Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yitwaje "Caleçon" y’urwatsi rubisi ku mutwe mu gushigikira Bob (...)
Yitwaje "Caleçon" y’urwatsi rubisi ku mutwe mu gushigikira Bob Rugurika
jeudi 19 Ruhuhuma 2015
Mu ntumbero yo gushigikira ingingo yo gusohora Bob RUGURIKA mw’ibohero rya Muramvya, abantu batari bake bari bashitse ahakorera iyo RPA, benshi muri bo bari bambaye ibintu birimwo ibara ry’urwatsi rubisi, abandi bitwaje amashami, hakaba hari n’abari bambaye ku mutwe uduhuzu two munsi bita "Caleçon" dufise iryo bara.

Umwe mubari baje gushigikira Bob Rugurika, ni umugore yahisemwo kwambara ku mutwe agahuzu ko munsi (Caleçon) karimwo ibara ry’urwatsi rubisi, mu ntumbero yo gushigikira Bob RUGURIKA.
Uwo mugore yashatse kugira nk’abandi, aho hari abari bambaye amasashi y’urwatsi rubisi, imipira y’iryo bara, hamwe n’abandi bari bafise ibiti, hakaba n’abari bashonesheje impuzu zirimwo iryo bara zambarwa n’abapfungwa bo mu Burundi.


Cherif Nkeshimana
Messages
19 Ruhuhuma 2015, 14:51, par nema
hiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii harabavye
19 Ruhuhuma 2015, 17:06, par kiki
hahhahhahahahha!! ndumiwe nivyo mbonye
19 Ruhuhuma 2015, 21:02, par 5common-senses???
Humm!! Ibintu byarakomey’ abantu mbona basigaye barariy’umwanda!!!! Uyu muvyeyi ubu twovuga ko byari byamugendekeye gute we se????? Abanyaru bavuga ng’ is yamez’amenyo!!!!!!!!!
20 Ruhuhuma 2015, 00:33, par Newgeneration
i am proud of the solidarity and unity against the injustice, the oppression and all kind of humiliation of any burundian....always when there is oppression , there is a resistance , burundian of 1970s, are not burundian of 2015th . Dignity to all burundian is a must.
15 Ndamukiza 2015, 21:14, par ERIC
BAREKE KUDUTESHA AGACIRO UMUCO UGUMEHO . ISIRIPE KUMUTWE. Haaaaa!!