IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mpimba : Umuntu umwe yaritavye Imana mu mishamirano

Mpimba : Umuntu umwe yaritavye Imana mu mishamirano

vendredi 9 Myandagaro 2013

Umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba ariyamiriza akajagari karaye gatewe n’abanyororo ku murango w’ejo kuwa kane, akamenyesha ko umurwi ujejwe gukora amatohoza wamaze gutangura akazi kawo, abazokwagirwa n’icaha nabo bakazohanwa hakurikijwe amategeko.

Intango y’iyo ntureka yahungabanije umutekano, ni abanyororo 13 bari bamenyeshejwe ko bagira bungururizwe mu yandi mabohero. Bagenzi babo baciye bagarariza iyo ngingo, haca haduka imishamirano yamaze amasaha abiri hagati y’abapolisi n’abo banyororo. Agahengwe kagiye kuboneka ari uko igipolisi kirashe amasasu menshi hejuru, congera gitera ivyuka bikoroza amosozi. Mu gihe amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko abo bagira bungururizwe mu yandi mabohero ari abahora bavugira abandi ku bijanye n’ibibazo vyo gufungura nabi, umukuru w’ibihero rikuru rya Mpimba, OPC1 Bruno Niyonzima amenyesha ko iyo ngingo yari ifashwe mu ntumbero yo kugabanura ubwinshi bw’abanyororo bo muri iryo bohero.

OPC1 Bruno Niyonzima amenyesha ko guhindurira ikibanza umunyororo ari ibisanzwe ariko hari ivyo bafatirako nk’ukuba umunyororo yaramaze gucibwa urubanza canke iyo yaciriwe urubanza rw’umunyororo w’imyaka myinshi, maze bagashaka kumwegereza mw’ibohero riri hafi y’intara avamwo, aho hakaba ari mu gihe iyo ngingo itaje nk’igihano ku munyororo. Umurwi w’inyamiramabi ukaba wamaze gutangura amatohoza kugira bategure icegeranyo c’ivyaraye vyononekaye, gutyo abatanguje iyo migumuko babihanirwe.

JPEG - 33.8 ko
OPC1 Bruno Niyonzima, umukuru w’ibohero rikuru rya Mpimba

Tubamenyeshe ko abanyororo bari baduze ku mpome z’ibohero rikuru rya Mpimba bariko baterana amabuye n’abajejwe umutekano. Abapolisi nabo baciye barasa, umuntu umwe arahasiga ubuzima, abandi benshi barakomereka harimwo n’abapolisi. Uwo munyagihugu yahasize ubuzima akaba ari muba isilamu bari baje kwifadikanya n’abanyororo mu masengesho yo ku munsi mukuru w’ilayidi (Id El Fitri) wahimbajwe ku munsi w’ejo kw’isi yose.

JPEG - 27.2 ko
Impome z’uruzitiro rw’ibohero rikuru rya Mpimba

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.