Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Abantu umunani bakomerekejwe na grenade
Musaga: Abantu umunani bakomerekejwe na grenade
mardi 18 Myandagaro 2015
Abantu umunani harimwo abapolisi babiri,nibo bakomerekejwe na grenade yatewe muri komine ya Musaga mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Iyo grenade yatewe ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 17 Myandagaro 2015 ku kiraro kiri kw’ibarabara rya 2 muri komine ya Musaga.
Mu bantu babiri bakomeretse cane,harimwo umwana umwe yiga mu mwaka wa kabiri w’amashuri y’intango yari avuye kuvoma. Uwateye iyo grenade ntiyashoboye kumenyekana.
Mwomenya ko haheze igihe kitari gito hari ama grenade aterwa mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura,agakomeretsa abantu,abandi akabica.
Van Naris Mugisha
Messages
18 Myandagaro 2015, 10:07, par emma
emma
abo nabo muri opposition bariko babandanya kwica inzirakarengane ariko ntaco nibabandanye imbwa yahiye kumurizo ngo burakeye tuhereke abagabo, namwe bandanye muzokwibonerako, nayo intabwigwa yabwiwe nukwamaso atukuye yaba mwarabandi mwuvuye murivyo.
18 Myandagaro 2015, 11:02, par andré pack
kabisa birababaje kubona abantu bagumabapfa ataco bazira nn nkuwo mwana,yaziziki?kandaho uwabigize wosangavuga kwarikwagwanirabanyagihugu?kandaribamaze turafisingorane ubururundi nubwo gusengerwa
18 Myandagaro 2015, 19:57, par Buyoya pierre
Iyo niyo democratie opposition y’uburundi ishyira imbere (Gutwika abahutu n’imipine, gutera grenade abanyagihugu, gutwika amamodoka, kwica abategetsi,...) ibi byerekana ki bafashe ubutegetsi bamara abantu. None izi nkoramaraso nibyiza kujya bazihana by’intangarugero bakaeitwika kuko ntaneza zifuriza abarundi
21 Myandagaro 2015, 07:11, par donde dieu
ahubwo nibabamar abobaporis nabonyene ntawoba girira ikigongwe mbabajwenuyo mwana ntakindi