Accueil > Amakuru > umutekano > Matana : Umusuma aturuka mu ntara ya Ngozi yishwe n’abanyagihugu
Matana : Umusuma aturuka mu ntara ya Ngozi yishwe n’abanyagihugu
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Umusuma avuka i Tangara mu ntara ya Ngozi yiciwe i Matana mu ntara ya Bururi, aho yari aroye kwiba mu rugo rwa Simeon Nzirubusa.
Uwo musuma yishwe n’abanyagihugu bo ku musozi wa Bihangaza komine ya Matana intara ya Bururi, yari yitwaje ibirwanisho co kimwe n’akandi karwi k’abasuma bari kumwe nawe. Umuhana wa Simeon Nzirubusa umaze guterwa, ukaba waciye utabaza ababanyi kugira babatabare, ari ko guca baza, kubahurura.
Abantu benshi bamaze gushika ku muhana w’uwatewe n’abasuma, izo nkozi z’ikibi zikaba zaciye zishaka kwirwanira, ariko guca zikomeretsa abanyagihugu bashika kuri bane bo kuri uyo musozi wa Bihangaza, maze umwe nawe muri abo basuma aca arafatwa n’abanyagihugu, baramukubita, gushika aho bamusiga ari ikiziga. Uwo yagandaguwe aroye kwiba akaba azwi kw’izina rya Arthémon Simbananiye
Abarongoye intwaro muri ako gace bakaba basaba abanyagihugu kwirarira, mu ntumbero yo kubuza ibikorwa vy’inkozi z’ikibi. Ikindi abanyagighugu basabwa akaba ari ukutihanira na rimwe iyo bafashe umusuma.

Aristide Nizigire
Messages
16 Ndamukiza 2014, 10:18, par Carthage
Ah yaya. Un ngozien parti volé dans Bururi. Il l’a cherché.
16 Ndamukiza 2014, 13:01, par Willy
BAGIZE NABI ARIKO IBI BIKWIYE KWIGISHA ABATEGETSI BARYA IBITURIRE BAKAREKURA INKOZI ZIBIBI IYO BAZIFASHE KUKO ZO ZIBA ZIFISE AMAHERA MENSHI.ICOTUMA RERO ABANYAGIHUGU BATIHANIRA NICO
16 Ndamukiza 2014, 17:24, par Nwari
Ndashimiye abanyagihugu bi matana kubona bafatanye munda nuwuzogaruka ntimuze murindirize kuraho ,ivyiyintwaro murabizi gerageza mwigwanire ,mwirarire komera abanyamatana
17 Ndamukiza 2014, 10:21, par kamenge
bagize amakosa kwihanira kuberiki batamutwaye kuri potse ya police
17 Ndamukiza 2014, 11:33, par turacar inyuma
kwihanira nibibi, ariko ni nkuko bigoye gufata umuntu afise ikirwanisho kandi afise umugambi wo kukwica hama ng umureke akwice kandi ushobora kwivuna, ntibikunda, leta nirabe irwize ubutunze, kandi ishireho ubutungane buhana bose, butaraba umugambwe canke ubwoko
18 Ndamukiza 2014, 10:53, par elvis nsabimana
mukwandika iyi nkuri murafis aho mwihenz n agomba ndabakosore ijambo ry umutwe mwandits ngo uwo musuma yishwe yaragiye kwiba murugo kwa Simeo Nzirubusa muga muriyo nkuru hariho ahantu handitsw ngo uwo musuma yaraye yishw akaba azwi kwizina rya Simeo Nzirubusa non umusuma na nyenerugo bos baritiranwa amazina amw? nom et prenon
20 Ndamukiza 2014, 19:42, par said messa
Ndashimiye cane ababanyi bumvise akamo hama bakanyaruka gutabara.
3 Rusama 2015, 21:25, par NIBAFASHA PROTAIS
Kwihanira Nibaze Yuko Atarico Gikuru Barigushira Imbere ,kuk Iyobamuboha Ntibamwice Kumbure Yarikuvuga N.Abandi Barikumwe Mw.Uyomugambi Ugayitse