Umusore yari apfungiwe mu gasho ka komine Musaga yagandaguwe

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 juin 2016 saa 01:37
Yasomwe : 68697
0 0

Umunyagihugu yahora apfungiwe muri zone Musaga yaraye yishwe, inkoho zibiri nazo zirafatwa aho nyene ku Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi bamenyesha ko uwo yishwe yari yafashwe kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko ari mu bahungabanya umutekano, akaba yahitanwe n’amasasu hagati y’abaporisi n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, nk’uko igiporisi kibisigura.
Emmanuel NAHIMANA ni umusore yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, akaba yari yafatiwe mu Gikoto, muri zone Musaga akekwa ko (...)

Umunyagihugu yahora apfungiwe muri zone Musaga yaraye yishwe, inkoho zibiri nazo zirafatwa aho nyene ku Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi bamenyesha ko uwo yishwe yari yafashwe kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko ari mu bahungabanya umutekano, akaba yahitanwe n’amasasu hagati y’abaporisi n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho, nk’uko igiporisi kibisigura.

Emmanuel NAHIMANA ni umusore yaraye yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, akaba yari yafatiwe mu Gikoto, muri zone Musaga akekwa ko ari mu bantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri ariho igiporisi camukura mu gasho ka zone Musaga, Emmanuel NAHIMANA akaba yari yemeye ko agiye kwerekana ahari ububiko bw’inkoho mu Kinanira.

Umukuru w’ikirindiro co ku Musaga, OPP2 MANIRAMBONA Désiré asigura ko bashitse kw’ibarabara rya gatanu mu Kinanira, barashwe n’abantu bitwaje inkoho bari babategereye, igiporisi gica kirasana n’abo bantu, ayo masasu akaba ariyo yahitanye uwo musore Emmanuel NAHIMANA yari mu minwe y’abajejwe umutekano. Ku ruhande rw’abajejwe umutekano akaba atacononekaye.

Mu giporisi aho ku Musaga bavuga ko inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov zafashwe, abantu 25 nabo barahagarikwa mu gatando ko kuri uwu wa gatatu.

Aho kuri komine Musaga, mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, wari umubabaro n’amarira ku bantu bari baje kugemurira uwo Emmanuel NAHIMANA yaraye agandaguwe, mu muryango wiwe bakaba bari bazi ko agipfunzwe.


Kumenyekanisha

1
Edith Claudeth 18-06-2016 à 00:11

Jewenumvabaragizenezakubera Iyaronkahaca Yomazabantukandi Turizeyimanakwizodufashirirabobajejwumutekano Bakazabarivunabasi Natwetworonkamahoro

2
Akhur 17-06-2016 à 10:15

Abjejwe Ibikrwa Vyihohterwa Nibkore.Ahasgay Barke Kwitez Utnyoni Ngo Nabtegew.Kuk Bategra Uwutgira Inkoh Bakreka Abzifse.Uwowes Abkora Ameny Ko Uwudahaw N Ijish Ahabw N Ugutw.Ok

3
isaac 17-06-2016 à 04:26

isaac

4
pm 17-06-2016 à 04:22

Pm

5
WIR 16-06-2016 à 20:58

TURABABAYECANE

6
Umuhutu wumutima 16-06-2016 à 19:07

Amarira turiko turarira buca duhozwa........... Gikoto mwaramaze kwishiramwo ko ari mu ba Fnl murihenda ica canke mureke mwa nkoto za ba DD gafere (Freddy maire de la Ville arababesha ni nzisabira nzisumira ico kimenabangaaa nyagukubitwa ninkuba arakarara akerewe izosi na Nkurumbwa iyataba we ntituba twirirwa turahekurwa abacu Uhoraho weeeee Umuvukanyi wacu azize amajambo meza yahanuye Eric Imbonerakure aramuhigira none nguyo aratuvuyemwooo

7
Beach 16-06-2016 à 17:35

Danger

8
Kagame 16-06-2016 à 11:50

Insiguro ya police uwo yemera numwana afise amezi 2 avutse....c’est une honte !

9
tari 16-06-2016 à 11:45

Iconikinyoma cambaye ubusa izo nkoho nizanyu ukwonukugira muhume amaso amakungu uwomuntu ntawundi mugambi mwarimumufitiye uretse kumugandagura igihe mwamukura mwibohero izonkoho nizanyu nimureke kubesha kuko nabasoda mwarikumwe baremezako at abarwanyi baribahari ko ari irementanya

10
allj 16-06-2016 à 09:53

oy non bameny

11
pamba 16-06-2016 à 08:52

Numubabaro kweri mbe kobatamutwaye kumurango habona ??ivyuburundi nikibazo

12
Vivi 16-06-2016 à 06:30

Ahubwo Abajejwe Gushira Kurutonde Amabi Akogwa Niyireta Nanyarutse Kuvyandika

13
KEI-B PATRON 15-06-2016 à 21:59

Asha Ndashmye Kwivyo Vyabye Nukur Nibhagane Kubabuz Kubajejwe Umutekano Nukur Ndabshmiy Muz Murakor Uko Mub Mas Kuk Ub Nigoran

14
Mudwinzi Ruyuki 15-06-2016 à 21:38

Ni uguhana izo nkozi zikibi kugeza zumvishe neza uko.urusoro rubiha.

15
MUYAHUDI 15-06-2016 à 20:40

BA POLICE BIBURUNDI NUKURI MWIHANGAN KWELI MUFIS AKAZI GAKOMEY MURINOMISI ARIKO MWIYUBAR DROIS DE L’HOMME NTIBAKOREKO ZEMURAKORESHA AKENG KUBURAMBE MUKAZI MURABONAKO MISSION ZOHANZ ZIRIKOZIGENDA NABI KURUHAND GWANY MAIS TURABASENGERA IBIVYOS BIZOHERA

16
krode 15-06-2016 à 19:20

ICO SHIMIYE NUKO ABAJEJWE UMUTEKANO BAVYIFASHEMWO NEZA BAGAFATA NINKOHO UWAPFU NAWE,NIBIHANGANET NISANGANYA !

17
kaneza eliane 15-06-2016 à 18:51

Ngirango ayo masasu yari amuzi Emmanuel. Ni baheza kwica abana na bo Imana izobaha ico bakwiranye. Ni bareke kubesha.

18
Nsengiyumva Emmanuel 15-06-2016 à 18:02

Je nibaza ko ayo makuru atangwa n’igipolisi ari icitwazo kuko sinumva ingene bahengera ijoro bakamukura mu gasho ngo agiye kubereka ahanyegeje ibirwanisho,vyukuri nimba ivyo ari vyo ko batarindiriye bugaca ! Kimwe kigaragara bashatse kurondera insiguro z’urwo rupfu. Ayandi makenga, ningene urusase rwatoye iyo nzirakarengane. Aha umuntu yokwibaza nimba urusase rusigaye rutinya polisi ! Nibemange ko bamugize nk’abandi kuko nta gishasha turabimenyereye.

19
ndayishimiye arthémon 15-06-2016 à 17:30

Nibareke kubesha nibo bamwishe mbega urwo rusasu rwari rwanditseko emmanuel. ? Kuki hatapfuye umu Police nunca. ?

20
murundi 15-06-2016 à 14:24

abantu nkabo ntakubabika abo nintumwa Za babuyoya nibobari kuvurugigihugu ntakubabika. mubafashe ca mubatunganiriza vuba,

1 | 2
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha