IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : "Ntawurekuriwe gusubira gukizura atari uwujejwe umutekano (...)

Kirundo : "Ntawurekuriwe gusubira gukizura atari uwujejwe umutekano gusa"

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Abashikiranganji batatu ba Reta y’Uburundi, barishikiye mu ntara ya Kirundo ahamaze iminsi havugwa uruhagarara hagati y’Imbonerakure n’abari mu yindi migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.

General Major Ponsiyano Gaciyubwenge umushikiranganji w'ukwivunabansi n'ugukurikirana abahoze ku rugamba

Muri urwo rugendo rwagizwe na General Ponsiyano Gaciyubwenge umushikiranganji wo kwivuna abansi, Komiseri Gaburiyeri Nizigama umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu, na Dwarudo Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, rwabereye muri komine ya Bugabira iri mu ntara ya Kirundo, aho babonanye n’abarongoye abandi mu ntwaro n’umutekano.

Urwo rugendo rw’abo bashikiranganji, rukaba rwabaye inyuma yaho habereye imishamirano hagati y’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD hamwe n’urundi rwo mu migambwe itandukanye ikorera aho mu Kirundo. Aha tukavuga nk’ivyashitse Ku mutumba wa Rugero ya kabiri, mw’ijoro ryo ku munsi wa mbere igenekerezo rya 31 Ntwarante, urwaruka ruhurikiye mu runani ADC Ikibiri, ruri kumwe n’urwaruka rwo muri UPRONA kuri uwo mutumba wa Rugero ya kabiri, bashamiranye n’Imbonerakure za CNDD FDD, bakoresheje bose amahiri, n’imipanga. Abo bariko bararwana bakaba bahakuwe n’umunyagihugu yanse ko biyangara, aca atabaza igiporisi. Batandatu muri urwo rwaruka barakomeretse cane, igiporisi kimaze kuhashika, baca bajanwa kwa muganga, bamwe mu mbonerakure hamwe n’umukuru w’umutumba Rugeyo baca batabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Mukamenya ko yaba abari mu mugambwe CNDD FDD canke abanywanyi b’umugambwe Sahwanya FRODEBU bakubiswe bagashaya bagirizwa gushingura ibitoke vyatewe kugira buramatari arengane, bose batanako amakosa. Abagumyabanga ba CNDD FDD bagiriza Inziraguhemuka za FRODEBU kuba aribo babasotoye, n’aho munyuma yahavuye iba indwano y’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri kubutegetsi.

Komiseri Gaburiyeri Nizigama umushikiranganji w'umutekano w'abanyagihugu

Mukamenya ko ijambo ryari ryajanye abo bashikiranganji bose uko ari batatu, kwari ugusaba abanyagihugu bose, bahurikiye mu migambwe yose kubana neza, bakabana mu mahoro n’umutekano. Muri iyo nama umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yavuye aho, ashikirije ko abajejwe umutekano aribo bagiye kuza barakizura gusa, atawundi muntu afise uburenganzira bwo gukora ico gikorwa c’abajejwe umutekano.

Tukabamenyesha ko Imbonerakure zo mu ntara ya Kirundo, zagirizwa kuba zari zarihaye uburenganzira bwo kwama zikizura, zikica, zigakiza. Abari mu yindi migambwe bakaba bari batanguye nabo gukizura nk’abandi. Yaba abari mu mugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri, abari muri ADC Ikibiri canke abari muri UPRONA bose bagiriza Imbonerakure za CNDD FDD kuba zitera ubwoba abari mu yindi migambwe muri iyo ntara.

Dwarudo Nduwimana umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu

Aristide Nizigire

Messages

  • Un mauvais leadership ne se cache pas, il se met lui meme a decouvert. Le meme qui incite les autres a la violence, auteur de vols, spoliation et corruptions, qui entretient un climat de desordre politique, enrichissement illcite, voila qu’il apporte un soi-disant message d’accalmie! Quelle hypocrisie, tu seras bientot poursuivi pour tes crimes!

  • Nuko bitegerezwa kugenda, none ko arivyo mubigisha ngo bicane, CNDD FDD idahagaritse ayo macakubiri yigisha munyuma hazoza ibisumba ivyo
    Hanyuma Léonce NGENDAKUMANA ngo arabesha kuri rya kete aherutse kwandikira umunyamabanga mukuru wa ONU, ubu nirindi kete ryaraye ryandikiwe Union Européenne, ivyo Nduwamana Edouard arabifisemwo uruhara, niwe akokeza intambara mu barundi mugusambagura imigambwe, agakoresha abategetsi bo mumakomine ngo bankire iyindi migambwe mukugira amana bakoresheje izo MBONERAKURE ZIGENZA nki NTERAHAMWE MU RWANDA MU 1994
    Reta ya CNDD FDD nihafatire icigwa

  • Umukuru w’imbonerakure ni Nduwimana icegera ciwe Potien Gaciyubwenge Ahubwo ntabwenge aciye namba ni akagugu.Iyo atabako ntibaba bamukubitira abasirikate.none umuntu adashoboye kwivuna imbonerakure,umwansi wundi aroroereye asa ate?

  • uwo mushikiranganji eduard nduwimana bimunanira gute kumvikanisha imigambwe niho barinda bavuga ko atazi amabanga ajejwe akazi kamunaniye peresiden namukure kuko amwicira akazi

  • Ivyo muvuga bitandukanye kure niyo nivyo mukora.erega abarundi turabibona kandi ejo muzobisigura kuko ubu muriyi mwaka ntacijana ikidahinduka ni bible.tureke Edwari kuko ivyiwe ntawobigarukako,umushikiranganji wo kwivuna abansi atwishure hakubitwa intwaza ngabo,abasoda batobato ntavuge yovuga hapfuye umunyagihugu.reke kumusindira

  • Bandanya mwimenyera umusi urizina muzogira ibibazo,mbwiye mwebwe mwese mwanditse kururu rubuga,mwebwe umuntu arababwira ntimwunva,umusoda yitwaye nabi mugihe ari mugakonji canke arigufata kamwe mukabare,canke akanwa ucupa ryamurundi ntaririhe,hama abanyagihugu bakamwiyama,jw ndunva ko ahubwo baba bafashije umushikiranganje gutanga DISCIPLINE,kanatsinda niyo iranga umusoda.mugihe rero umusoda1 ataye umurongo,ntibikwiye gutukwa abasoda bose.ndazi kwatamunyagihugu arasanga umusoda mwi camp kumukubitiraho.bantu mwese muhurikiye muri oposition raba mugeguze,iyonyifato yanyu ntibereye.kuko ntamweranda ariho ngaha kwisi,mwese nayinda,ntiduhendane,wanka umugore yonona munzu,ukazana uwuyiturira.abanyagihugu ubu ntitukijana nyabahururu,uwukoze ikosa nukubazwa kugatwe kiwe,atakujaniranya.

  • Ngonduwimana buretsesha izonkinamico zawe akataraza karinyuma

  • Jeho sinzino gukizura ico gisigura.

  • EREGA GENOCIDE YABAYE MURI 1993 BUYOYA TARANSE KUYIVUGA KUBERA INYUNGU ZIWE NONE UBU IMANA IGIRA ITWEREKANE MAZE NDABE!!!!ARIKO KO TUBONA IVYABAYE I RWANDA MURI 1994 NTA CIGWA!!! ABO BA DD KO MBONA ARIBO BATUNZE BABONA INKURIKIZI BAZOZIFATA BATE !!!YEMWE NDAHA ..ABA BA DD BANDIKA KURI IYI CITE MUMENYE KO INDWANO IDATORA AHO HOSE MWIGERA HEJURU MUGUSHIGIKIRA PETER NABAMUFASHA GUSENYA IGIHUGU..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.