IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gabriel Nizigama : "Isakwa ry’ibirwanisho ntirigirirwa abatutsi (...)

Gabriel Nizigama : "Isakwa ry’ibirwanisho ntirigirirwa abatutsi gusa"

vendredi 21 Munyonyo 2014

Mu ngoro y’inama nshingamateka mu Kigobe, abashikiranganji babiri kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu bariko barishura ibibazo vy’abashingamateka. Umushikiranganji w’umutekano, Gabriel Nizigama, amenyesha ko amasakwa amaze iminsi aba, akurikije amategeko, kandi ko hadasakwa abari mu bwoko bumwe nk’uko bimaze iminsi bivugwa.

Umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama akaba yavuze ivyo, mu gihe yari abajijwe n’umushingamateka Karori Nditije ku bijanye n’isakwa rimaze iminsi riba, aho yabaza ivyisungwa, mu gihe hari bamwe mu bantu bigeze kuba barongoye inzego zikomeye mu gihugu nka Matiyasi Sinamenye yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yasatswe. Kuri ivyo, umushikiranganji Gabriel Nizigama agira ati :’’Ntidusaka abatutsi gusa, dusaka bose, ariko tugiye nko muri Rohero birumvikana ko hasakwa abatutsi benshi, tugiye mu Kamenge tukahasanga abahutu benshi nabo barasakwa.’’

JPEG - 32.6 ko
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano

Umushikiranganji Nizigama akaba yavuze ko gusaka ari igikorwa ca minsi yose mu gukinga ubugizi bwa nabi bushobora kwaduka, akavuga ko basaka iyo hari amakuru bafise, canke bagacacisha kugira barabe. Uwo mushikiranganji ati : "Iyo umuntu agiye ku muhana kanaka aba afise amakuru, ariko haraba n’umusako rusangi, kiretse iyo uwo muntu afise ubudahangarwa."

Ico kibazo c’ugusaka bikaboneka ko abashingamateka bakigumyeko cane, aho ndetse na Bernard Busokoza yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yagarutse kuri iryo sakwa, akibaza igituma igiporisi mu gusaka ahari abasuma cohera aho muri Rohero.


Aristide Nizigire

Messages

  • MBEGA MUKUVUGA KO HASAKWA ABATUTSI GUSA NUBWOBA BAFISE?UMUNTU WESE ATUNZE IKIGWANISHO ATAGIFITIY UBURENGANZIRA AMENYEK KITAMUHITANY KIZOHITANA UWIWE.GABANYA RER AMAJAMBO.

  • Gusakwa Nivyiza Kuko Turavye Iyo Twavuye Ntitwosubirayo Tukeneye Amahoro Ntakajagari Dukeneye

  • @sinarinzi abarundi amabi uriko urabakorera witwaje igipolici ?ubarekurirako ibisuma ?barukoti?ubabuza kwirarira?? Ndagusabe uharure abamaze gupfa ,gukomereka,kwibwa ??umenyeko ataho uzohungira mwe na nduwimana ndakurahiye murata umuntu afata umupanga akica??ibuside ?mwAgaramitse abakecuru? Muraraba neza kuko dd igiye mwebwe muzica mwambara,akagozi ndabarahiye banyoko

  • Urakoze mushikiranganji Gabriel Nizigama kwefeka abobavukanyi bacu babashingamateka, ariko birababaje kumva abantubabashingamateka batarabonako ngahamuburundi umuntu atakigira icaba canke icabura ngonuko aruwo mubwoko runaka, kubinturero bijanye numutekano ntibirabira ngonuwo mubwoko ubunubu canke buriya, urazobaza mugihugu ca Somalia inganda zaratse kandimuvyukuri bosebasanabasangije ubwo ahubwo bayoberanye muvyihimviro, nongahamuburundi kubwoko ntikikiri ikibazo ahubwo mushimikire kuvyiyumviro. Nonesivyoga bashingamateka bacu biburundi?

  • Ico gikogw niciza cane nibakomeze umutekano ivyo kuvuga ngo n umushikiranganji kanaka ntibishoboka ni basake bose kuko hakaba ingorane uzosanga zihitana bose.mbere mumateka dufite abo badahangagw kenshi nibo usanga banuegeje ibitemewe namategeko .aho rero nukuharabira neza murakoze.
    Kandi aho muri kukazi ntakuzuyaza. Kuvyiyumviro mwafashekandi ntimusamare.

  • Nibasakebosekukontamwamanikino

  • We wiyise J.BAPTISTE, nashaka ndakumenyeshe ko atakuvuga ngo ubwoko ubu bufise ubwoba canke ngo buriya nta bwoba bufise. Umuntu yama ari umuntu, naho muri ivyo wanditse, ufitiye inzigo aba tutsi, nawe ubwo bwoba urabufise kuko uri umuntu kandi ufise umubiri uva amaraso, kandi akaje ntikazira umwe. Nawe uzoteba ushikigwe. Rero, ntawukurengeje amajambo, gusa hariho amakenga kubona gushika kuri iyi saha hama hasakwa gusa abatutsi, kiretse Audifax Ndabitoreye (kuko nawe nyene muzi ko atari umu dd) vuga uwundi muhutu yoba amaze gusakwa numve. Uwoba atabibona yoba akanura ntabone. Reka gufukafuka ukuri, ahubwo dd nishike kuco ishaka, hanyuma abanyagihugu bamenye uko bavyifatamwo.Iyo abapolisi baba basaka amoko yose, inzego zose, abato n’abakuze, abanyamigambwe bose; ....nta makenga aba ariho.

  • Busokoza uti abasuma natnahamwe bemerewe kuba, ariko ntanahamwe batari. vyumvikana rero ko uwubarondera aronderera hose. Uti n’iwawe bazoza; gusa niba ataco wiyotsa, shira umutima munda ntaco bizogutwara bazohaca barengane. None kubwiwe yashaka basake kwa nde? Impungenge umuntu yogira ni igihe abasaka boba babigira ukutari kwo, canke nabo nyene batera.

  • Turazi ko aba DD bafise Intumbero Mbi yokonona no kwica Murabigira mumenye ko ataco muzoshikako???????IMANA YATUREMYE IRATUBONA .

  • ABATUTSI NIBO BATUNZE INKOHO BAHAWE KURI BUYOYA HANINI MUHERE KUMUSAGA NI MUNGAGARA

  • Barundi Bene Wacu nimuze dukundane basha twongere dusenge imana itabare igihugu cacu imana ntikivume murakoze imana ibahindure,

  • Barundi Bene Wacu nimuze dukundane basha twongere dusenge imana itabare igihugu cacu imana ntikivume murakoze imana ibahindure,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.