Musaga : Umwe yishwe, uwundi arakomereka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 Rusama 2016 saa 02:32
Yasomwe : 53154
0 0

Abantu batamenyekanye barishe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu umunyagihugu umwe, hakomereka uwundi yaciye ajanwa kwa muganga, muri zone ya Musaga.
Uwagandaguwe yari azwi kw’izina rya Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE, abamwishe bakaba bamusanze hafi yo ku muhana iwe, baramurasa, aca yitaba Imana.
Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE asize umugore n’abana bane, akaba yari umunywanyi wa CNDD FDD, mu Mbonerakure.
N’uwarasiwe muri karitiye ya Gitaramuka, muri zone Musaga ariko akaba (...)

Abantu batamenyekanye barishe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu umunyagihugu umwe, hakomereka uwundi yaciye ajanwa kwa muganga, muri zone ya Musaga.

Uwagandaguwe yari azwi kw’izina rya Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE, abamwishe bakaba bamusanze hafi yo ku muhana iwe, baramurasa, aca yitaba Imana.
Jean Bosco HABONIMANA, batazira NDADAYE asize umugore n’abana bane, akaba yari umunywanyi wa CNDD FDD, mu Mbonerakure.

N’uwarasiwe muri karitiye ya Gitaramuka, muri zone Musaga ariko akaba yarakomeretse, nawe yari Imbonerakure y’umugambwe CNDD FDD, nk’uko vyamenyeshejwe n’ababanyi biwe.

Igiporisi kikaba cazindutse kirahagarika abantu muri ivyo bibanza vyahungabanyemwo umutekano, abataramenyekana igitigiri akaba aribo batawe muri yompi.


Kumenyekanisha

1
KANYWABUKI 6-05-2016 à 15:48

AHO BEREKANA KO ATACO BAMAZE UBUNDIBWO UWIYEMERA ATERA UMUSODA NKAWE NTAZA MUBANYAGIHUGU

2
Burundi 6-05-2016 à 04:50

Ntagihugu barofata ngo nuko bariko bica abanywanyi bu mugabwe urikutegetsi.Kugira berekane yuko bipfuza ubutegetsi bategerezwa gutera ahantu hari abasoda bagahangana ubundi bwo.Abotubita abagira itarabwoba.Ntawica abanyagihugu aronka igihugu.

3
Nene Nesta 5-05-2016 à 21:02

Abo bantu ntabwo bazi kwica ahakumara bose bakaguma bakuramo kamwe kamwe nabonyene vyabananiye

4
sibona ferdinand 5-05-2016 à 19:53

abarundi bararuhishijwe namaraso yabantu adasiba guseseka

5
mashite fer 5-05-2016 à 19:47

abarundi bararuhishijwe namaraso adasiba guseseka

6
MUYAHUDI 5-05-2016 à 19:12

KARABAYINGANI NTAMUSI WOKWIJANA ATAMUNTU APFUY IBURUNDI! YESU DUTABARE TURAGERAMIW!

7
CAKIRA 5-05-2016 à 16:40

ububwicanyi bukoregwa nabanywanyi ba CNDD-FDD,Magi na Mbonimpa bariko babironkera agashimwe ko bishe benshi nubu bacica ariko IMANA niyonkuru

8
NIHESO RUMONGE 5-05-2016 à 16:32

GUSESA AMARASO NTAMUTI URIMWO UMUNTU AREMWE MWISHUSHO YIMANA

9
tari 5-05-2016 à 16:24

Ivyobishobora kuba biri murukurikirane rwayamarementanya yaba DD mugenda mukagandagura abantu mwaheza mugaca mubitirira abanywanyi Banyu kukira mukunde muhishe amabi muriko murakorera abanyagihugu

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha