Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Abanyagihugu bifatiye umuntu afise inkoho
Musaga : Abanyagihugu bifatiye umuntu afise inkoho
jeudi 30 Ndamukiza 2015
Abari mu myiyerekano muri komine ya Musaga, bafashe umuntu yari afise inkoho yo mu bwoko bwa pistolet, akaba yari yayambariyeko impuzu z’ikarashishi, munsi kandi hariyo ipantaro y’igisoda.

Abari muri komine ya Musaga, imwe mu makomine imyiyerekano ikomeye cane, abanyagihugu bafashe umugabo yari yambaye impuzu z’ukwinonora imitsi, munsi, yari yambaye impuzu z’igisoda, aho yari afise inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Uwo yafashwe, akaba yaciye ahabwa abajejwe umutekano. Nk’uko aya makuru turiko tuyahabwa na bagenzi bacu bariko bakorera mu Bumanuko bw’igisagara, uwo afashwe akaba aje yiyongera ku wundi yafashwe kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ku mugoroba, uwo nawe bikavugwa ko ari Imbonerakure y’umugambwe CNDD FDD, yitwaje inkoho. Nk’uko bagenzi bacu babivuga, uwo yafatanywe iyo nkoho muri aka gatondo, si umusoda canke umuporisi.
Abanyagihugu bo ku Musaga kandi, bakaba bagiye guhitana abo muri komine ya Kinindo, hamwe na Kanyosha kugira binjire mu gisagara ca Bujumbura hagati, ariko bakavuga ko baciye baraswa na Ndirakobuca Gervais batazira Ndakugarika, bica bituma abari mu myiyerekano bahundagara, aho bamwe ndetse banakomeretse rwose.
Imyiyerekano rero ikaba iriko iraba mu makomine nka yose y’igisagara ca Bujumbura, aho Kinama, Kanyosha na Bwiza bazindukiye mu myiyerekano nabo, biyamiriza ikiring.o ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Aristide Nizigire
Messages
30 Ndamukiza 2015, 20:03, par Willy
Iyo Nyifato Ya #ndirakobuca Gervais Siyo Kuko Ivyo Yakoze Ntibishobora Kuba Inyishu Y’izo Mpari Ahubwo Nakore Adahengamye Kuko Ndazi Ko No Mukarangamutima Kanyu Ivyo Guhengama Ntabirimwo.Ba Mwumva Impanuro Kuko Namwe Ntimwigaba!
30 Ndamukiza 2015, 20:21, par Hamis
None kugira mureke abagumutsi mugihugu mushakiki? ayo ma karitiye ntimuzi nicenda nagatatu kwariyo yamaze abantu.
1er Rusama 2015, 01:34, par peter mugabe
natentamariyabarunditwarangayekuberawe narekere abandi kuko twaraciyubwenge natwe inokenyatwifatanijenabenewacu amakungu nabatware ayisisi irababona yibuke uhuru babo
1er Rusama 2015, 10:15, par MANIRARIHA CHARLES
ESE IYO BAPFUMA BAZINDUKA GUSENGA IMANA NGO IGIRE ICO IBABWIRA CANKE IBAKORERA KUKO NUBUNDI NIYO YIMIKA UWIGOMVYE CANKE IKANAMUKURA.NONE BAZOSHITSA RYARI?BASANZE BARWANYA IMANA NAHO?TUGIRE UBWENGE TUMENYE AHO IBINTU BIRONDERERWA.INTSINZI NI GORIATI CANKE NI DAWIDI?MWIZINA RYANDE?YOYO NTIBURA UKO IBIGENZA NTA KIYINANIRA NA KIMWE.TURARINDIRIYE RERO KIMWE MURIVYO.
1er Rusama 2015, 18:41, par uwarugira Jeanne
Abagowe bari mukangaratete kubera ako kagwi si abatutsi canke abahutu gusa kuko abishe iki gihugu ni akagwi karimwo abatutsi bigito nabahutu bigito bafatikanije na PETERO Nkurunziza.Hageze ko batuvako turabarambiwe
1er Rusama 2015, 22:30, par NDAYISENGA FELICIEN
JEWE MBONA BOVAA MU MABARABARA BAGASENGA BARINDIRIYE ICO IMANA IKORA KUKO NGO NTA BURONGOZI BUTAVA KU MANA