IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mu ntara ya mbere ya gisirikare biyemeje gukomeza umutekano

Mu ntara ya mbere ya gisirikare biyemeje gukomeza umutekano

mardi 4 Ntwarante 2014

Umukuru w’akarere ka mbere ka gisirikare amenyesha ko umutekano muri ako karere wifashe neza muri rusangi, n’aho rimwe na rimwe abitwaje ibirwanisho bahora bawuhungabanya cane cane mu karere kegereye ubuseruko bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Colonel Domitien Kabisa avuga ko bagiye gukomeza umutekano mu karere kegereye ishamba rya Kibira, hamwe no kuri urwo rubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Inama yahuje umushikiranganji wo kwivuna abansi Général Major Pontien Gaciyubwenge, hamwe n’abatwara akarere ka mbere ka gisirikare yabaye mu gihe haheruka kuba igitero ku kirindiro c’igisirikare cabereye mw’ishamba rya Rukoko. Uwurongoye ako karere ka mbere ka gisirikare, Colonel Domitien kabisa yamenyesheje ko umutekano wari mwiza muri rusangi, kiretse abo bitwaje ibirwanisho biyadukiza, bagatera ibirindiro vy’abasirikare.
Mu bituma nyamukuru umutekano uhungabana muri ako karere, Colonel Domitien Kabisa avuga abo bitwaje ibirwanisho, abasuma, inzandiko ziguma zitorwa z’amazina y’abantu bazokwicwa bagirizwa uburozi, abarima urumogi mw’ishamba rya Kibira, amabarabara atari meza abera intambamyi abasirikare bagiye gutabara, hamwe inzoga zitemewe n’amategeko zikidandazwa mu banyagihugu.

Colonel Domitien Kabisa, umukuru w’akarere ka mbere ka gisirikare yashikirije ko mu bigiye gukorwa kugira umutekano ntusubire guhungabana, ari ukwongereza umutekano ku rubibe rwa Rusizi hamwe no mw’ishamba rya Kibira na Rukoko.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Général Major Pontien Gaciyubwenge yibukije abo baserukira abandi mu karere ka gisirikare ko bokwama bagendera ku karangamutima, hamwe n’amategeko bigenga umusirikare w’Uburundi, barengere aboshaka kubakwegera mu nyungu zabo, ahubwo bakorere ineza y’umunyagihugu. Yabasavye kurikanura muri iyi minsi igihugu kigira cinjire mu matora, barwanye ubunebwe, ibiturire, amacakubiri, hamwe n’uguta ibirindiro vyabo.

Iyo nama umushikiranganji w’ukwivuna abansi yatunganije n’abatwara akarere ka mbere ka gisirikare izobandanya no ku bandi batwara uturere twose twa gisirikare mu Burundi. Inyuma y’ijambo ry’ukuyitanguza ryashikirijwe na Général Major Pontien Gaciyubwenge, ibikorwa nyezina vyaciye bibandaniriza mu mwiherero abamenyeshamakuru bose bataramutse.


Egide Nduwimana

Messages

  • Umutekano ntukwuye mwiyo ntara yambere kuber,iki n,umushikiranganji wo kwivunabasi yayikoranye nabajejwe umutekano bo muri yo ntara yambere.Nkuku Gaciyubwenge yabibabwiyebacungere umutekano wigihugu not w,abanyamigambwe bohava babaja mumatwi.Narirya tuziko iyo ntara yambere yama iba ikirimbiro y,intambara.

  • Bury abarundi barayamaze bati:"ubemberez umukeba bwaca akagusohora" Burya politike yigiporona numuntu muto arayibona ntawarush yikur ubwoko bw ubugome azasubira kugwan agwanir uwoyaziga kwar umwansi leta yarikwiy kuraba abagendera mukwaha kwayo bose kwarabarush atarinzoka.ok navuga sinvura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.