Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Imbonerakure n’urwaruka rwa ADC Ikibiri bahatswe gukuranamwo (...)
Kirundo : Imbonerakure n’urwaruka rwa ADC Ikibiri bahatswe gukuranamwo igufa
mardi 1er Ndamukiza 2014
Urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwaratanye mu mitwe, mu ntara ya Kirundo, n’urwaruka rw’urunani ADC Ikibiri rufadikanije n’urwo mu mugambwe UPRONA. Abantu batandatu barakomeretse bikomeye, bamwe mu mbonerakure za CNDD FDD hamwe n’umukuru w’umutumba Rugero iryo bara ryabereyeko bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi.
Ku mutumba wa Rugero ya kabiri, mw’ijoro ry’ejo ku munsi wa mbere, urwaruka ruhurikiye mu runani ADC Ikibiri, ruri kumwe n’urwaruka rwo muri UPRONA kuri uwo mutumba wa Rugero ya kabiri barashamiranye n’Imbonerakure za CNDD FDD, bakoresheje bose amahiri, n’imipanga. Abo bariko bararwana bahakuwe n’umunyagihugu yanse ko biyangara aca atabaza igiporisi. Batandatu muri urwo rwaruka barakomeretse cane, igiporisi kimaze kuhashika, baca bajanwa kwa muganga, hama bamwe mu mbonerakure hamwe n’umukuru w’umutumba Rugeyo baca batabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza.
Intango ya vyose ni urugendo buramatari w’intara ya Kirundo n’abandi bategetsi bagize ku munsi w’Imana kuri uwo mutumba
Amakuru dukura mu ntara ya Kirundo amenyesha ko ukwo kurabana ay’ingwe kwatanguye ku munsi w’Imana, bihereye ku rugendo rwa buramatari w’intara ya Kirundo, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, hamwe n’umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Kirundo bagize ku mutumba Rugeyo.
Umukuru w’umutumba Rugeyo yararitse Imbonerakure za CNDD FDD ko zotera ibitoke aho abategetsi baza guca ku mabarabara, hanyuma bageze imbere y’irembo ry’umunyagihugu Elias Rwasa wo mu mugambwe UPRONA, baca batema igitoke cari ku rugo rwiwe, bagishinga imbere y’irembo ryiwe nyene. Uwo munyagihugu Elias Rwasa nawe yaciye agikuraho ati : "Muntemere igitoke cari hafi kwama, muce mugishinga imbere y’igishimaryango iwanje nyene? Ndagitaye genda munyitwarire’’.
Umwe muri izo mbonerakure yaciye ashikiriza ubwo butumwa umukuru w’umutumba na buramatari, uwurongoye uwo mutumba aca abwiriza imbonerakure ko zizana uwo munyagihugu yiswe "igipinga" (vyosigura : intagondwa). Amakuru dukura aho mu Kirundo avuga ko buramatari n’umukuru w’umutumba baciye bategeka ko uwo munyagihugu yokubitwa, kuko ku bwabo bitumvikana ingene abo "bategetsi boza kuri uwo mutumba, hama ibitoke ntibiterwe mu nzira bahava bacamwo. Baciye barengera kuri uwo Elias Rwsa barakubita begekako akabando.
Urwaruka rwo muri ADC Ikibiri na UPRONA agashavu karaye mu mutwe
Bahejeje kubona akarenganyo gakorewe uwo munyagihugu wo muri UPRONA yatemewe igitoke, yongera asinzikarizwa ubuzima n’Imbonerakure za CNDD FDD, kw’itegeko rya buramatari w’intara ya Kirundo n’umukuru w’umutumba, abahurikiye mu runani ADC Ikibiri, bari kumwe n’abo muri UPRONA baciye bategura igitero co kwihora, ari naco cabaye ku munsi w’ejo kuwa mbere.
Bamwe mu mbonerakure, hamwe n’umukuru w’umutumba Rugeyo baciye batabwa mu mvuto, amatohoza akaba ariko arakorwa. Inyuma y’ivyo vyari bihejeje kuba, abajejwe umutekano baciye basaka urwaruka rw’Imbonerakure z’i Kiyenzi, baca bafata muri iryo sakwa umwambaro umwe w’igisirikare, imbugita hamwe n’imipanga.
Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, amakuru dukura mu ntara ya Kirundo amenyesha ko buramatari w’intara ya Kirundo yoba ariko aragerageza gusukamwo mabisi, mu kwumvikanisha impande zashamiranye.
Egide Nduwimana
Messages
1er Ndamukiza 2014, 14:00, par Sivyubu
none buramatari batamutereye ibitoke haca ijambo yovuga ntaworyumva?abategetsi bamezuko ntajambo baba bafise gucanishamwo urwaruka cnk ukavuga bakubitumunyagihu yakozamakosa ubutungane bwariho.nyamara nicokimwe
1er Ndamukiza 2014, 14:54, par bizohinduka
ibitoke nivyo bimuha ijambo avuga? Urikosora iryo nikosa. Kd abwira abantu ntiyabwira ibitoke. Kubitera sibibi arko atari kugahahazo. Kuki batakimusavye baziko ari rwiwe jd agfitiye umugambi wo kugifungura vuba. Hama rwaruka nimureke guhendwa uyo wita imbeba uzosanga naw ari akayabu.
1er Ndamukiza 2014, 20:57, par Nibemange bazivirehasi
Abapolisi nibikorere akazi bajejwe ataguhengama,nubwo ubwiyita ubucamanza buza burabatuma abataco bagira!
2 Ndamukiza 2014, 07:47, par Saidi satini
Urwaruka ruhurikiye mumigambwe yose yemewe namategeko ikorera muburundi nibige ingendo yo kuja hamwe Bose baterere umuganda kugihugu cacu. NATO abejejwe intwato bar eke gucanishamwo urwaruka. Gutera ibitoke aho burumatari arenga ntivyotuma abantu bashamirana gushika naho bamwe basinzikarizwa ubuzima!!!
3 Ndamukiza 2014, 09:49, par ndai
mbega kobafashe izombonerakura numukuru wumutumba,kuberikpi batafashe uwoburamatari?barike bakore vyose bipfuza ariko igihe kizoshi!
5 Ndamukiza 2014, 22:09, par mukobwajana
BA NYA KIRUNDO NI MUZE TWIRONDERERE ICO TURYA BASHA DUKURIKIRE PROJET BUGESERA HANYUMA UMWE WESE AZOTORA AHO ASHAKA ,,REKA GUTA UMWANYA BASHA...NTA MUGAMBWE UGABURIRA UMUNTU N ABANA YEMWE ,,DD IZOBAHENDA MUSUBIRANEMWO GIHAHE NICO AKORA AHUBWO NAWE ASUBIRIYE TUZOMUKUBITA MBONA NO MU MUGAMBWE BARAMUDIZE...EREGA TURABIZI!!!KUMWE NGO AHORA AKUBITA ABANDI NAWE YARUMVISE...HIIIII
6 Ndamukiza 2014, 08:36, par buntu
umuntu nahanwe kugatwe kiwe kwambika iceyi umurwi wabantu ;umugambwe canke ubwoko bihagarare·
6 Ndamukiza 2014, 08:36, par buntu
umuntu nahanwe kugatwe kiwe kwambika iceyi umurwi wabantu ;umugambwe canke ubwoko bihagarare·
10 Ndamukiza 2014, 11:39, par burundi buhire
emwe mwa mbonera kure murabaza imirwi yagiye y’igenza nkamwe igene imerewe ubu.nayo uwo deni karera.n’irahe ntazojayo acirirwa urubanza na gacaca ya kagame.nayo ngo umwu ku gatwe kiwe.iyo buba ubwumwe bwari ikindi