Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umukozi wa Interbank yagandaguwe
Kirundo : Umukozi wa Interbank yagandaguwe
lundi 15 Ruhuhuma 2016, par
Mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu gisagara ca Kirundo, mu bunywero (Bar KINIGI), umukozi wa Interbank Ngozi, azwi kw’izina rya Ernest NSAVYIMANA, yari muri ubwo bunywero, yahasize ubuzima ahitanwe na Gerenade.
Ernest NSAVYIMANA yakora muri Interbank i Ngozi, ariko akaba yari atungiye umuryango wiwe mu Kirundo. Muri ubwo bunywero abamwishe bamusanzemwo, yari kumwe n’umugore wiwe, nawe akaba yarakomeretse.
- Ernest NSAVYIMANA yahora akora muri Interbank i Ngozi
Gerenade n’amasasu vyazindutse birumvikana kandi mu gatondo ko kuri uwu wa mbere muri zone ya Ngagara, muri karitiye ya gatanu ahatewe gerenade, ariko ivyononekaye bikaba bitaramenyekana.
Izindi gerenade zatewe hagati mu gisagara ca Bujumbura, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, imwe ikaba yatewe hafi ya Station iri hafi ya Hotel NOVOTEL hamwe n’ishirahamwe LEO. Iyindi iterwa hafi y’ishure rya Athenée Primaire.

Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
IGIHE
Messages
15 Ruhuhuma 2016, 11:35, par Ruduha
Pole Burundi bwacu
15 Ruhuhuma 2016, 11:43, par Abel Iranyibutse
Imana Niyakire Abayo Mu Kibanz Citeka Arik Ivyo Bizobera Ingaruka Mbi Kubabigira.Emw Nih Bavz Kwatandya Yubsuma, Mandat Yibw Igomba Guhtana Abantu Twese? Iyo Tub Aband Twomeny Ko Tutiremy
15 Ruhuhuma 2016, 12:34, par Elias
AHATAGIR’UBUKURUNYABWO NTAM...
15 Ruhuhuma 2016, 12:40, par YAMUNGU
AHATARUBUKURUNYABW....
15 Ruhuhuma 2016, 12:43, par burundi bwiza
ewe nkurunziza uri urikigeragezo gikomeye kugihugu pe ivyo vyose niwe wabizanye kandi nayo ma grenade niwe uyatera muga rero hazogera ingihe imana uyishisha ikirimbure nabo musabgiye ububisha
15 Ruhuhuma 2016, 12:57, par Uwizeyimana Severin
Umenga Biragoye
15 Ruhuhuma 2016, 13:06, par Kamana
Mandat ya gatatu ikweze akarambaraye. Et pourtant tout a été prédit.
15 Ruhuhuma 2016, 17:24, par dogo abdul ndagijimana
uburundi n’ukubusengera kuko burimungorane jeho nibereye iwacu murwanda nahungiye!ahumbwonabandi ni bahunge bavemuriyo ntambara nikazikabo ndababuriye.!
15 Ruhuhuma 2016, 18:05, par Kabango
Ariko se Nkurunziza ubu arunva atekanye ngo ni president abantu bashira, aka nakumiro
15 Ruhuhuma 2016, 20:57, par None?
Banzureka kuducangacanga mwabanditsimwe iyuvuze inkuru ukaguma uyigarukana biraducanga .
Ariko hariho ubutamenya kubantu bamwe nkumuntu abona hishwe umuntu kwakakagene akacasimba akavugango : ngwariko Nkurunziza ngwabonatekanye? Rekandakubaze? Mbemwica ababarundi, imisore, abana, amagorwa, abagabo, abayamaze/abatamakazi ngojugira Nkurunziza ntatekane!? Yewe rindira dukwize ibikenewevyose muzosigaramwicuza icatumye mufata mweniyo nzira yubu terrorists.
15 Ruhuhuma 2016, 21:05, par Ndajorewe
Birababaje cane abo bantu bose bariko baricwa bazira abantu bipfuza gutwara igihugu gusa! Mana , tabara uburundi n’abarundi.
16 Ruhuhuma 2016, 08:20, par Anaclet Ruberintwari
Mana Rurema, Rugira vyose, Tabara, tabara Uburundi, Garukira igihugu c’Uburundi, ba Ndandende hamwe na ba Baranyikwa banyegewe n’amacakubiri bipfuza guhonya abo wiremeye, bereke ico ukuboko kwawe gushoboye Amen, Amen
16 Ruhuhuma 2016, 16:18, par faustin
sha birababaza kwica umuntu ataco mufa
16 Ruhuhuma 2016, 17:03, par zano
Hajya ngo , NYAGOMA , MINANI , RADJAB , ALEX SINDUHIJE , NIYOMBARE NGO BARASHAKA KUYOBORA NYUMA YAYAMARASO BAMENA ??? Imana ntozobemera ba sha
16 Ruhuhuma 2016, 17:50, par Kabango
@ None ntukagye ujijisha abantu, aba bakomeye bose barimwo baricwa na Nkurunziza, nkuyu mu chef ngo bamwagiriza koyanze kugya mumyiyerekano yokwamagana ugwanda
17 Ruhuhuma 2016, 02:25, par None?
Yewe kabango, urakaburanivyovuga ntanumwanyawanje nitirwandata kuriwewe tuzogusiguriraneza ejobundi tumaze kwishikira murwanda kubohoza abobanyarwanda Kagame yabujije amahwemo ariko ndagusavye kugira ayoma pepo akuvemwo uze uringora ushira murako gaterephone kawe numero za telephone nzomuri studio za radio ITAHUKA urashobora kuzokwakirwa numujenama Serge yakira abajekwakira neza agakiza arashobora kukushikiriza mubakozib’Imana nka Barudasingwa, ba Ngarambe, ba Jonathan, ba Claude bakagusengera kugira iwomucafu Kagame yagushizemwo ukuvemwo nukuriwigore ukore ivyondakubwi bwaramaze gufasha beshi, canke uzosimbire mu Bubiligi wibonanire na Micombero kukonawe ndumukoziwimana amazegufasha abantu baribaragorodovye nkawe kigindigihe nzoguha telephone number zabandi kogufasha uzihitiremwo nkokuri redio inyabutatu, no kwi KOZNDERA, etc ubituye ivyobintubikurimwo bobigukiza.
17 Ruhuhuma 2016, 09:57, par barihenda
Ibigoryi biragwira ariko iki cyo citwa nanone ni gahebuza kirarogotwa ngo kizatera urwanda . Imbwa mugupfa irara iramoka uzokwihende urabe ivyo inkotanyi zigukorera uzokwicuza icagutumye wakirofawe. Mwabicanyimwe.
17 Ruhuhuma 2016, 10:04, par Kabango
@ None izo ngegera nizo wita abakozi bimana, iyo mana yawe ntayo nkeneye kabisa, gye nsenga Imana ihoraho yijuru, ikindi imana ya politik ntayo nkeneye gewe, mubanze mukemure ikibazo kyabarundi bakomeza gupfa inzirakarengane.
17 Ruhuhuma 2016, 17:29, par None?
Ubibwirwaniki kwarinegera utabanjije kubumviriza ngiwumve kwivyobakubwira bitagira umumaro? Canke wavuyeyo kubatemberera nimbawagiyeyo ndagushimiye ndaziko imihezagiro wakuyeyo ukomeza kuguswaramwo gakegake ejo iyomicafu Kagame yagushizemwo izobayaguhezemwo.
18 Ruhuhuma 2016, 11:24, par Kabango
@ None uzabanze wivanemwo imicafu wewe ufise ubwo nibwo twavugana neza kuko ivyiyunviro byawe nibyo kumarisha abantu