Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Umukenyezi w’imyaka 50 yishwe arashwe
Matana : Umukenyezi w’imyaka 50 yishwe arashwe
lundi 20 Ruheshi 2016, par
Umutekano wahungabanye mu ntara ya Bururi, aho umukenyezi yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere. Yarashwe n’abantu bitwaje inkoho bataramenyekana, ku musozi Sakinyonga, zone Gatsibe, muri komine ya Matana.
Rose BARANYIZIGIYE w’imyaka 50 yarasiwe ku rugo iwe, abajejwe intwaro aho muri komine Matana bakaba bamenyesha ko uwo yagandaguwe ata poritike yarimwo, bakikeka ko yoba yazize amatati y’amatongo.
Abantu bagera ku ndwi nibo bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza, nk’uko mu giporisi muri iyo ntara babimenyesha.
IGIHE
Messages
20 Ruheshi 2016, 14:26, par kundane
Yooo nimureke kwankanira ubusa ngomupfa amatongo kuko ICO musana kiruta icomupfa nanone isi ifise ahantu hanini atabantu bahaba .
20 Ruheshi 2016, 15:26, par Djuma
isi yaraheze amaraso ameneka nimenshi birateye agahinda
20 Ruheshi 2016, 16:17, par pamba
Nihatari ubuwishwe wese ntakindi bavuga ataramatati yamatongo ivyuburundi nikibazo
20 Ruheshi 2016, 17:48, par MUYAHUDI
MUBURUNDI HAHINDUTS KUMACUNIRO YABANTU! NTAMUSI UHERA ATAWISHW? MANA RABA UHINDUR IMITIMA YABANTU BAMW BAMW!
20 Ruheshi 2016, 19:02, par Dawudi
Vyiza Twese Twohungira Kwayesu Ahandiho Uwudahitanywe Namatongo,yohitanwa Nibindi,satani Afise Imitego Myishipe!
20 Ruheshi 2016, 19:22, par NDINDIKA
IZO BABARASISHA NABO NIZO ZIZOBARASA!
21 Ruheshi 2016, 11:00, par Nkurunziza
Umurimyi bamurashe ku yihe mpamvu
30 Ruheshi 2016, 16:59, par irakoze noe
abo bagizi banabi ahubwo nkanj ndabafashe noca ndabahamba babona
4 Mukakaro 2016, 21:14, par Niyonzima Alexis
Amatongo Yemw Tuzoyasiga Ngaha Kwisi Reka Kwicana Mupfa Ubusa Twes Tuzobisga Ngaha Kwisi