Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Maramvya : Ikiziga c’umusore atamenyekanye catowe
Yanditswe taliki ya 5-07-2016 - isaha 16:44' na IGIHE

Ikiziga c’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu Maramvya, hafi y’ikiraro kigabura Buterere na Mutimbuzi. Uwo muntu yishwe ni umusore afise nk’imyaka 25, abamubonye bose bakaba batashoboye kumumenya.

Abanyagihugu baba hafi y’ahatowe ico kiziga bamenyesha ico kiziga cazanwe n’imodoka batamenye, atabwaho ari ikiziga.

Uwo munyagihugu yishwe arashwe, abamwishe bakaba kandi baramukereye ibihimba vy’irondoka.

Abajejwe intwaro bakaba baciye bajana ico kiziga mu buruhukiro, mu kurindira ko hari abomenya uwo muntu yagandaguwe.

Hari uwundi munyagihugu yamenyekanye kw’izina rya Yeremiya KARENZO yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri. Uwo munyagihugu yahora aba muri komine ya Kayanza, intara ya Kayanza yarashwe n’abantu bataramenyekana, bamutegereye ariko arataha.

Ivyiyumviro vyanyu

YEMWE IBINTU VYARENZE INKOMBE A MATOTOHOZA NAKORE BANANIWE YUSU AMEKUJA NA ATA WAHUKUMIA VYAKUTOSHA

11.07.2016 à 21:00
EZECHIEL

IMANA NIHINDURE UBURUNDI BUGEZE KURE.

10.07.2016 à 21:10
KAYIHURA

Uwishe umunyagihugu wo mu Kayanza yaramenyekanye kandi yarafashwe co kimwe n’inkoho yakoresheje mu gukora ico caha. Abanyakayanza n’intwari kuko barafashije cane inzego z’umutekano maze uwo mwicanyi arafatwa. Baramaze kumenya iyo bavuye,aho bageze n’iyo bashaka kuja. Abanyakayanza barazi ico bari kurusha abo mu Mugamba. N’abarundi bo mu mutima w’Uburundi ! Murabaza abanyarwanda bashatse gufata Uburundi nka RDC ayo babonye ku wa 10/7/2015 i Kabarore mu KAYANZA. Ubu Kagame bwarapfutse umunwa abwejagurira i Kigali gusa. Mureme abanyakayanza barugariye igihugu. Muryame ariko ntimusinzire abarundi b’umutima baracariho !

10.07.2016 à 19:40
NKUNDURWANDA

Ntaco.Umuntu,azohembegwa,ico yakoz

8.07.2016 à 12:18
Kriss

Mbe Kuberiki Abobagabo Bariko Barica Abantu Batobato Sinubwo Baca Babaka Nyabiti Vyabo,arik Akarorer Nibarab Ibhangange Nka Sadamu Husein,kadafi Na Osama Ariko Imana Irabibina.

8.07.2016 à 09:09
Evlove

mana tabara abarundi baza kutumara

6.07.2016 à 20:35
Dudu

Mujeri falcon50

6.07.2016 à 19:54
Ikiziga tari

Ikiziga Falcon50 (tari-turaje)

6.07.2016 à 11:48
falcon50(i Mahama)

Njye nibera kwa le gentil. Nayayutse mumutwe kera

6.07.2016 à 09:09
falcon50

Kuntwaro ya nkurumbi abantu barahera.

5.07.2016 à 20:14
Falcon50

Ubwo bwicanyi bwarenze ihaniro.

5.07.2016 à 18:45
kaneza eliane

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.