Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kundisha Imana n’akaranga urwaruka rw’Uburundi
Kundisha Imana n’akaranga urwaruka rw’Uburundi
dimanche 20 Gitugutu 2013
Umurwi "Himbaza Drummer Team" wavutse mu mwaka w’2005, ugizwe n’imisore 15. Ugitangura gukora wafashwa n’umurwi "Jeunesse pour Christ. Mu mwaka w’2008 niho waronka zina ryawo. Uwo n’umurwi w’abatimbo "Himbaza Drummer Team" ukorera kuri Espace culturel de Ngagara, ukaba ugizwe n’urwaruka, imisore 40 n’abigeme 30. Bihaye intumbero yo gukorana n’amashengero mu kuninahaza Imana bakoresheje umurisho w’ingoma n’ibindi bicurarangisho ndangakaranga. Mu butumwa bwabo, batera akamo gukundisha urwaruka rw’Uburundi Imana n’akaranga.
Mu kiganiro ikinyamakuru IGIHE cagiranye n’icegera c’uwurongoye uwo murwi, Achille Mugwiza amenyesha ko ubu Kristo n’umutimbo ari ibintu bibiri bijanje cane kubakiri bato. "Gusenga bisaba inguvu, ishaka n’umwitwarariko biva mu mutima. Kuvuza ingoma navyo nyene bisaba ivyo nyene kiretse ko bisaba n’inguvu n’ubuhinga."

Muri uwo murwi, abahungu bakubita umurisho, abakobwa bagatamba intambo ndangakaranga.
Ku kibazo c’aho bageze mu ntumbero bishinze, Achille Murwiza amenyesha ko bateramisha abantu mu manza nk’ubugeni, gukwa n’izindi canke ibirori nko kwugurura amasomero, aha akamenyesha ko baheruka ahugururwa isomero Hope School ryo mu ntara ya Cibitoke.
Umurwi "Himbaza Drummer Team" wipfuza gukora n’iyindi migambi izana akarusho kugira bafashanye hagati yabo narirya nka bose ari abanyeshure. Iyo migambi ni nko kurima kijambere, kudandaza n’ibindi bivanye n’uburyo bafise.
Mukurangiza Murwiza Achille ahamagarira urwaruka rw’Uburundi gukura amaboko mu mpuzu, bijukire gusenga bongere bagarukire n’akaranga k’igihugu gasa n’akariko karatituka.

Cherif Nkeshimana