IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Murwi : Umukenyezi n’abana babiri bagandaguwe n’abicanyi bataramenyekana

Murwi : Umukenyezi n’abana babiri bagandaguwe n’abicanyi bataramenyekana

vendredi 16 Rusama 2014

Amatati y’amatongo niyo yoba ari inyuma y’ubwicanyi bwakorewe umupfakazi n’abana biwe babiri muri komine ya Murwi mu ntara ya Cibitoke.

Abishe uwo mukenyezi n’abana biwe babibiri ntibaramenyekana, ariko bamwe mu bana barokotse ubu bariko baravurirwa ku bitaro vya komine ya Murwi, bakavuga ko babonye abo bicanyi, ariko bakaba bafise ubwoba bwo kubavuga kuko batinya ko bohava bazogaruka bakabica. Abo bana bariko baravugwa bakaba bari bakomerekejwe n’abo bicanyi bateye umuryango wabo, mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane, igenekerezo rya 15 Rusama.

Musitanteri wa komine ya Murwi akaba amenyesha ko ubwo bwicanyi bwoba bufatiye ku matongo, kandi ko bagiye gukora amatohoza, kugira abishe uwo mupfasoni n’abana biwe babiri bamenyekane, ndetse bahanwe bimwe vy’akarorero.

Aristide Nizigire

Messages

  • Ndahojej’umuryango wabuze, Pierre Claver. MB. na Pacific NININAHAZWE, be n’ikibiri cabo nibatangazekw’ar’Imbonerakure , jawe nzobareka

  • Nagire mbwire abantu barabe neza kuko ibintu bibera aho muri iki gihugu ntahandi hantu twari bwavyumve. umuvumo

  • Ivyo bibera mur’ico Gihugu nt’ahand’uravyumva kuko ntahand’uzi Umugabo adatembera avuga ngo Mama n’uwambere m’uguteka neeeeeza ja Kigali, Nigeria, centrafricaine, n’ahandi ntadonze twebge turikodutur’amangati ya Démocratie,

  • Birababaje, intara ya Cibitoke iragutse kuburyo iryo bara ritari gushika,
    ndahojeje umuryango wabuze, ubutegetsi bukore uko bushoboye buhashe inzo ngorane mu banyagihugu, amatongo bavutse bayasangaho, bazopfa bayasigaho, le Gouverneur et l,Administrateur soient toujours présents làoù les familles commencent àavoir de tels problèmes , partager les terrains avant que le drame se produit, si non tuzokwama turahamba abavyeyi bazira ubusa, abo bana nabo ntiborondera rwabo matongo, bazokwama bahanze ijisho kumatongo y’abavyeyi? Barasohoka hanze barabe uko mu bindi bihugu bimeze.

  • Birababaje kandi biteye agahinda kubona bene igihugu bazizanya amatongo ariko dusaba abajejwe amatohoza bakomeze kandi abakoze ivyo baze bahanwe batangweko akarorero kuko dukeneye inkuru z’umutekano n’amahoro mu gihugu cacu, ababuze bihangane Imana ibafashe.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.