Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu yahaye igihano inarume co kuribwa (...)
Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu yahaye igihano inarume co kuribwa n’imbwa 120
dimanche 5 Nzero 2014
Nk’uko ayo makuru atangwa n’ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubushinwa Wen Wei Po kibivuga, Kim Jong-Un umukuru w’igihugu afise imyaka y’amavuko 30 gusa, yahoye inarume kuba yahemukiye igihugu mu kurya igiturire no kudatunganiriza neza abanyagihugu baba bamwituye, aca amushuhurirako imbwa ijana na mirongo ibiri ziramurya ku kibuga abantu isinzi bakinje.
Ico gihano rero uyo mukuru w’igihugu akaba yagiciriye inarume mu mpera z’uyu mwaka twaraye turangije w’2013, igihe yagirizwa n’ubutegetsi kuba yarabuhemukiye mu kutarangura neza amabanga yiyemeje. Izo mbwa rero 120 zategerezwa kurya uyo inarume w’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, zari zimaze iminsi igera kuri itatu zicishwa inzara kugira zize zishobore kumurya atakinya. Umuhisi Jang Song Thaek w’imyaka 63, akaba yahawe ico gihano c’akamuna co kuribwa n’imbwa ari ukwo Imana yamuremye imbere y’isinzi ry’abantu rikoranye.

Abatari bake bakaba baraneguye ico gihano cahawe uyo mu nyagihugu, naho vyagaragara ko uwagirijwe ikosa yari guhanwa, ariko atari guhabwa intozo ngo zimurye yambaye izuba. Uyo mukuru w’igihugu rero yahaye igihano nk’ico inarume, abatari bake mu banyagihugu bakaba bamwagiriza kuba atwaza umukazo.
Amasanamu rero yafashwe izo mbwa ziriko zirya inarume w’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, abamenyeshamakuru bakaba baratinye kuyashira mu binyamakuru baravye ingene vyari ibintu biteye ubwoba n’agahinda. Ico gihano cahawe uyo mutama kikaba citwa ’’quan jue’’.
Mw’ijambo uyo mukru w’igihugu yashikirije abanyagihugu bose, akaba yavuze ko inarume yategerezwa guhabwa ico gihano co kuribwa n’imbwa, mu gihe yahemukiye igihugu. Tukaba twobamenyesha ko umunsi inarume wa Kim Jong-Un aribwa n’imbwa, vyari bihagarariwe n’umwishwa wiwe ariwe umukuru w’igihugu ubwiwe ari kumwe n’abandi bategetsi bashika ku majana atatu n’abanyagihugu isinzi.



Aristide Nizigire
Messages
5 Nzero 2014, 17:32, par Tollo
Mbenga ubugome buri kuri iy,isi uwo yabaye nka gahini yishe mwenewabo aber ariko rwose ubwo ntiyari kumureka canke akamucira urwaburundu akaguma mugasho ko nubundi yo pfiriyeyo, ikindi ubwo we kuba yabaye presedent harabuze ivyo yononye ariko baca umugani ngo iyiganje yima izindi zibona, rwose muzehe igendere itabukire imana izo guhorera kandi ihora ihoze.yooooo.mbega ububisha.
5 Nzero 2014, 23:41, par Muhanuzi
Uwo muntu yakoze ivyo azopfa nka Hérode yakubiswe ikofe n’Umumalaika agatobokamwo inyo!Abazaba bakiriho bazoba bambwira ko uwo mugabo atazzopfa rubi!
6 Nzero 2014, 22:06, par nduwimana
birababaje uwomuperezi.arimwodayimoni,yokumena,amaraso
6 Nzero 2014, 22:48, par Afande
Reka sha shetani burya afise aba ambassadors benshi kwisi!