Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Musaga : Umuporisi umwe yaguye mu gitero
Yanditswe taliki ya 16-10-2015 - isaha 14:48' na IGIHE

Ikirindiro c’igiporisi kiri aho bita kuri OTRACO muri zone ya Musaga catewe mw’ijoro ryo kuwa kane rishira uwa gatanu. Abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bateye ico kirindiro, umuporisi umwe ahasiga ubuzima, uwundi arakomereka.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bitwaje ibirwanisho batanguye kurasa nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro. Hari hagati y’amabarabara y’umunani n’icenda muri zone Musaga, hepfo y’ico kirindiro c’igiporisi catewe, aho bita kuri OTRACO.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Abanyagihugu begereye ico kirindiro catewe bavuga ko abo bitwaje ibirwanisho barashe amasasu menshi, bongera batera amagerenade menshi. Abo banyagihugu bavuga ko ayo masasu yagiye guhera nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu.

Umuvugizi w’igiporisi OP1 Pierre NKURUKIYE amenyesha ko muri ico gitero umuporisi umwe yahasize ubuzima, uwundi arakomereka.

Ico gitero ku kirindiro c’igiporisi muri zone Musaga kigize kabiri mu minsi idashika indwi.

Ivyiyumviro vyanyu

Wap Nagahomera Bunwa Ivyo Muburundi

21.10.2015 à 20:43
Innocent Niyonkuru

uyo mwosti tangura turabe !!ko nkawewe unyamunzuhageze samoya udasohoka ngurabe pyu x10

20.10.2015 à 18:06
do

Mbe nkurikiye wewe iyo uriko urabesha nta soni wumva, na Peter yabigutumye ubwo bubeshi ntabwo yoshikako, murundi yica yihoreye ntarenza urwamo abantu kiretse iyo Denise yeretswe bagatambira ya mana yabo. kuko Imana ni nyinshi igikuru ni ukumenya iyukuri.

19.10.2015 à 20:28
peter

Reka kubesha ntamuposi ariko arapfa kobica abanyagihugu babaziza ubusa nabo bopfa ndazi ko abaporisi bazi ko ataruyfu rubaha nabo nibavyuvye

18.10.2015 à 22:50
Kaga

Abapolisi bapfa kumunsi kumunsi ONU yoyo ibavugako iki ?? Bobo bicwa nabande ? Barica abapolisi bakaca birukira mumazu hama police yishe abantu ahubwo barikwica quartier yose niho barikuvuga neza

18.10.2015 à 14:46
u

NIMUREKE KUBESHA BAMUVUGISHUKURI.

17.10.2015 à 15:48
THEOPHILE

icoba ciza n,uko ubwicanyi bwohagarara.abarundi tukaronka amahoro.

17.10.2015 à 14:49
Toyi Félix

NONE ABOBAGIZI BANABI BIFUZIKI ?IYONZIRAKARENGANE IMANIMWAKIRE

17.10.2015 à 13:02
WAKINAMA

Urabesha nyoko naso bobatize !twebwe kotuziko atanumwe twasigaje,ninkoho zabo aritwe tuzifise !rindira nawewe tuzokuzira

17.10.2015 à 11:43
kuku

uyomugabo aho yabeshey atavugisha ukuri aragow imbere y imana ngobahitwanwe namasasu aribo babishe ngohapfuy umwe barundi barundikazi niduhaguruke twikureko akokarwi ka pater atabona amaraso aseseka ataco bazira ngonuko batemera ikiringo ciw ca (3) nadukinjurire turonke amahoro

17.10.2015 à 11:06
Egide ndikumana

Mana Tabara Ababar,undi Bave Muri Iyintambara Ihaye Iraba Muri Kino Gihugu C,uburundi Ababantu Boba Batunze Ibirwaniso Batabifitiye Uruhusa Mana Bagaragaze Bafatwe Kuko Nibo Nkozi Z,ibibi Nibo Baduhekura Baroteba Bafatwe .Mana Uratwiyumvirako Udutabare Uturambikeko Ibiganza Vyawe.

17.10.2015 à 09:42
ndayikeza Ernest

Iki kirofa ko ataco cavuze igihe bagandagura abantu icenda mungagara ?

17.10.2015 à 08:53
ggg

IVYOVYOSE UMUKURUW’IGIHUGUYOVUGA IJAMBORIMWE VYOHAGARARA KUKONIWE SEBARUNDI KANDI AFISE INGABOZIYEMERA N’AKORE IBISOBOKA VYOSE UBWO BUDUMBIDUMBI BW’ABITWAJE IBIRWANISHO ABURWANYE TWEBWE ABARUNDI DUKENEYE AMAHORO KANDI NTITUZIHANGANIRA UMUNTUN’UMWE ATOBA UMUTEKANO WACU.

17.10.2015 à 08:37
PIERRE

mana shir uburundi mu mabokoyawe kuko ibirikobiraba nibiteyiso

17.10.2015 à 07:34
freedom

Imigwi ya bihevyi kwisi niko itangura.nukuraba neza kuko bira shobora guhindura inshusho yi gihugu. camp muha ntiyatabaye kwari hafi cane ? abo bagwanyi buca kabili batere ayo ma kambi yo ku musaga. igi polusi kizohava kirengegwa nivyo bitero sindamusiga. igi polisi turagihojeje ni midyango yose yaba polisi birigwa barica uko bukeye. imana ibakire mu bwami bwayo.

17.10.2015 à 02:14
gakozi emmanuel i Pretoria

Imigwi ya bihevyi kwisi niko itangura.nukuraba neza kuko bira shobora guhindura inshusho yi gihugu. camp muha ntiyatabaye kwari hafi cane ? abo bagwanyi buca kabili batere ayo ma kambi yo ku musaga. igi polusi kizohava kirengegwa nivyo bitero sindamusiga. igi polisi turagihojeje ni midyango yose yaba polisi birigwa barica uko bukeye. imana ibakire mu bwami bwayo.

17.10.2015 à 02:11
gakozi emmanuel i Pretoria

Wewe bwacu uru munyarwanda inyenzi nkotanyi wandika vyiburundi wewe urabizi Mwene ivyomuriko murakora iyigwano ntizoherera ngaho. Burundi izoherera ikigari murwanda ntimwihende basha

16.10.2015 à 22:35
Frodebu

ESE UBWICANYI UBWICA BWOMUBURUNDI NTIBUZOHERA EKA UWAVUZ’ATI ? UTORANABI UGATWARWA NABINTIYABESE ; BIRABABAJE !!!!!!....... IMANA IKWIYE KUGARUKIRA UBURUNDI KUKO BIRABABAJE.

16.10.2015 à 22:03
Mwotsi

ESE UBWICANYI UBWICA BWOMUBURUNDI NTIBUZOHERA EKA UWAVUZ’ATI ? UTORANABI UGATWARWA NABINTIYABESE ; BIRABABAJE !!!!!!.......

16.10.2015 à 22:00
Mwotsi

vyukuri muratwenza.umuntu acumva ko azofata ubutegetsi abicishije kunkoho nacire birarura.aha twotumaturwana mpaka isi isenyutse.nuguta umwanya iconzi abashaka ivyiyumviro vya cnared muri kurushi.ninacogituma atawe mwokanga ikindi igihugu sicana

16.10.2015 à 21:51
intagoheka
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.