Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana yemeje umurwi w’abarwanyi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana yemeje umurwi w’abarwanyi (...)

Lieutenant colonel Edouard Nshimirimana yemeje umurwi w’abarwanyi wavutse

mercredi 23 Kigarama 2015

Lieutenant-Colonel Edouard Nshimirimana yamenyesheje ko hari umurwi w’abarwanyi wavutse mu gihugu c’Uburundi Forces républicaines du Burundi FOREBU ugizwe n’imirwi yishinze kurwanya ubutegetsi burongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ubutumwa baronse ku buryo bw’amajwi (audio) bongera bavugana babicishije kuri telefone,Lieutenant-Colonel Edouard Nshimirimana yavuze ko FOREBU yashinzwe mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu n’ivyabo.

Yavuze ko intumbero bafise ari iyo gukura ubutegetsi bakoresheje inguvu kugira bagarukane iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha n’intwaro rusangi.

Lieutenant Colonel Edouard Nshimirimana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko kubera amabi abandanya gukorwa na Reta y’Uburundi,kandi ikaba yerekanye ko idashaka ibiganiro,arico catumye bahitamwo gukoresha inguvu kugira bakingire abanyagihugu kandi basubize icubahiro amasezerano ya Arusha.

Lieutenant-Colonel Edouard Nshimirimana yagirije kandi umukuru w’igihugu ko yatumye haba ugucanamwo mu gisirikare n’igipolisi kandi vyari bifashwe nk’akarorero.

Edouard Nshimirimana yari asanzwe ajejwe ivyo gutumatumanako amakuru mu gisirikare yatorotse igisirikare kw’igenekerezo rya 26 Nyakanga 2015. Ubu yoba ari umwe mu barongoye ibiro bikuru vy’igigisirikare kirwanya Reta kigizwe ahanini n’abahoze mu gisirikare n’igipolisi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • APETI URAKOMEZA MUGABO UMENYEKO INKONITARUZWA NITWAGUFATA TUZOKUMESA

  • bose nibinywa maraso,bose baduhenda ko bazanye democratie kumbe ari indazabo gusa. uyu aragira niboja mubiganiro nawe bazomutumeko. maramarira iyo!! nakare coup d’etat yarabataye kuwamazi mwari aba generaux ba 4. ubu ntamwizigiro tubatezeko.

  • gerageza urabe!! uri kwitera igisongo kubugabo!! abanyagihugu bararikanuye cane!

  • uriko uriyagira mutama nawe urabizi ko ubu nyene bitokunda. wibereye kigali niho urikuvugira.

  • Ngabo rero da!nibaze batabare abanyagihugu turahonye.ntitwashaka intambara naho yatugejeje.ariko rero iyo reta nayo ntakundi.igihe kiragez.amatwi yimpene yunva yokeje.hejuru yumugabo umwe rudende irongey gusutma mu Burundi.Qui vivvra verra.

  • ICO NICO TWARI DUKENEYE APANA ABAGUMA BAVUGA GUSA NGO TURATEYE IVYATSI DUKENEYE ABASHIRA MUNGIRO NIHAKENEGWA INTERERANO TUZOYITANGA

  • Turamwizeye. Dusavye amakungu n’abarundi bose gushigikira izo ntwaramiheto kugira zikize U bURUNDI n’amaburundi. Bahagarike vyihuta génocide, bafate Petero bamushengeze, ndetse na équipe yiwe. Imana ifashe uburundi. amakungu kandi afashe. Gira amahoro.

  • yooo karibu tubagire nkaba le 11 mwege muzegusa tubanze tubavugutire icomutazi karibu mwatevye

  • muzohera gifu yimijira mwabibwa

  • Hahahaaaa????
    Urabaza kabirigi ayo yabonye i miramira bureka sha kirimwabagabo rindira dans 50ans muzotwara.....

  • Courrage# together with you.CNDD
    yanka bemera bazofatwa!

  • Mbe sha Nshimi ufis’utwana utaye kungoyi Tungahe hewe ingumba Itaz’ikibi irigata ishenyo uruyuki narwo rwavuye mu Muzinga ruca rucika ikimpinrwe ntiruba rukiryana kuko nta ruboyi Ruba rugifise mwebwe Mwebwe nyene mukura UMUKURU W’IGIHUGU Mushaka kugenda mwijuru MUdafis’uruhusha rw’IMANA tuzobarya nk’UMUTSIMA buhoze

  • naje ngize nti courage mwumviye gaciyubwenge mugabo we imvitatio yariyabasoda babatutsi urumva nivyamoko mwabatutsi murazamwakenyey abahutu twaraciyubwenge!

  • muzokabona muraza turabiteze

  • Ntitangaj kohobura umugwi urwanya leta reka turindir ic’uwomurwi uzoshikako intambara yo yatanguy kera!Mana zigama abarundi!

  • Ntibitangaj ko hobura umugwi urwanya leta reka turindir ic’uwomurwi uzoshikako intambara yo yatanguy kera!Mana zigama abarundi!

  • Imana Nigarukire Igihugu Kuko Murikomuratangaza Intambara Uwuyizi Arayizi Abenegihugunibotuzoba Duhomvyekuko Mumakambiyimpunzi Nkatwetwegereye Urubibe Batanguyekuzakwibisha Inkohonokwicabantu:impanuro shirahasi Ivyobirwanisho Muzedukore Kukontituzoterintabwe Nizintambara Zaburimusi Nimujehamwemurabeko Amabombe Nibindibirwanisho Kobizotorera Umuti Ivyomupfa

  • Baca umugani mukirundi ati:ubusigobuhuma ntibuba bunini. uwuzorukarisha ruzomumwa. kirimwo abagabo.

  • Nimwihane muzagirirwa ikigongwe mbe abarundi babatumye kubica nibande?twarabatahuye shikana ubwobukoho kagame abahendesha mumenyeko hejuru yu BURUNDI hari IMANA atari dagon canke bayari bandanya mwica Uwiteka ahora ahoze.

  • Abo Ntibaduteye Ubwoba ! Twebwe Abarundi Ntantambara Twifuza Uwuzoyitera Tuzomurwanya.

  • Mubarase ni bwo bazemera ibiganiro! Ambuscade nyinshi mubone inkoho! RN1, RN3... no mu mujyi ndani! Mubwire abandi aho babasanga!

  • MURAZA MUZOBÔNA INKONA ICARICO

  • Jewe ibi uyumuntu avuze mbona ataribishasha!? Mberevyoroshe gusumba ivyoyakoze mbere. Umva : uyumuntu yarwanije bagenzibiye bashinzwe umutekano wu Burundi nabarundi akiri muribo bimutakuwamazi, acafatinzira azaguhabwa amahugurwa na Kagame nikwo kurungika abazagutera amakambi yabasirikare buburundi bibata kuwamazi, barasimbango ntimugire ubwoba tugombagusaba abasonda mvamakungu baje Burundi ngonibamara gushikayo muzocamuronka uburyo bwokuzamurabika ibirwanisho vyokurasa abarundi ngokuko abajejwe umutekano biburundi ntibazoba bagifise uburenganzira bwogusaka ibirwanisho mugihugu cose ukwobishakiye ngokuko abasoda mvamakungu bazoca bababangamirira, ivyonavyo murabonye kobitarimwo biracamwo none ngo uratangaje kugiye kurwana mugihe nubundi warisanzwe urwana nabashinzwe umutekano wuburundi none ngaho gishaka kirihe? Nakondata ngokuko Louis Michael ngoyarabemereye amahera yoguha uwowese azobayitabiriye iki robeli canyu basha bararya ntibampe kuko tuzobakira kwakundi nyene ntagahengwe nikinya nikotwimereye.

  • NDIBAZA HAMWE BOBA BASHAKA KUTUROKORA IYO NZIRA YOBA ARIYO.TWARUSHE.YESU ABANE NABO

  • Icyo niyo cyaburaga mu Burundi, nkurunziza nahagarare bamumene

  • Harinaho Burundi hariho isinzi ryabarundi bikundira kwakira mwenabo bacuraranzi ngo papapapapapapa tse tse tsetsetse tatra tatra tatra ta ta traaaaaaaaaaa tse paaaaaa.

  • uwo mu colonel namanze abaze aya mahoro dufise iyo yazananye ntiyaciye kumaradiyo canke kubinyamakuru naze igihugu c’UBURUNDI kirimwo abakozi kandi bashoboye bari bubuze nico bakora kandi azobabona!!!!!

  • Tubari nyuma, dukeneye umutekano n’amahoro mu Burundi. Murwanire ukuri ntimuhonyore ikiremwa muntu, mugendere mu kuri Imana nayo izobafasha muri vyose, murwane n’umusirikare umuturage mumufashe uko yabona amahoro

  • Ivyo vyose muriko murivugira nk’abari mu ndoto. Nimugerageze ndazi y’uko namwe ni babasekeza neza mugashaya, namwe muzoca musimbira kw’isunzu ry’inzu ko Leta iriko iragira ihonyabwoko. Mbe murazi ishavu Intagoheka zifise kur’utwo tugwi twabuze ico dukora tugashaka kwiyahura. Ngirango murazi y’uko intagoheka zitarwanye ko zica ziribwaribwa. Muramenya y’uko atawiteg’inkona. Mugabo muraza mubanje gusezera imiryango ndazi ko ata n’umwe azobacika. Ndavuga simvura.

  • MURAGWISHIGISHIRA MUZORUSOMA IYORETA MUSHAKA KUGWANYA NIMWE MWAYISHIZEHO

  • Wari utinzeho kabisa gusa Inama nakugira:
    1. Ntihazagire umujenerari numwe mukorana bose bameze nka Gaciyubwenge ninda gusa
    2. Fungura Front kumipaka abarundi bahunze babone aho baca baza kugufasha
    3. Mefie toi nabavuye muri politique ya nkurunziza bazaba baje gushaka umugati ntabwo ari abapatriote
    4. Shaka ukwo ufata byibura province 2 kugirango abantu babone aho bangira hafi muri safe zone
    5. Shaka Radio mukorana kugirango ihumurize abanyagiguhu ibahe namakuru yizewe
    6. Dukorere liste y’interahamwe ziri kwa peter amazina naho zikorera ubicishe mwitangazamakuru tuzaza kuzishakira igihe nikigera
    7. Shaka ukwo ufungura imbohe
    8. Imana Ikube hafi

  • Ibiganiro birakenewe, igihe ababisabwa bemeye. None Nkuru n’abiwe ko batabishaka, baca umugani bati Iyanka kubwirwa ibarirwa nuko amaso atukuye, nayo agasozi karamanyama kahiye abagabo babona. ntimugakengere indwano muribuaka ko bavuga ngo umwana w’uwundi uvuga ngo ingo turwane ntuvuga ngo ingo ngukubite, Nshimirimana yarabanye nabo avuga ko agomba kurwanya; azoza abazi, umuti nawo hari naho mwowamura kugiti kimwe, canke akabasumvya ishamba; Imana nigarukire Uburundi n’abarundi kuko bararushe, turabe ko akagaye kogabanuka, umuntu asubire kubahirizwa mubiwe no muvyiwe, nayo isiha n’abicanye bagabanuke.

  • Ibiganiro birakenewe, igihe ababisabwa bemeye. None Nkuru n’abiwe ko batabishaka, baca umugani bati Iyanka kubwirwa ibarirwa nuko amaso atukuye, nayo agasozi karamanyama kahiye abagabo babona. ntimugakengere indwano muribuaka ko bavuga ngo umwana w’uwundi uvuga ngo ingo turwane ntuvuga ngo ingo ngukubite, Nshimirimana yarabanye nabo avuga ko agomba kurwanya; azoza abazi, umuti nawo hari naho mwowamura kugiti kimwe, canke akabasumvya ishamba; Imana nigarukire Uburundi n’abarundi kuko bararushe, turabe ko akagaye kogabanuka, umuntu asubire kubahirizwa mubiwe no muvyiwe, nayo isiha n’abicanye bagabanuke.

  • Dukeneye Abavuga Baza Tubikora Mutama Mwadutebeye Nkurunziza Murinda Kwatumara

  • AHUBWO MWARATEVYE KUZA MUGZEHE?CAMKE NAYAKARIMI GUSA!

  • NONE EDUARD GISWASWA NUBU NTARAMENYEKANA IYARI ?MUCUNGE NEZA KUKO TWEBWE ABANYAGIHUGU NITWE TWOHASIGA UBUZIMA .BONNE JOURNEE ET GARDEZ ATTANTIVEMENT.

  • Ico nosaba izo njavyi ni ukureka gusubiza abanyagihugu mu ihumbi, igihe mwohereye mwica abantu kuva muri 72, niho mwobona yuko kwica umuntu Ari Bibi, amase ya kera ntagihoma urutaro, nimugerarageze ariko ntibizoborohera, abanyagihugu ba ruguru barashigikiye reta, naho mweweho muzoshira nk ifu yiminhira, uzorikarisha ruzomumwa, ntimudukange intambara turayizi, ubu hoho turafise n inkoho zihagije

  • YARASAZE AMASEZERANO YA ARUSHA MUBIRO YARARIMWO NTIBARI BAYUBAHIRIJE?AHUBWO NAVUGE KO ARAMASEZERANO YAKAGAME APANA AYA ARUSHA! NAZE TUZOMWAKIRA UKAZOZA KOSE !HARABAYE NEVER!

  • sha ugiye kugorerwa ubusa,urara mumashamba nabakiyoboka, none ko ariwewe warujejwe communication yose yigisoda cigihugu nikuki coup d’etat yabataye kuwamazi? kandi vyose mwari mubifise, rocket bazokurashisha bamaze kiyitunganya ubu nyene abo murikumwe nibo bagutanze.

  • Nibatangure Nubu Tuzobagaburira Nabandi Twarabibaha None Raba Nuduharage Twirimira Tugeze Kuri2000fbu Gusa Batore Inyishu Yiyi Crise Turimwo.

  • Naj Narishkanye Namwe Nimwshkane Ivyo Wiyumvra Sivyo Mureke Atwar Iyimyaka Itanu Hanyuma Uzoce Witegura Kumutsindira Mumatora Ya 2020 ingbo za petero turimaso.

  • c’est la fin qui justifie les moyens. twebw abenegihugu tuzoyoboka uwuri kungoma!

  • mbe edoir ufise uburyo bungana gute?kumbura utekane agutware.

  • Sha Urakumbura Wishikane Kandi Reta Izokwakira. Nayahandihoho Urapfuye Ndasigaye Ivyabereye Mucibitoke Ubwo Warabibonye? Sha Wewe Ntanguvu Usumvya Natwe Twarishikanye Nimba Igisirikare Careta Ubwowewe Urakizi???? Tuzokubagira Ibisiga.

  • Ni Mukorane Murazinanyi Mwarabanye Ariko Mubi Mufise Abasoda Beshhi Ni Muzo Munyara Ok.

  • Ese ukuntu IMANA yaduhaye igihugu ciza ariko tucononesheje indyane abazungu baduhenda abarundi IMANA izotubaza vyinshi nimwikebuke

  • BACUMUGANI NGO IBIPFU BISA NABANTU,AHO MUVUGA NGO BAREKE ATWARE 2020 HO AZOBA YARAHAZE??CNDD NAYO YATANGIYE ARUMURWI NKUWO.

  • kabisa Ngabo utanze article zukuru kabisa ,babanze bafate ngozi, kayanza , kirundo bashake radio yigenga bahumurize abene gihugu barwane nuwitwa umusoda wese basige inzira yumurundi wese ushaka guhunga bazagera kuco bashaka .

  • NUKURI NTANTAMBARA DUKENEYE KK YADUTWAYE BENSHI! EDOUARD NABIWE NIBAREKE KWONONA IGIHUGU! UGIRANGO BOBO UWOBARASA NTIBOPFA? NIBIHE INYISHU!

  • Mana Kingir Uburundi Uyu Mucunguzi Agir Ico Ahinduy Mu Mitima Yacu

  • Ubu dukeneye Abarundi b’umutima non pas ibivagundu. Umurundi w’ukuri. Izo ngurube zo mw’ishamba zisigaye zirya abantu nizo zotwara abarundi! !!! Pu!

  • Vyuku Turumva Ko Dushigikiwe Natwe,twarushe,nyaruka.

  • Vyuku Turumva Ko Dushigikiwe Natwe,twarushe,nyaruka.

  • Iy Ntambr Murik Mtegr Irahr Iwany Hm Iherer Iwany Nyn,mw Ahbw Murasar Ngh Mubn K Muzodushbra Tweb Aben Nkon?Sumu Kua Bambe Ya Umbua

  • Yemwe mwe muri kogeza intambara hari ikiza cyayo muzi ? ni mureke uwo mutegetsi ategeke kumukuraho hadapfuye abantu nti byakunda ibintu byose vigira iherezo nibitaba ibyo muzicwa paka mushize dore aho nibereye ND’UMUNYARWANDA kandi we love you

  • Kurya kwakera twakora congo Fizi,Muriro,Katanga’Ubwari nikotukiri ubuho inkona iri impande zose bizotworohera kubamesa Omo ziruzuye narirya mufise ibizuru birebire Tageti nagahanga ikigongwe twarakimaze hasigaye ubwira bwo kumesa imicafu icafuza igihugu cu burundi ce tous

  • iconiyumvira gutembagaza ubutegetsi hasheshwe amararaso siwo muti umuti musabe ibiganiro Imana yomwijuru izobaja hagati mbe ntimutinya nimanayomwijuru ?ivyo mubikore mumenya kw,Imana ibabona

  • Yaa urya we ni umu nya Bururi, biroroshe kumugewanya. Mbega aribagiye ko afise nmatungo yiwe mu gatoke. Mureke uyo weee, naho yoba ari muri Ambasade ya US. biroroshe kumufyatanga hamwe nabo batutsi biwe yizigira. Ubwo Eduard nzi w;i Vyanda niwe yitanganje. yooooo ewe Buyoya urabuze aho umenera. Sha tuzokumesura na bawe hama imana izorema abandi

  • Mbega Ko Nkurunziza Yatowe Nabarundi Nshimirimana Wewe Yatowe Nande?Aritonda Kuko Na Niyombare Ntawuzi Iyo Ageze Azogenda Nkawtwe.

  • intambar urazi ko yic vyinsh mbe edu6r mbe ivy biro vyaw birih wabuz kury amafarang y’igihug uz kury yabanyagihugu

  • NONE AZORWANIRAHE UBU MUBURUNDI NTAVYO GUFYINA KUK DUFATANYE MUNDA

  • turakenguruste ngira uwowe azobitunganya nayo twarimwo turamuteye intege mugabo ico twomusaba ntihaze harwemwo abatabirimwo

  • courage kweri,ntawokurwanirza iciyumvro caw kko turi mur democratie arko bazokuvugutra abasoda ba mutama bobo ntibarerekra.urab wibuka ivyabay mu cibitke.emw intumva zirahari!

  • IBI BINTU VYATANGUYE KERA UBU USOMYE IBWIRIZWA NSHINGIRO URABONA KO UBWOKO BUDAFISE AMAHIGWE ANGANA URAVYE 40%Y’ABATUTSI NA 60%Y’ABAHUTU MU KUGABANGANYA IBITI N.UBUZI IBI VYATUMYE HIBONEKEZA AKARENGANYO KANDI AMACAKUBIRI AGWIRA KANDI WIHWEJE IMAJAMBO YA NYABENDA AVUGA INGENE ABAHUTU BACINYIJWE UKUMVA KO AHAMAGARIRA ABAHUTU KUMUSHIGIKIRA.IBI VYUBWOKO VYARIBONEKEJ IGIHE BATERA AMAKAMBI UMUNYAGIHUGU W’UGWARUKA KWARI KUMWICA CANKE KUMUFUNGA.PETERO AGOMBA KWINYEGEZA MU BWOKO KUGIRA ASHIKE KUCO ASHAKA MUGA NASHAKA MPANURE ABANTU ,MBE KO MBONA ABIGISHA ARIBO BENSHI KANDI 80% ARI ABAHUTU KO ATABARENGANUYE UWUDUGIJE NUMUTWE YARAMENA.KUKO ABANTU UBITEGEREJE UBWOKO NTIBURAVA MU BANTU HAKWIYE KUBAHO UGUSANGIRA PREZIDENCE NDAVUGA UMUHUTU ATWAYE IYI MANDA HAMA UNDI WO MU BWOKO BUTANDUKANYE NUWAHAHORA AGAMUSUBIRIRA AHO MU GIHUGU CACU HATORA ABAHUTU NABATUTSI BENSHI BATORA BISUNZE UBWOKO IVYO BIGATUMA TURONKA ABAPREZIDA BAMARASO NKUWO DUFISE.UBU ICO NSABA NI"DROIT DE LA MINORITE"KUKO ABARUNDI NTIBATORA NKABANYAMERIKA MER6

  • Nimuze mizohera nkifu yimijira nziyarabwiye nyakubahwa Piter

  • nitwahamisyusufundabashikiyenibakomerekumuhetokukomandayuwomugaboyamazabantu

  • ahubwo murabura kwiyita inkona muri ngurube zimwe zo mwishamba ahu bwo mwebwe nimwishikane hakirikar kuvuga ko abarundi mushaka kuba canishamwo vya bahutÂ¥tusti harikera abarundi twashize hamwe tugwanya umwansi#

  • muvyukuri abo bagabo bagomba ubutegets buciy munguvu nibateshe.iyo nzira bipfuza gucamwo ntayikiriho muburundi nibaronderer ahand.gukoresha inguvu twarabony iyovyadushikany turabiyamirij.

  • Ico Novuga Nuko Borek Amajombo Bakasana Ibikogwa Abanyagihugu Muburundi Turabashigikiy Kuko Kuguma Inyumayigihugu Nikokagay Muze Dukore Igikogwa Turi Tayar

  • NAZE UWO MU colonnel ajye imbere aho kuvuga menshi nkinyoni. abashinzwe umutekano baramurindiriye

  • bazoza.syari.twitegure.kwivuna.reta.yuburundi.mwoba.mukoze.sawa.umutaga.mwiza

  • Uwomugwiwumva.Atankorabara?

  • Ndafise icizere ko bazodufasha

  • Jye Ndumva Uyo Col Afite Ukuri Nabo Barikumwe, Imana Ikomeze Ibarinde Aho Bari Mu Shamba Barwanire Abaturage Babo Kuko Ayo Masezerano Ya Arusha Bari Gukandagira Niyo Yatumye Bapera Aho Bari None. Tuzakomeza Kubasengera Pamoja Na Mungu Mutashinda.

  • Nibarwane ariko bibuke ibibi n’ivyiza vy’imirwano.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.