Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mu kwitegurira igikombe c’isi yose, abadandaza imibiri muri Bresil bariko (...)
Mu kwitegurira igikombe c’isi yose, abadandaza imibiri muri Bresil bariko biga icongereza
mardi 3 Ruheshi 2014
Imbere y’uko inkino z’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru zitangura muri Bresil, abitegura si abakinyi gusa, abakobwa n’abagore badandaza imibiri bariko baritegura mu kwiga ururimi rw’icongereza.

Hasigaye iminsi itarenga 11 kugira amahiganwa y’igikombe c’isi yose atangure mu gihugu ca Bresil. Mu kwitegurira urwo rubanza rukomeye, igihugu cose ca Bresil kiriko citegurira kwakira ingenzi zishika 600.000. Mu bitegura, harimwo abigeme n’abagore badandaza imibiri. Abo badandaza imibiri bararavye basanga hazokoreshwa cane ururirimi rw’icongereza. Kugira bazoshobore kwumvikana n’abazoba babakeneye, bahisemwo kwiga urwo ruririmi.
Kubera basigaranye umwanya muto, barondeye umwigisha yobafasha kumenya amajambo nyamukuru bokoresha kugira bumvikane n’ingenzi zizobakenera. Mu vyo bariko bariga harimwo, amajambo yo gutanga ikaze (les mots chaleureux), iminsi igize indwi, n’ayandi majambo akoreshwa n’abadandaza imibiri. Ivyo bariko bavyigishwa n’umwigisha w’icongereza Igor Fuch.
Tubibutse ko kudandaza umubiri birekuwe aho mu gihugu ca Bresil, abayidandaza bakaba banatanga n’ikori
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Ruheshi 2014, 17:07, par Gatwengo jean claude
ni danger ,,
3 Ruheshi 2014, 23:25, par BAZOGENDA BARAGWIRA
Ni bagende bamure ikawa,bongere bayisasire,bareke gusasa amase ku bisonge.
ubu ikawa ireze aho muri Bresil,uzi ko ari na co gihugu ca mbere kirima kikongera kikimbura ikawa nyinshi kw’isi.
3 Myandagaro 2015, 20:37, par Louis Ndayishimiye
None Brésil , Ururimi Rwaho N,uruhe?
18 Mukakaro 2017, 09:57, par Charles
kudandaza Imibinivyiza?