Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Mutakura - Cibitoke : Abanyagihugu biriwe mu masasu n’amagerenade
Yanditswe taliki ya 27-10-2015 - isaha 09:29' na IGIHE

Amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye mu Cibitoke hagati ya Kamenge n’ibarabara bita Kurya KANYONI, kuva ku muhingamo ko kuri uwu wa mbere, gushika mw’ijoro amasasu akaba yari acumvikana. Intango ya vyose ni umuntu bivugwa ko ari umusazi yugarije ibarabara ry’umunani.

Hagati y’ibarabara ry’indwi n’iry’umunani muri zone ya Cibitoke, nk’igihe c’isaha zitanu z’umurango, haje umuntu aba mu Ngagara bivugwa ko adakomeye neza mu mutwe. Yari afise ikibugita kirekire, aca yugaza umusigiti wo mu Cibitoke kw’ibarabara ry’umunani. Abaporisi n’abasirikare baragerageje kumwaka iyo mbugita biranka, barasa amasasu menshi hejuru, ariko ntiyava aho ku bwinjiriro bw’umusigiti. Abaporisi bararashe kandi n’ivyuka bikoroza amosozi, ariko ntaco vyamugira.
Abajejwe umutekano baciye baguma ngaho bacunganye nawe, ibarabara bita irya Kanyoni ntiryaba rikirengana.

Ukwo gucungana kwavuyemwo ihungabana ry’umutekano

Nk’igihe c’isaha indwi z’umurango, urwamo rw’amagerenade abiri atewe rwarumvikanye, haca hakurikira amasasu menshi yarashwe mu mpande zose, abari bashengereye uwo muntu barashwiragira. Ayo masasu n’amagerenade vyarabandanije gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, bikavugwa ko uwo muntu yahavuye ahitanwa n’ayo masasu.

Karitiye ya Mutakura nayo nyene yahavuye ishikirwa, humvikanayo amasasu menshi n’amagerenade, amabarabara yompi arugarwa, iryo ku Mutakura bita irya Muzinda hamwe n’iryo mu Cibitoke bita irya Kanyoni.

Ivyononekariye muri ayo masasu n’amagerenade ntibiramenyekana, tukaza kubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Ivyiyumviro vyanyu

dusavyekovyohera tukiga twebwe abanyeshure

29.10.2015 à 18:07
asani

Muraba mwumva ko uyo musazi yazananye mu ngagara,aho ntimuca mutahura ko yarungitswe nababandi nyene ngobasamaze abajejw umutekano gutyo babone kwirara mubanyagihugu ?abajejw umutekano muragabe ntibaze barabasamaza nejo mukabona uwigiz umusazi muramutumbereza neza bitaririrwa biraba birebire !

29.10.2015 à 17:02
Francine

umusazi ???????????iyo ni imbonerakure yatumwe na cndd fdd kugirango babone uko bamara abarundi

27.10.2015 à 12:25
nyurwa

None twovuÄ£a yuÄ·o uwo muntu nàbo bàpolisi uwukomeye muribo nînde umusazi ninde ubwo ntibagwaye bose nukuraba neza ivyo bàkora ntivyerekana à»muntu muzima

27.10.2015 à 12:24
Ngojeya tu

Aba sans echecs bariko barica inzirakarengane zabaturage na grenades. Barabeshya kuko UMUNYWAMARASO KAGAME abashuka.

27.10.2015 à 11:14
CYUMACINYUNDO

AMASASUTURAYAMENYEREYE.NTAWUNDINHRUHARA

27.10.2015 à 10:46
MANI

abo bapolisi nibo basara kuko ntawurasa canke ngwacunge umusazi

27.10.2015 à 09:41
nijipis

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.