Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Matana : Umukenyezi w’imyaka 50 yishwe arashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Umukenyezi w’imyaka 50 yishwe arashwe

Matana : Umukenyezi w’imyaka 50 yishwe arashwe

lundi 20 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umutekano wahungabanye mu ntara ya Bururi, aho umukenyezi yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere. Yarashwe n’abantu bitwaje inkoho bataramenyekana, ku musozi Sakinyonga, zone Gatsibe, muri komine ya Matana.

Rose BARANYIZIGIYE w’imyaka 50 yarasiwe ku rugo iwe, abajejwe intwaro aho muri komine Matana bakaba bamenyesha ko uwo yagandaguwe ata poritike yarimwo, bakikeka ko yoba yazize amatati y’amatongo.

Abantu bagera ku ndwi nibo bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi muri iyo ntara babimenyesha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.