Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi vyahambwe
Muramvya : Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi vyahambwe
mercredi 17 Myandagaro 2016, par
Ibiziga bibiri vyatowe mu ruzi Mubarazi ruri mu ntara ya Muramvya vyahambwe mw’itongo ry’abapfuye ry’i Muramvya. Igiporisi c’Uburundi caheruka kumenyesha ko cakoze imyidondoro y’;abo bantu, kandi ko basanze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU yaburiwe irengero, atarimwo muri ivyo biziga.
Ivyo biziga vyahora mu buruhukiro bw’ibitaro vy’i Muramvya kuva bikuwe mu ruzi MUbarazi. Vyahambwe kw’itegeko ry’abajejwe intwaro muri iyo ntara.

Abaporisi bo mu gisata kijejwe gukinga impanuka nibo bakuye mu ruzi Mubarazi ivyo biziga bibiri vy’abantu bataramenyekana bari batawe muri urwo ruzi. Kimwe muri ivyo biziga vyakuwe mu mazi nticagira umutwe, bikaboneka ko imbere y’uko uwo muntu atabwa mu ruzi yabanje gucibwa umutwe. Ikindi naco cari kiboshe amaboko, kandi kiboheweko akagunira k’amabuye.
Ikiziga ca mbere cari mu ruzi Mubarazi cabonwe n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU bariko barondeza mugenzi wabo Jean BIGIRIMANA yazimanganiye i Bugarama kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016. Basubiriye mu kibanza catowemwo ico kiziga, bari kumwe n’abo mu giporisi hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, babonye ikindi kiziga kigira kabiri, naco nyene kireremba mu ruzi Mubarazi.
IGIHE
Messages
17 Myandagaro 2016, 20:28, par Ciza SiTsani
TURABIYAMIRIJE ABOBICANYI
20 Myandagaro 2016, 10:33, par EDOUARD
JENIYUMVIRAK UYO BASANZE ADAFISE UMUTWE YOBA ARIWAMUNYAMAKURU IWAC