IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Amasasu yumvikanye

Musaga : Amasasu yumvikanye

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Amasasu menshi yumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane muri zone ya Musaga, karitiye ya Kinanira, ico yoba yari avuyeko kikaba kitaramenyekana.

Ayo masasu yumvikanye ku Musaga, muri zone yari yagandaguriwemwo umuntu ku muhingamo wo kuri uwu wa kane.

Uwo yagandaguwe ni uwahoze mu gisirikare c’Uburundi, ariko yasubijwe mu buzima busanzwe. Yarashwe n’abantu batamenyekanye, mu gihe yari hafi y’urugo rwiwe aho ku Musaga. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwishwe ari NSABIMANA Raymond, yiciwe ku Musaga kw’ibarabara rya 2 nomero 25.

OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwagandaguye uwo munyagihugu yamenyekanye, ko igiporisi kiriko kiramurondera.


IGIHE

Messages

  • none bazoheza kumarana ryari twizere katamuntu yahitanywe nayo masasu twari tumaze kabiri twibereye mumahoro nne barasubiye bakavyonzi

  • Kimurondera hehe arico camutumye

  • Abobantu baguma bica benewabo bibaza yuko aribo babaremwe ariko bamenye yuko iyabaremye ariyo mwene bushobozi nyamba mubica mwinyegeje ,mwinyegeza amaso yabantu ntimwenyegeza amaso yimana.bamenyeyuko ingero bagererako abandi ariyo bazogererwako nabo.

  • Erega muramarana nimutisubirako! Kamwe kamwe kuko vyakorwa kera, emwe jewe ndavuga mushatse mwogezaho kuko abo bantu mwica ntimurya! Namba mubona bibabereye, inka , impene n’ibindi bitungwa biribwa hasohoke itegeko ryo kureka kubibaga mubanze murye inyama z’abo mumaze kwica mwabicanyi mwe!
    Ntimukitwaze ubwoko canke imigambwe, ubutegetsi canke ibindi ngo mubandanye guhonya abantu Imana yiremeye. Imana irababona yemwe mukora ibizira mugasesa amaraso y’abantu. Geza aho ntimuzopfe mwangara nka gahini, reka guhumanya igihugu cacu dukunda n’Imana ikunda. Reka kuryana, geza aho gezaho! Abanyu nabo bazoshikirwa nimutisubirako, erga muzopfana intuntu n’agahinda kumuriko urica benewanyu mupfa ubusa gusa. Gezaho yemwe gezaho kuko ayamaze kumeneka ni menshi kandi Imana iri mw’ijuru birayibabaza ivyo mukora. Gez’aho gez’aho!
    Akataretse kaba gasema kandi ruriye abandi namwe rutabibagiye, akaje ntikazira umwe.
    Wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga imisozi ukabira nkayo!
    Uwufise amatwi yumva niyumve!

  • kuwamugandaguye yamenyekanye nibamwegereze,inyamiramabi

  • Mbe Nimba Yamenyekanye Bazomugira Iki? Vyose sibo babigira

  • Murabandanya Kudugira Imfuvyi Kuduhekura Imana Izishura Ntaco Ntamvura Idahita .

  • aho hoho nisawa ko mwamumenye nyimba atari ibinyoma kubora iyo mutamumenya twajanana amakenga kubera kumusaga nahantu hambere mugisagara hacunzwe nabajejwe umutekano beshi hama tukaguma twunva haguma hapfira abantu kandi hacunzwe cane birateyisoni

  • ivyo bitero vyamayvabaye biterwa na bande?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.