IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya-Ryarusera: Abagizi ba nabi babiri barashwe n’abajejwe (...)

Muramvya-Ryarusera: Abagizi ba nabi babiri barashwe n’abajejwe umutekano

mercredi 13 Nzero 2016

Igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko abagizi ba nabi babibi aribo bishwe,uwundi umwe arafatwa mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abajejwe umutekano n’umurwi w’abagizi ba nabi mu ntara ya Muramvya.

Abo bitavye Imana muri ukwo gutana mu mitwe kwabereye muri Zone Ryarusera,mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nzero 2016, ni Capitaine Bahenda Iddi Omar batazira Saidi na Brigadier Niyongabo Jean Claude.

Amakuru ava mu gipolisi c’Uburundi amenyesha ko abo bishwe bari bamaze iminsi baronderwa, kuko baheruka gutoroka igisirikare n’igipolisi.

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter,Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi yamenyesheje ko hejuru yabo bapfuye n’uwafashwe,hafashwe kandi ibrwanisho vya gisirikare bigizwe n’amabombe abiri yo mu bwoko bwa RPG7 na AK47,ibikono bitatu vy’uzuye amasase hamwe n’inkofero ya gisirikare.


IGIHE

Messages

  • GUMA KWIBANGA MUREKE ABAVUGA BAVUGE KUKO IKINYOMA KIGIYE GUKUBITIRWA AHABONA AHO BUKERA BASHA MUTUZA IZONYANKA BURUNDI ZITAZI DEMOCRASI NATWE TUBARI INYUMA!!!

  • Nivyo Kobabishe Ahonihosawa None Nkokwikura Mugisirikare Nguhiga Ingano Bahiga Urupfu Nyene Natwe Twabishimye Turashimiye Ababishe Kuko Nabonyene Bohitanye Umunyagihugu Ataco Azira None Bashaka Iki?

  • POLICE MWAKOZE NEZA KUDUKUBITIRA IZO NJAVYI

  • abo baribaje gukora igitero gikomeye.
    IMANA MUSHOBORA VYOSE IRA KIGA .
    NIBAKUMBURE BAJE MUMASHENGERO BABASENGERE.
    BICA ABANTU KUBERA 3EME MANDAT(5ANS!!!)
    IYO BARIKUBA BATERA UBUGANDA NTANIKINYAMAKURU CARIKUBAVUGA.CANKE HUMAN RIGHTS.

  • Mbega abarundi muribigungu waranezerewe ngo bishe abandi sha uraraba ariko ntimubona murumva ariko ntimutahura.mbega mwibwirako muzise leta sha ntayo ihari mbega mumva amajambo ya basuma biroterera amahera mukavuga ngo mwatoye ababarogora sha urindire muzambarira.mbega wumvirije amajambo ya Nkurunziza, Gasiton,Bunyoni,Nduwimana,philippo nzabonariba,umuvugizi wigisoda nu wapolice,ndabasaba gukora Analyse uzabona yuko ntanumwe uharanira abanyagihugu cg gukunda igihungu,musengere igihigu imana izarugika abandi babatabare kuko muvuga abagwa muburundi naho abicwa na cholera muri tanzania .

  • Imana Yoguma Idufasha Idufasha Inkozi Z’ikibi Zikaguma Zifatwa Twoshima Reka Tugume Dusenga.

  • Yemwe Abantu Mwiyumvira Ko Ikiroberi Gishoboka Ubu Nibaza Ko Mwihenda Cane .Ntimwigeriranye Na Bagwasa Numuku Wigihugu Bobo Intara Nkazose Zarabayoboka Zika Bagaburira Ningabo Zabo Ibirwanisho Nabakomere Bakabibakira .None Mwebwe Kumengo Aho Muciye Baravuma ? Nimwishikane Hakirikare Bakamara Kurekura Abanyihu Bubarondera Bazobashwanyagurara Guko Ibikomere Bafise Vyicenda Nagatatu Ntivyaribwo bihere. None Muriko Mubakora Munkovu Mugomba Kwica Uwundi Mukuru Wigihugu Bitoreye Murikwegera Kwe ,l Mbabajwe Nimiryango Yanyu Musigira Amarira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.