatohoza kugira abishe uyo muntu bamenyekane.

Aristide Nizigire
Messages
14 Rusama 2014, 18:29, par Inkotanyi
Yoooo ewe Burundi urabaje kabisa. None uburundi nuko bimeze?
14 Rusama 2014, 19:20, par Ntawuzahihera Edouard
Ingendo yo kwihanira iva ku kudahana abakoze amakosa bikorwa nama sentare. Leta isabwa kwigisha abarundi amategeko abagenga.
14 Rusama 2014, 22:52, par Bumwe
Yari yambaye ibotine? Erega leta niyo ibituma muzorabe aha mu gisagara ca bujumbura mu ma 10h abasuma biba aba polices babaraba ukuri kwamye umenga barakorana
15 Rusama 2014, 05:14, par Mushaur
Yishwe kubera reta itahana ivya sentare nizikebu nkakarorero kubitire muri murikomine gisuru murabe uwitazira osama ntasibamumpimba ariko nahoyofatwa ntarenza ukwezi
15 Rusama 2014, 09:54, par mukobwajana
NDI UMUVYEYI ARIKO NUMVA NTATEWE IMBABAZI NURWO RUPFU KUKO IYO NI LETA YA NKURUNZIZA ISHINGIRA IMPIGI ABASUMA KUKO BAVA HEJURU..NONE UMUNTU YIBA ABANDI MUSHAKA ABEHO,,,NTACO BIMAZE AMEZE MKUWICA TUBIMENYERE...NABIBA MU MIRIMA NIBABICE JKUGIRA BAMENYERE GUKORA ..MU KIRUNDO ABO BANTU NI BENSHI...
15 Rusama 2014, 15:06
je mbona atakibi nakimwe bakoze barakamwica.iyo yaba yariko yiba indya twavyita gusonza,noneho naho barikumushikiriza igipolisi caca kimurekura,abantu nkabo nukubihanira niho bohaha.
15 Rusama 2014, 15:06
je mbona atakibi nakimwe bakoze barakamwica.iyo yaba yariko yiba indya twavyita gusonza,noneho naho barikumushikiriza igipolisi caca kimurekura,abantu nkabo nukubihanira niho bohaha.