Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Miss amerika arageramiwe n’abakoresha umuhora Twitter
Miss amerika arageramiwe n’abakoresha umuhora Twitter
mardi 17 Nyakanga 2013
Nina Davuluri ni umwigeme afise amamuko yo mu gihugu c’Ubuhindi, akaba ariwe yatowe mu gihugu ca Amerika kuba yoserukira abandi bigeme mw’íhiganwa rya Miss Amerika. Muri kino gihe rero, biravugawa yuko atorohewe na gato kubera abanyamacakubiri afatiye ku rukoba bamurembeje bandika ubutumwa bwo kumutyoza baciye ku muhora twitter .
Kuri twitter ntihama havugwa ivyiza gusa, oya namba : "Miss Al Qaida, Miss Terrorriste, Miss w’igenekerezo rya 11 Nyakanga, hamwe n’ayandi majambo menshi atagira uko angana nivyo biguma bica kuri uwo muhora Twitter. Uwo mwigeme yatowe kuba Miss kuva atowe igenekerezo rya 15 Nyakanga, mw’ijoro aguma avugwa nabi n’abantu bandika ku muhora wa Twitter. Nawe yagize ati : "Ndakwiye kurengera ayo majambo kuko kuva imbere na mbere jewe nifata nk’umunyamerikazi, ivyo akaba yabimenyesheje imbere y’abamenyeshamakuru."

Uwo mwigeme afise imyaka 24 akaba yamye anezererewe cane igihugu c’amamuko yiwe, ndetse n’igihe yari no mw’ihiganwa yarerekanye intambo y’aho mu gihugu c’ubuhindi. Akaba yarashimye cane ukungene ariwe abaye uwa mbere afise amamuko yo mu gihugu c’Ubuhindi abaye Miss Amerika.
Ariko rero, n’aho biri uko hariho abagerageza gusukamwo mabisi, aho banegura cane ukuntu abo bantu bamufata nabi.
Mwomenya ko uwo mwigeme yaronkejwe agashimwe kangana n’amadorari 50 000 kugira abandanye amashure yiwe mu vy’ubuganga na rirya ariyo ndoto yiwe.
Floxella Karire