IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mu makambi hagiye gusigara abasirikare gusa

Mu makambi hagiye gusigara abasirikare gusa

mardi 14 Nzero 2014

Mu gisirikare c’Uburundi barahakana ko hoba hariho abana b’impfuvyi z’abasirikare bitavye Imana boba barirukanywe mw’ikambi "Camp de Bataillon Para" iri muri komine Musaga. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ari ingingo yafashwe kugira mw’ikambi za gisirikare hasigare abasirikare n’imiryango yabo (abagore n’abana b’abasirikare gusa)

Mu gihe abantu baba mu makambi ya gisikare bishika bakaba benshi kurusha abasirikare bivuye ku miryango n’incuti z’abo basirikare, Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko bishobora gushika bikabera intambamyi ibikorwa vya gisirikare, ari naco gituma hafashwe ingingo ko abosigara mu makambi ya gisirikare boba abasirikare n’imiryango yabo (umugore n’abana gusa). Gaspard Baratuza asigura ko bitumvikana ingene incuti z’abasirikare zoguma ziba mw’ikambi kandi imyaka igera kw’icumi iheze amahoro abonetse mu gihugu.

JPEG - 6.9 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Gaspard Baratuza ashikiriza ko mw’ikambi hategerezwa gusigara abasirikare gusa kugira hashobore kuboneka ibibanza vy’abasirikare bagarutse mu makambi inyuma y’ukuvanwa mu misozi barimwo igihugu kikiri mu ntambara. Kubwa Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, abatari abasirikare barushije igitigiri abasirikare mw’ikambi, ibikorwa vya gisirikare ntibiheza vyoroha, kandi ico kibanza nticoba kicitwa ica gisirikare, ari naco gituma iyo ngingo yafashwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ingingo z’uko incuti n’abagenzi b’intwazangabo zija kubana n’abo bacungera igihugu, zashizwe ho n’izo ntwaro zagiye zitwoz’abanyagihugu. Turetse n’ivyo, ni ukureng’amategeko agenga inkambi ya gisirikare. Ku bwanje, n’abo bagore n’abana, bari bakwiye kuguma ku matongo. Leta nirab’ukuntu abo bantu bova muri izo nkambi hama, en collaboration avec le ministere de la defense, umusirikare wese yoroherezwe kuja gukorera mu ntara avuka mwo. N’imiburiburi, mu makambi y’i Bujumbura habe harasigara bake kandi batarubaka. Ni n’uko uruja n’uruza rw’abantu batagira icepfo na ruguru bogabanuka mu bisagara, cane cane i Bujumbura na Gitega.

  • IVYO,NTIBIBAHO KABASIRIKARE,BABANA,NABASIVIRE.NABOBAGORENIBATAHE,KUKO NIBO,BOVAMWO,ABATASI,

  • Nyakwubahwa Gaspard, ntakuntu mu Makambi ya Gisirikare hoba Abasirikare gusa. Ndabona aho ariho hari ikibazo, abapfasoni n’abana b’Abasirikare bogenda ku gatumba aho baba bakava mu makambi.

  • Igisikare nigifate intumbero amakambi y’abasirikare abe ayabasirikare gusa imiryango ize iramukanya gusa!Mu vyinshi bituma discipline y’abasirikare itituka nokubana n’imiryango mu makambi birimwo.Amazu uko yubatse yubakiwe abasirikare gusa abo basirikare nibumve ko umuryango yoba ahandi aho naho hakaba aho abakora mw’ikambi.kandi nawamuco wogufungurira hamwe niho wobandanya kandi na gestion y’imfungurwa yogenda neza.Ivyo n’inkwirikizi y’intambara arico gituma n’abandi banyagihugu babona abagore babasoda baba mu makambi bitera amakenga!Nibaveyo bose nkuko yitwa ikambi y’abasoda ibemwo abasirikare gusa.

  • Muvyukuri vyarabaye ariko camugiraningoga iyomiryango yabasirikare bigihugucacu,irondererwe ahandiba hatitwa munkambi yabasoda, Hariho nuwavuze ko abasirikare bishirwakubwishi gukorera ahatarikure yama komine yabo kugira bizebiraborohera kujagutemberera imiryango yabo bitabasavye itikenini. Abobose batarabasirikare turabizi nabacu arikosivyiza ko abana bagumababona ivyabavyeyibabo bikoza bijanye nagisirikare namabanga yagisirikare asanzwe akorerwa munkambi yagisirikare oyayemwe!!!!!!!!!!!!!!!

  • Ico ciyumviro ni ciza cane ahubwo nabasaba ko mwobigira vuba na none amakambi n’ayabasirikare say’abasivire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.